Kutubaka urwawe
Kubera iki kutubaka urwawe bishobora kubonwa ko ari ingabirano?
Kubera iki vyoba ari bibi guhata umukirisu atarubaka urwiwe ngo yubake?
Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:
Rm 14:10-12—Intumwa Pawulo arerekana igituma ari bibi gucira urubanza umukirisu mugenzi wacu
1Kr 9:3-5—Intumwa Pawulo yari afise uburenganzira bwo kwubaka urwiwe, ariko kuba atari yubatse vyatuma yitunira ku gikorwa yarangura
Abatarubaka urwabo boba bakwiye kubona ko babwirizwa kwubaka kugira bagire ubuzima buhimbaye?
Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:
Abc 11:30-40—Umukobwa wa Yefuta ntiyigeze yubaka urwiwe mugabo yarashoboye kugira ubuzima buhimbaye
Ivk 20:35—Ayo majambo Yezu yavuze arerekana ko naho atari yubatse yari ahimbawe kubera ko yakorera ivyiza abandi
1Ts 1:2-9; 2:12—Intumwa Pawulo, akaba atari yubatse urwiwe, aravuga ivyiza biteye umunezero vyava ku gikorwa yarangura
Kubera iki abatubatse bakwiye kuguma badahumanye mu nyifato runtu nk’abandi basavyi b’Imana bose?
1Kr 6:18; Gl 5:19-21; Ef 5:3, 4
Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:
Img 7:7-23—Umwami Salomo aravuga ibintu bibabaje vyashikiye umusore yemeye kuryoshwaryoshwa n’umugore w’igihumbu
Ind 4:12; 8:8-10—Umukobwa w’Umushulamukazi yarahayagijwe kubera ko yagumye yigenza neza
Ni mu bihe ibihe vyoba vyiza uwutubatse yiyumviriye ivyo kwubaka urwiwe?
Raba kandi 1Ts 4:4, 5