Kwamamaza inkuru nziza
Kubera iki abakirisu b’ukuri bose babwira abandi ukwizera kwabo?
Ni akarorero akahe Yezu yatanze mu bijanye n’igikorwa co kwamamaza?
Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:
Lk 4:42-44—Yezu yavuze ko yarungitswe kw’isi kuvuga inkuru nziza
Yoh 4:31-34—Yezu yerekanye ko igikorwa co kwamamaza inkuru nziza ari nk’ibifungurwa kuri we
Abagabo bafise ubukuru mw’ishengero boba ari bo bonyene bafise ibanga ryo kwamamaza inkuru nziza?
Zb 68:11; 148:12, 13; Ivk 2:17, 18
Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:
2Bm 5:1-4, 13, 14, 17—Agakobwa kamwe k’Akisirayeli karabwiye inabuja wako w’Umusiriya ivyerekeye umuhanuzi wa Yehova Elisha
Mt 21:15, 16—Yezu yaranse ivyiyumviro vy’abakuru b’abaherezi n’abanditsi batashimye kubona abana b’abahungu bariko barashemeza Yezu mu rusengero
Ni uruhara uruhe abahagarikizi b’ishengero barangura mu kwamamaza inkuru nziza no mu kwigisha abandi?
Yehova na Yezu badufasha gute kurangura igikorwa co kwamamaza?
Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:
Ivk 16:12, 22-24; 1Ts 2:1, 2—Naho intumwa Pawulo na bagenziwe bafashwe nabi, barabandanije kwamamaza n’ubutinyutsi bafashijwe n’Imana
2Kr 12:7-9—Intumwa Pawulo yari afise «ihwa mu mubiri» ryamubabaza, kumbure ikaba yari indwara arwaye. Ariko Yehova yaramuhaye inguvu kugira abandanye kwamamaza inkuru nziza atadebukirwa
Ni nde canke ni igiki gituma umukirisu akwiza ibisabwa vyo kwamamaza?
Tuzi gute ko Yehova ashaka ko tumenyereza abandi kwamamaza no kwigisha?
Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:
Yes 50:4, 5—Imbere y’uko Mesiya aza ng’aha kw’isi, Yehova Imana yaramumenyereje we ubwiwe
Mt 10:5-7—Yezu ari ng’aha kw’isi yaramenyereje abigishwa biwe yihanganye, abigisha kurangura igikorwa co kwamamaza
Dukwiye kubona gute igikorwa twashinzwe co kwamamaza inkuru nziza?
Igikorwa co kwamamaza gituma abakirisu biyumva gute?
Ni ibiki tuvuga igihe twamamaza inkuru nziza?
Mt 24:14; 28:19, 20; Ivk 26:20; Ivy 14:6, 7
Raba kandi Yes 12:4, 5; 61:1, 2
Kubera iki abakirisu bashira ahabona inyigisho z’ikinyoma?
Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:
Mr 12:18-27—Yezu yarafashije Abasadukayo kuzirikana afatiye ku Vyanditswe, arabereka ko bihenda kuba batemera izuka
Ivk 17:16, 17, 29, 30—Intumwa Pawulo yarafashije abantu b’i Atene kuzirikana, arabereka ko gusenga ibigirwamana ari bibi
Igikorwa co kwamamaza gikorwa gute?
Kubera iki twamamaza ku mugaragaro?
Yoh 18:20; Ivk 16:13; 17:17; 18:4
Raba kandi Img 1:20, 21
Ni igiki cerekana ko igikorwa cacu gisaba kwihangana no kwumirako?
Ni ivyiza ibihe biva ku gikorwa co kwamamaza?
Kubera iki bibereye ko dushinga intahe igihe cose akaryo kabonetse?
Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:
Yoh 4:6, 7, 13, 14—Naho Yezu yari arushe, yarabwiye inkuru nziza umugore w’Umusamariyakazi kw’iriba
Fp 1:12-14—N’igihe Pawulo yari apfunzwe azira ukwizera kwiwe, yarakoresheje uturyo yari afise two gushinga intahe no kuremesha abandi
Twoba dukwiye kwitega ko bose bazokwumviriza ubutumwa twamamaza?
Yoh 10:25, 26; 15:18-20; Ivk 28:23-28
Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:
Yr 7:23-26—Biciye kuri Yeremiya, Yehova yaravuze ukuntu abasavyi biwe bagumye banka kwumviriza abahanuzi biwe
Mt 13:10-16—Yezu yavuze ko nk’uko vyari mu misi ya Yesaya, benshi bazokwumva ubutumwa ariko ntibabwemere
Kubera iki tudatangazwa no kuba abantu benshi bafatirwa cane ku buryo batatwumviriza?
Ni ibiki vyerekana ko bamwe bazokwumviriza bakongera bagashimishwa mu ntango ariko ntibabandanye?
Ni uburorero ubuhe budufasha kudatangara igihe hari abarwanije imbonankubone igikorwa cacu co kwamamaza?
Dukora iki igihe bariko bararwanya igikorwa cacu?
Kubera iki twokwemera tudakeka ko hari abazokwakira neza inkuru nziza?
Ni ibanga rihambaye irihe abamamaza inkuru nziza bajejwe?
Ivk 20:26, 27; 1Kr 9:16, 17; 1Tm 4:16
Raba kandi Ezk 33:8
Kubera iki dukwiye kubwira ubutumwa abantu bose tutaravye idini, ibara ry’urukoba canke igihugu bavamwo?
Mt 24:14; Ivk 10:34, 35; Ivy 14:6
Raba kandi Zb 49:1, 2