ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • scl rup. 34-35
  • Ibidutandukanya n’abandi mu kibano

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ibidutandukanya n’abandi mu kibano
  • Ivyanditswe bidufasha mu buzima
Ivyanditswe bidufasha mu buzima
scl rup. 34-35

Ibidutandukanya n’abandi mu kibano

Ibara ry’urukoba, umuryango umuntu akomokamwo canke uko ivyiwe vyifashe mu vy’ubutunzi vyoba bituma aruta abandi imbere y’Imana?

Ivk 17:​26, 27; Rm 3:​23-27; Gl 2:6; 3:28

  • Inkuru yo muri Bibiliya yogufasha:

    • Yoh 8:​31-40—Abayuda bamwebamwe bariratira kuba Aburahamu yari sekuruza wabo, ariko Yezu yarabakosoye kubera ko bakora ibitandukanye n’ivyo Aburahamu yakora

Hoba hari icotuma dusuzugura abantu tudasangiye ibara ry’urukoba canke igihugu?

Yoh 3:16; Rm 2:11

  • Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:

    • Yon 4:​1-11—Yehova yarihanganiye umuhanuzi Yona aramwigisha kugaragariza imbabazi abantu b’i Ninewe, bakaba bava mu gihugu gitandukanye n’ica Yona

    • Ivk 10:​1-8, 24-29, 34, 35—Intumwa Petero yaratahuye ko adakwiye gufata abanyamahanga nk’abahumanye. Ivyo vyatumye afasha Koruneliyo n’urugo rwiwe gucika abakirisu ba mbere b’abanyamahanga batagenyerewe

Umukirisu atunze yoba akwiye kwumva ko ari hejuru y’abandi canke kwitega ko bamufata mu buryo budasanzwe?

1Tm 6:​17, 18; Yak 2:​2-4

Raba kandi Gus 8:​12-14; Yr 9:​23, 24

Kuba umuntu ari umuhagarikizi vyoba bisobanura ko aca aba uwuruta abandi canke ko aca agira uburenganzira bwo kubakandamiza?

2Kr 1:24; 1Pt 5:​2, 3

  • Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:

    • Gus 17:​18-20—Imana yagabishije ko ata mwami wo muri Isirayeli yari akwiye kwishira hejuru y’abasavyi bayo kubera ko bari benewabo

    • Mr 10:​35-45—Yezu yarakosoye intumwa ziwe kubera ko bari barajwe ishinga cane no kuronka ubukuru

Imana yemera umuntu ameze gute?

Kv 19:5; Rm 10:12; 1Yh 2:17

Umukirisu yoba akwiye gushigikira abaharanira amahinduka?

Ef 6:​5-9; 1Tm 6:​1, 2

  • Inkuru yo muri Bibiliya yogufasha:

    • Yoh 6:​14, 15—Naho abantu benshi bari biteze ko Yezu atorera umuti ingorane z’igihugu cabo, yaranse kuba umwami kw’isi

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika