IGICE CA 2
Kuva mu gihe c’abami gushika ku gusanura Yeruzalemu
Integuro icapuwe
Inkuru zivugwa muri iki gice zabaye mu kiringo c’imyaka nka 600. Zitangurira kuri Yonatani umuhungu w’umwami Sawuli. Ziravuga ivyerekeye Dawidi, umwami wa mbere w’umwizigirwa yatwaye Isirayeli. Zirabandanya gushika igihe abasavyi b’Imana bava mu bunyagano i Babiloni n’igihe basanura Yeruzalemu. Turaremeshwa n’akarorero ka Abigayili, Natani, Eliya, Daniyeli, Esiteri, Nehemiya, n’abandi. Barahuye n’ingorane zatumye bakenera umutima rugabo, nko kuyobora abasavyi b’Imana b’abagarariji, kwihanganira amakosa y’abategetsi bahuvye, no kuburanira ukuri igihe abantu Imana yitoreye basenga ibigirwamana bagakora n’ibindi bibi.