ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w07 15/9 rup. 18-20
  • Yonatani “yafatanije n’Imana”

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Yonatani “yafatanije n’Imana”
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Abisirayeli “babuze epfo na ruguru”
  • Igitero gikomeye kitari citezwe
  • Yonatani yahakuwe n’abantu
  • Yonatani na Dawidi
  • Ugutandukana kubabaje
  • Umugenzi nyawe kandi adatinya
    Ivyigwa dukura muri Bibiliya
  • Yonatani: ‘Nta kibuza Yehova gukiza’
    Niwigane ukwizera kwabo
  • Nube intahemuka kuri Yehova
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2016
  • Abagize umuryango bavyihwereze hamwe
    Be maso!—2012
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
w07 15/9 rup. 18-20

Yonatani “yafatanije n’Imana”

UMUHUNGU w’umwami wa mbere wa Isirayeli agendeye umuntu umwe abayeho aza arinyegeza. Amubwira ati: “Reka gutinya, kuk’ukuboko kwa data Sauli kutazogushikīra; kand’uzoba umwami w’Abisirayeli, nanje nzoba uwa kabiri kuri wewe”.​—1 Samweli 23:17.

Uwugendeye uwundi ni Yonatani; uwuriko arinyegeza na we ni Dawidi. Iyo Yonatani ataza gupfa gatoyi inyuma y’aho, birashoboka ko yohavuye aba umusangirangingo wa Dawidi aruta abandi.

Ubucuti Yonatani yari afitaniye na Dawidi bwari ubudasanzwe. Nkako, Yonatani ubwiwe yari umuntu adasanzwe. Abantu bo mu gihe ciwe na bo nyene ni ko babibona, kuko bavuze ku bimwerekeye bati: “Yafatanije n’Imana” (1 Samweli 14:45). Ni kubera iki bavuze gutyo? Ni kamere izihe Yonatani yari afise? Kandi inkuru y’ubuzima bwiwe igufitiye akamaro akahe?

Abisirayeli “babuze epfo na ruguru”

Bibiliya itangura kuvuga ivyerekeye Yonatani Abisirayeli “babuze epfo na ruguru”. Abafilisitiya bari baranyaze igihugu cabo bongera barababurabuza kugira ngo ntibirwanire.​—1 Samweli 13:5, 6, 17-19.

Ariko rero, Yehova yavuze yuko atohevye abasavyi biwe, kandi ivyo Yonatani yari avyizigiye adakeka. Imana yari yavuze ku vyerekeye se wiwe Sauli, iti: “Ni we azokiza abantu banje, abakūre mu maboko y’Abafilisitiya”. Yonatani yarizigiye cane uwo muhango. We ubwiwe yari amaze kuyobora ingabo 1.000 z’Abisirayeli zitagira ibirwanisho bikwiye ziratsinda Abafilisitiya. Ubu ho, yashaka guherengeteza agahahazo katerwa n’Abafilisitiya.​—1 Samweli 9:16; 12:22; 13:2, 3, 22.

Igitero gikomeye kitari citezwe

Yonatani yarateguye gutera ikirindiro c’Abafilisitiya cari hafi y’akavōvo k’i Mikimashi (1 Samweli 13:23). Kugira ngo agishikire, yogiye “aharāmba yāvūra”. Ivyo ntivyamuciye intege. Yonatani yafashe ingingo yo gutera ari kumwe n’uwumutwaza ibirwanisho gusa maze amubwira ati: “Kumbure Uhoraho har’ico yodukorera, kukw ata cobuza Uhoraho gukiza, atumye benshi canke bake”.​—1 Samweli 14:6, 13.

Abo Bisirayeli babiri bararondeye ikimenyetso gitanzwe na Yehova. Bokwiyeretse abantu bari kuri ico kirindiro, maze Abafilisitiya bababwiye bati: “Ni mugume aho, turaje”, Yonatani n’uwumutwaje ibirwanisho ntibobandanije baduga iyo bari. Ariko abansi babo bavuze bati: “Ni muze ino”, vyokwerekanye ko Yehova yohaye intsinzi Yonatani be n’uwumutwaje ibirwanisho. Kubera ko Yonatani yari yizigiye gufashwa n’Imana, yahisemwo kuduga kuri ico kirindiro kurwana.​—1 Samweli 14:8-10.

Ni igiki abagabo babiri bari gukora imbere y’ico kirindiro c’abasoda uko cakabaye? None, Yehova ntiyari yarafashije wa mucamanza Ehudi igihe yayobora igitero c’Abisirayeli ku Banyamowabu? Mbega hoho, Imana ntiyari kumwe na Shamugari, igihe yamushoboza kwica Abafilisitiya 600 akoresheje umuhunda w’inyobozo y’inka? N’ikindi kandi, Yehova ntiyahaye Samusoni inkomezi mu bikorwa vyiwe vy’ubuhizi yakoze wenyene arwanya Abafilisitiya? Yonatani na we nyene yarizigiye adakeka ko Imana yomufashije.​—Abacamanza 3:12-31; 15:6-8, 15; 16:29, 30.

Aho Abafilisitiya baboneye abo Bisirayeli babiri, baciye biha akamo bati: “Ni mudūge ino, ico tubereka!”. Yonatani be n’uwumutwaje ibirwanisho baciye bagenda. Babigiranye umutima rugabo barateye maze bica muri abo basoda b’abansi abashika hafi 20, gutyo batuma ico kirindiro cose gitekerwa n’ubwoba. Kumbure abo Bafilisitiya biyumviriye ko hari abarwanyi benshi b’Abisirayeli bari inyuma y’abo babiri ba mbere. Mu nyuma, haciye “haba gucika ivutu . . . mu ngabo zose, . . . isi na yo iratigita, haba gucika ivutu gutewe n’Imana”. Biturutse kuri iyo nyamugigima yari itewe n’Imana, harabaye uruhagarara mu Bafilisitiya ku buryo ‘bazibaguranye inkota’. Aho ingabo z’Abisirayeli ziboneye ivyo, zaciye zigira umutima rugabo. Bafatanije n’Abisirayeli bari banyegeye be n’abari bagiye ku ruhande rw’Abafilisitiya, “[barishe] Abafilisitiya, uhereye i Mikimashi ugashitsa i Ayaloni”.​—1 Samweli 14:11-23, 31.

Yonatani yahakuwe n’abantu

Umwami Sauli, n’ubujuju n’akantu, yarashinze igihano cohawe uwo ari we wese mu basoda biwe yari kugira ico atamira imbere y’uko batsinda urugamba. Bivuye ku mvo itazwi, Yonatani ivyo we ntiyabimenye kandi no kurya yarariye. Yakojeje inkoni yiwe mu mutsama w’ubuki maze arya bukeyi. Biboneka ko ivyo vyatumye agarura inkomezi zamufashije kurangiza urugamba.​—1 Samweli 14:24-27.

Sauli amaze kumenya ko Yonatani hari ico yashize ku munwa, yaciye ategeka ko akwiye kwicwa. Yonatani ntiyatewe ubwoba n’urupfu. Yaciye avuga ati: “Ndemeye gupfa. . . . Arikw abantu babarira Sauli, bati None Yonatani yopfa, kand’ari we yahaye Abisirayeli ugutsinda kungana gurtyo? Biragahera! Turahiye uguhoraho kw’Uhoraho yukw ata n’agashatsi na kamwe ko ku mutwe wiwe kazohara ngo gakorokere hasi; kuko ku vyabaye uyu musi yafatanije n’Imana. Uko ni kw abantu bākijije Yonatani ngo ntāpfe”.​—1 Samweli 14:38-45.

Umusavyi w’Imana wo muri kino gihe ntarwana mu ntambara nya ntambara, ariko hari ibihe bitandukanye vyoshobora gushika mu buzima bwawe aho nawe wokenera ukwizera n’umutima rugabo. Vyoshobora kuba urugamba gukora ibigororotse mu gihe umuntu wese mu bagukikije ariko akora ikibi. Ariko rero, Yehova azogukomeza yongere ahezagire icipfuzo cawe co kwumira ku ngingo mfatirwako ziwe zigororotse. Woshobora kuba ukeneye umutima rugabo kugira ngo wemere uduteka tumwetumwe tw’umurimo mw’ishirahamwe rya Yehova, nko kwagura ubusuku, kwemera amabanga mashasha, canke kwimukira aho abamamaji b’Ubwami bakenewe cane kuruta ahandi. Hari aho wokwibaza nimba ubereye utwo duteka. Yamara rero, nushire amazinda yuko uriko urakora ikintu ciza nimba uriko uritanga kugira ngo Yehova agukoreshe mu buryo we abona ko bubereye. Ese wokwibuka Yonatani we “yafatanije n’Imana”!

Yonatani na Dawidi

Haciye nk’imyaka 20, Goliyati wa muhizi w’Abafilisitiya yaracokoye ingabo z’Abisirayeli, yamara Dawidi yaramwishe. Naho bishoboka ko Yonatani yarusha Dawidi imyaka 30, bompi bari bafise vyinshi bahurizakoa. Umutima rugabo Yonatani yagaragarije i Mikimashi waribonekeza no muri Dawidi. Ikiruta vyose, Dawidi yarizera ububasha Yehova afise bwo gukiza, nka kumwe nyene kwa Yonatani, ivyo bikaba vyaramufashije guhangana na Goliyati ata bwoba mu gihe abandi Bisirayeli bose bari bahiye coba. Ukwo ni ko “umutima wa Yonatani [wafatanye] n’uwa Dawidi akaramata, Yonatani amukunda nk’uko yikunda”.​—1 Samweli 17:1–18:4.

Naho ubutwari bwa Dawidi bwatumye Umwami Sauli amubona nk’umukeba, Yonatani wewe ntiyigeze yiraburanirwa kubera ishari. We na Dawidi barabaye abagenzi pfampfe, kandi birashoboka ko mu biyago vy’akabanga bagiranira ari ho Yonatani yamenyeye ivy’uko Dawidi yasizwe amavuta ngo azobe umwami wa Isirayeli akurikira. Yonatani yarubashe ingingo Imana yafashe.

Igihe Umwami Sauli yabwira umuhungu wiwe be n’abasuku biwe ibijanye no kwica Dawidi, Yonatani yaraburiye Dawidi. Yonatani yarajijuye Sauli ko ata kintu na kimwe gikwiye gutuma atinya Dawidi. Erega Dawidi ntiyari yacumuye ku mwami na gato! None ntiyari yemeye gushira ubuzima bwiwe mu kaga igihe yahangana na Goliyati? Ukuba Yonatani yaraburaniye akobeje umugenzi wiwe yarenganywa, vyaratururuje Sauli. Yamara rero, umwami ntiyatevye gusubira kuri ya mihingo yiwe y’ubwicanyi, kandi yaragerageje n’ubundi buryo bwo kwica Dawidi; ivyo bikaba vyatumye abwirizwa guhunga.​—1 Samweli 19:1-18.

Yonatani yagumye ashigikiye Dawidi. Abo bagenzi babiri barahuye kugira ngo bavugane igikwiye gukorwa. Yonatani, uwari intahemuka ku mugenzi wiwe akaba kandi yarihatira kuguma ari intahemuka kuri se wiwe, yabwiye Dawidi ati: “Biragahera, ntuzopfa!”. Mugabo, Dawidi yabwiye Yonatani ati: “Har’agatambuko kamwe gusa hagati yanje n’urupfu”.​—1 Samweli 20:1-3.

Yonatani na Dawidi baragiye umugambi wo gusuzuma imigabo ya Sauli. Bibonetse ko Dawidi atari ho ari ku meza y’umwami, Yonatani yari kubwira se wiwe ko Dawidi yamusavye ngo amutunge kugira ngo aje kwifatanya n’umuryango wiwe mu gutanga ikimazi c’umuryango. Sauli aramutse avyakiriye nabi, cobaye ari ikimenyetso c’uko atipfuriza ineza Dawidi. Yonatani yaciye amuhezagira, maze mu buryo budashoka bwibonekeza ariyemerera ivy’uko Dawidi yari kuba umwami, mu kuvuga ati: “Uhoraho aze abane nawe nk’uko yabana na data”. Bompi bararahiye ko batazohemukiranira maze bashinga ingene Yonatani yomenyesheje Dawidi ivyavuye muri kwa gusuzuma imigabo ya Sauli.​—1 Samweli 20:5-24.

Igihe Sauli yabona ko Dawidi atari ho ari, Yonatani yarasiguye yuko Dawidi yari yamwinginze ati: ‘Nimba ungiriye neza, nundekure nje kubonana na bakuru banje’. Yonatani ntiyatinya kwemera ko Dawidi yari atonye kuri we. Umwami yaciye ashangashirwa! Yaratutse Yonatani yongera aramukankamira avuga ko Dawidi yari intambamyi yotumye uwo mwana wiwe atamusubirira ku ngoma. Sauli yaciye asaba Yonatani kuzana Dawidi kugira ngo yicwe. Yonatani yaciye asubizayo n’ishavu ryinshi ati: “Non’apfa azize iki? Yakoze iki?”. N’ubushangashirwe n’akantu, Sauli yaciye atera umwana wiwe icumu. Yonatani yararizibukiriye ntiryagira ico rimugira, ariko yaratuntujwe cane n’ivyerekeye Dawidi.​—1 Samweli 20:25-34.

Mbega ukudahemuka Yonatani yagaragaje! Umuntu afatiye ku kuntu abantu basanzwe babona ibintu, Yonatani nta kintu kinini yari kwungukira ku kugiriranira ubucuti na Dawidi uretse ko yohahombeye vyinshi. Yamara, Yehova yari yaramaze gushinga ko Dawidi yobaye umwami mu gishingo ca Sauli, kandi ivyo Imana yari yagabiye yari yabigize ku bw’ineza ya Yonatani n’abandi.

Ugutandukana kubabaje

Yonatani yaragiye kuraba Dawidi mu mpisho kugira ngo amubwire uko ibintu vyifashe. Vyari vyatomotse ko Dawidi atosubiye guhonyoza ikirenge ku kirimba ca Sauli. Abo bagabo bompi bararize bongera baragumbirana cane, maze Dawidi aca aja kwinyegeza.​—1 Samweli 20:35-42.

Yonatani yasubiye kubona Dawidi rimwe rizima igihe Dawidi yariko arinyegeza Sauli “i Horeshi mu bugaragwa bg’i Zifu”. Ico gihe ni ho Yonatani yaremesheje Dawidi muri aya majambo agira ati: “Reka gutinya, kuk’ukuboko kwa data Sauli kutazogushikīra; kand’uzoba umwami w’Abisirayeli, nanje nzoba uwa kabiri kuri wewe; kandi data Sauli na we arabizi” (1 Samweli 23:15-18). Gatoyi inyuma y’ivyo, Yonatani na Sauli barapfiriye ku rugamba bariko barwana n’Abafilisitiya.​—1 Samweli 31:1-4.

Abakunda Imana bose vyoba vyiza biganye ingendo Yonatani yakurikije. Woba uhanganye n’ingorane ijanye n’ukudahemuka? Nimba ari ukwo biri, niwibuke yuko Sauli yahimirije Yonatani kwironderera inyungu ziwe gusa. Ariko rero, Yonatani yarubaha Yehova akamuyobokera bimwe bivuye ku mutima ari n’ugutinya, kandi yaranezerejwe n’uko uwatowe n’Imana ari we yohavuye aba umwami wa Isirayeli. Vy’ukuri, Yonatani yarashigikiye Dawidi kandi yagumye ari intahemuka kuri Yehova.

Yonatani yari afise kamere zihimbaye. Nuzigane! Gutyo, abantu bazoshobora kuvuga ibikwerekeye nk’uko babivuze kuri Yonatani bati: “Yafatanije n’Imana”.​—1 Samweli 14:45.

[Akajambo k’epfo]

a Yonatani yari afise n’imiburiburi imyaka 20 y’amavuka igihe yatangura kuvugwa ko ari umukuru w’ingabo, ico gihe hakaba hari mu ntango y’umwaka ugira 40 Sauli ari ku ngoma (Guharūra 1:3; 1 Samweli 13:2). Yonatani rero ategerezwa kuba yariko arashikana imyaka 60 igihe yapfa mu 1078 B.G.C. Kubera ko ico gihe Dawidi yari afise imyaka 30, biboneka ko Yonatani yarusha Dawidi hafi imyaka 30.​—1 Samweli 31:2; 2 Samweli 5:4.

[Ifoto ku rup. 19]

Yonatani nta shari yari afitiye Dawidi

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika