Kuvunika umutima
Kuvunika umutima igihe abandi badukoreye amakosa, batubabaje canke baduhemukiye
Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:
1Sm 8:1-6—Umuhanuzi Samweli yarababaye yongera aravunika umutima igihe Abisirayeli basaba bashimitse ngo bahabwe umwami
1Sm 20:30-34—Yonatani yarababaye yongera yumva amaramaye igihe se wiwe umwami Sawuli yamukankamira
Ivyanditswe biremesha:
Raba kandi Img 19:11; Fp 4:8
Inkuru zo muri Bibiliya ziremesha:
Zb 55:12-14, 16-18, 22—Igihe umwami Dawidi yahemukirwa n’umugenzi wiwe somambike Ahitofeli, yaratereye umuzigo wiwe kuri Yehova aca ararema
2Tm 4:16-18—Igihe intumwa Pawulo yari mu bihe bitoroshe, abantu baramuhevye ariko yararonse ububasha buvuye kuri Yehova yongera akomezwa n’icizigiro Yehova atanga
Kuvunika umutima kubera ubugoyagoye bwacu n’ibicumuro vyacu
Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:
Zb 51:1-5—Umwami Dawidi yaratuntuye cane kubera yacumuye kuri Yehova
Rm 7:19-24—Intumwa Pawulo yarababazwa cane n’ingene yaguma anyinyana n’impengamiro yari afise zo gukora igicumuro
Ivyanditswe biremesha:
Inkuru zo muri Bibiliya ziremesha:
1Bm 9:2-5—Naho umwami Dawidi yakoze ibicumuro bikomeye cane, Yehova yagumye abona ko yamukoreye n’umutima wiwe wose
1Tm 1:12-16—Naho intumwa Pawulo yari yarakoze ibicumuro bikomeye muri kahise, yari yizigiye adakeka ko Imana yamubabariye