Ibidutandukanya n’abandi mu kibano
Ibara ry’urukoba, umuryango umuntu akomokamwo canke uko ivyiwe vyifashe mu vy’ubutunzi vyoba bituma aruta abandi imbere y’Imana?
Ivk 17:26, 27; Rm 3:23-27; Gl 2:6; 3:28
Inkuru yo muri Bibiliya yogufasha:
Yoh 8:31-40—Abayuda bamwebamwe bariratira kuba Aburahamu yari sekuruza wabo, ariko Yezu yarabakosoye kubera ko bakora ibitandukanye n’ivyo Aburahamu yakora
Hoba hari icotuma dusuzugura abantu tudasangiye ibara ry’urukoba canke igihugu?
Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:
Yon 4:1-11—Yehova yarihanganiye umuhanuzi Yona aramwigisha kugaragariza imbabazi abantu b’i Ninewe, bakaba bava mu gihugu gitandukanye n’ica Yona
Ivk 10:1-8, 24-29, 34, 35—Intumwa Petero yaratahuye ko adakwiye gufata abanyamahanga nk’abahumanye. Ivyo vyatumye afasha Koruneliyo n’urugo rwiwe gucika abakirisu ba mbere b’abanyamahanga batagenyerewe
Umukirisu atunze yoba akwiye kwumva ko ari hejuru y’abandi canke kwitega ko bamufata mu buryo budasanzwe?
Raba kandi Gus 8:12-14; Yr 9:23, 24
Kuba umuntu ari umuhagarikizi vyoba bisobanura ko aca aba uwuruta abandi canke ko aca agira uburenganzira bwo kubakandamiza?
Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:
Gus 17:18-20—Imana yagabishije ko ata mwami wo muri Isirayeli yari akwiye kwishira hejuru y’abasavyi bayo kubera ko bari benewabo
Mr 10:35-45—Yezu yarakosoye intumwa ziwe kubera ko bari barajwe ishinga cane no kuronka ubukuru
Imana yemera umuntu ameze gute?
Umukirisu yoba akwiye gushigikira abaharanira amahinduka?
Inkuru yo muri Bibiliya yogufasha:
Yoh 6:14, 15—Naho abantu benshi bari biteze ko Yezu atorera umuti ingorane z’igihugu cabo, yaranse kuba umwami kw’isi