ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • scl rup. 91
  • Ugusenga; ibikorwa bijanye n’ugusenga

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ugusenga; ibikorwa bijanye n’ugusenga
  • Ivyanditswe bidufasha mu buzima
Ivyanditswe bidufasha mu buzima
scl rup. 91

Ugusenga; ibikorwa bijanye n’ugusenga

Ni nde wenyene abereye gusengwa?

Kv 34:14; Gus 5:​8-10; Yes 42:8

  • Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:

    • Mt 4:​8-10—Shetani yaremereye Yezu ubwami bwose bw’isi aramutse yemeye kumusenga, ariko Yezu yaravyanse kuko yari yiyemeje gusenga Yehova wenyene

    • Ivy 19:​9, 10—Umumarayika akomeye yaranse ko intumwa Yohani imusenga

Yehova yipfuza ko tumusenga gute?

Yoh 4:24; Yak 1:​26, 27

  • Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:

    • Yes 1:​10-17—Yehova ariyamiriza akongera agasuzugura ugusenga kw’uburyarya kw’abantu banka gukurikiza amategeko yiwe

    • Mt 15:​1-11—Yezu yarerekanye ko Yehova adashima abamusenga mu buryo bwo guheza umwuga, bagashira imbere amategeko y’abantu aho gushira imbere amategeko y’Imana

Igihe cose bishoboka, dukwiye kwifatanya na bande mu gusenga Yehova?

Heb 10:​24, 25

Raba kandi Zb 133:​1-3

  • Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:

    • Ivk 2:​40-42—Mu kinjana ca mbere, abakirisu barakoranira hamwe kugira basenge, bifatanye na bagenzi babo bongere bige inyigisho zahumetswe n’impwemu nyeranda

    • 1Kr 14:​26-40—Intumwa Pawulo yavuze ko amakoraniro y’ishengero akwiye kuba mu rutonde akaba n’ayaremesha, kugira ngo bose bashobore gutahura ibiriko birigishwa, bagire ico bahigiye

Dukwiye gukora iki kugira ngo Yehova yemere ugusenga kwacu?

Mt 7:​21-24; 1Yh 2:17; 5:3

  • Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:

    • Heb 11:6—Intumwa Pawulo yasiguye yuko iyo tudafise ukwizera tudashobora gusenga Yehova mu buryo yemera

    • Yak 2:​14-17, 24-26—Yakobo mwene nyina wa Yezu yasiguye yuko ukwizera kwacu gukwiye kujana n’ibikorwa. Ukwizera gutuma tugira ico dukoze

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika