ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • lfb icig. 42 rup. 102-rup. 103 ing. 3
  • Umugenzi nyawe kandi adatinya

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Umugenzi nyawe kandi adatinya
  • Ivyigwa dukura muri Bibiliya
  • Ivyo bijanye
  • Yonatani “yafatanije n’Imana”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
  • Yonatani: ‘Nta kibuza Yehova gukiza’
    Niwigane ukwizera kwabo
  • Nube intahemuka kuri Yehova
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2016
  • Tubandanye kugiriranira ikibabarwe
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2021
Ibindi
Ivyigwa dukura muri Bibiliya
lfb icig. 42 rup. 102-rup. 103 ing. 3
Yonatani n’uwamutwaza ibirwanisho

ICIGWA CA 42

Umugenzi nyawe kandi adatinya

Yonatani umuhungu w’imfura w’umwami Sawuli yari umusoda adatinya. Dawidi yavuze ko Yonatani yanyaruka kurusha inkona, agakomera kurusha intambwe. Umusi umwe, Yonatani yarabonye abasoda b’Abafilisitiya 20 bari ku musozi. Yabwiye uwamutwaza ibirwanisho ati: ‘Yehova niyaduha ikimenyetso ni ho tubatera. Nibatubwira ngo tuduge, duca tumenya ko Yehova adushigikiye.’ Abo Bafilisitiya baciye basemerera bati: ‘Nimuduge turwane!’ Abo bagabo babiri baciye baduga kubatera kandi barabanesheje.

Yonatani agabiye Dawidi bimwe mu bikoresho vyiwe

Kubera ko Yonatani yari imfura ya Sawuli, ni we yari kuba umwami se wiwe apfuye. Yonatani yari azi ko Yehova yatoye Dawidi ngo azobe umwami wa Isirayeli, ariko ivyo ntivyatumye amwanka. Yonatani na Dawidi barakundana cane. Barasezeranye ko umwe wese azoza aravugira mugenziwe kandi akamukingira. Yonatani yarahaye Dawidi impuzu yiwe, icumu ryiwe, umuheto wiwe n’umukaba wiwe kugira amwereke ko ari umugenzi wiwe.

Igihe Dawidi yari yahunze Sawuli, Yonatani yaragiye iyo ari, amubwira ati: ‘Nukomere, kandi ntugire ubwoba. Yehova yaragutoye ngo uzobe umwami. Ivyo na dawe arabizi.’ Ntiwoshima kugira umugenzi mwiza nka Yonatani?

Yonatani yarahatswe gupfa arondera gufasha umugenzi wiwe Dawidi. Yari azi ko se wiwe ashaka kwica Dawidi. Ni co gituma yamubwiye ati: ‘Niwica Dawidi uzoba ukoze icaha, nta kibi na kimwe yakoze.’ Sawuli yaciye ashavurira Yonatani. Haciye imyaka, Sawuli na Yonatani barapfiriye ku rugamba.

Yonatani amaze gupfa, Dawidi yaciye arondera umuhungu wiwe Mefibosheti. Amaze kumubona, yamubwiye ati: ‘Kubera ko so wawe yari umugenzi wanje, nzogufasha ubuzima bwawe bwose. Uzoba iwanje kandi tuzoza turafungurira hamwe.’ Dawidi ntiyigeze yibagira umugenzi wiwe Yonatani.

«Nimukundane nk’uko nabakunze. Nta wurusha urukundo umuntu yigura abagenzi biwe.»​—Yohani 15:12, 13

Ibibazo: Yonatani yerekanye gute ko adatinya? Yonatani yerekanye gute ko ari umugenzi nyawe?

1 Samweli 14:1-23; 18:1-4; 19:1-6; 20:32-42; 23:16-18; 31:1-7; 2 Samweli 1:23; 9:1-13

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika