Nugire Ukwizera nka Kumwe kwa Aburahamu!
“Abīshimiye ukwizera [n]i bo bana ba Aburahamu.”—AB’I GALATIYA 3:7.
1. Aburamu yavyifashemwo gute igihe yashikirwa n’ikindi kigeragezo i Kanani?
ABURAMU yari yahevye ubuzima bw’ukudibama bwari muri Uri kugira ngo agamburuke ibwirizwa rya Yehova. Ibintu bitoroshe yaciyemwo mu myaka yakurikiye, vyari gusa integuza y’ikigeragezo c’ukwizera yahanganye na co mu Misiri. Inkuru ya Bibiliya ivuga iti: “Maz’inzara itera mur’ico gihugu.” Ese ukuntu vyari vyoroshe ko Aburamu yumva atuntujwe n’ukuntu ivyiwe vyifashe! Aho gutuntuzwa n’ivyo, yarateye intambwe ngirakimazi kugira ngo aronse umuryango ivyo ukeneye. “Aburamu aramanuka, aja muri Egiputa, ngw asuhukireyo, kukw inzara yari nyinshi mur’ico gihugu.” Umuryango munini wa Aburamu ushitse mu Misiri ntivyobuze kumenyekana. Mbega Yehova yogumye ku muhango wiwe maze agakingira Aburamu ntagirirwe nabi?—Itanguriro 12:10; Kuvayo 16:2, 3.
2, 3. (a) Ni kuki Aburamu yanyegeje ko Sarayi ari umugore wiwe? (b) Aho amariye kubona ibintu vyifashe gutyo, Aburamu yafashe gute umugore wiwe?
2 Mw’Itanguriro 12:11-13, tuhasoma duti: “Ari hafi gushika muri Egiputa, abarira Sarayi umugore wiwe, at’Umve ndazi k’ur’umugore w’igikundiro: nukw Abanyegiputa ni bakubona, bazovuga, bat’Uyo n’umugore wiwe, baheze banyice, nawe bakureke. Ndakwinginze, uz’uvuge k’uri mushikanje, kugira ngo ndābge neza kubgawe, ubugingo bganje ubukirishe ivy’uvuze.” Naho Sarayi yari afise imyaka irenga 65, yari agisa n’irirenga. Ivyo vyarashize ubuzima bwa Aburamu mu kaga.a (Itanguriro 12:4, 5; 17:17) Igihambaye kuruta ni uko ivya Yehova vyari bigeramiwe, kubera yuko yari yaravuze ko biciye ku rubuto rwa Aburamu amahanga yose yo kw’isi yokwihesheje umugisha. (Itanguriro 12:2, 3, 7) Kubera yuko Aburamu ata kana yari bwagire, vyari bihambaye cane ko aguma ari muzima.
3 Aburamu yabwiye umukenyezi wiwe gukoresha amayeri bari bamaze kwumvikanako, na yo akaba ari uko Sarayi yari kuvuga ko ari mushikiwe. Naho yari afise ubukuru bw’ukuba sekuruza w’imiryango, urabona ko atakoresheje nabi ikibanza ciwe, ahubwo ko yamwinginze ngo amufashe yongere amufate mu mugongo. (Itanguriro 12:11-13; 20:13) Muri ivyo, Aburamu yarahaye akarorero keza abanega ko gukoresha ubukuru bwabo mu buryo buranga urukundo, Sarayi na we, mu kugaragaza ko ayobokera umugabo, ni akarorero ku bakenyezi muri iki gihe.—Abanyefeso 5:23-28; Ab’i Kolosayi 4:6.
4. Abasavyi b’Imana b’abizerwa bakwiye kwigenza gute muri iki gihe iyo ubuzima bw’abavukanyi babo bugeramiwe?
4 Sarayi yarashobora kuvuga yuko yari mushiki wa Aburamu kubera yuko mu vy’ukuri yari mushikabo. (Itanguriro 20:12) Vyongeye, ntiyabwirizwa kumenyesha abantu ivyo badafitiye uburenganzira. (Matayo 7:6) Abasavyi b’Imana b’abizerwa bo mu bihe vya none barakurikiza ibwirizwa rya Bibiliya ryo kuba inzirabugunge. (Abaheburayo 13:18) Nk’akarorero, ntibokwigera na rimwe babesha mu masentare kandi barabirahiye. Ariko rero, igihe ubuzima bw’abavukanyi babo bugeramiwe ku mubiri canke mu vy’impwemu, nko mu bihe vy’uruhamo canke mu bihe vy’ingorane z’abanyagihugu, bumvira impanuro ya Yezu yo ‘kugira ubwenge nk’inzoka, yamara rero bakamera nk’inuma ata karohe.’—Matayo 10:16; raba Umunara w’Inderetsi, wo ku wa 1 Munyonyo 1996, urupapuro rwa 32, ingingo ya 19.
5. Ni kuki Sarayi yagize umutima ukunze wo kugamburuka ivyo Aburamu amusavye?
5 Sarayi yakiriye gute ivyo Aburamu amusavye? Intumwa Petero adondora abagore bameze nka Sara ko ari “abizigira Imana.” Ku bw’ivyo Sarayi yarashoboye gutahura ibibazo vyo mu vy’impwemu bijanye n’ico kintu. Turetse ivyo, yarakunda akongera akubaha umunega wiwe. Sarayi rero yahisemwo ‘kugamburukira umugabo wiwe’ maze arahisha ivy’uko bubakanye. (1 Petero 3:5) Mugabo ntiwumve, kubigenza gutyo vyaramushize mu kaga. “Aburamu ashitse muri Egiputa, Abanyegiputa babona yuk’uwo mugore ari mwiza cane. Abamenyekana ba Farawo bamubonye, bamushimira Farawo: nuk’uwo mugore ajanwa kwa Farawo.”—Itanguriro 12:14, 15.
Ukurokorwa na Yehova
6, 7. Ni mu bintu vy’agaterantimba ibihe Aburamu na Sarayi basanze barimwo, kandi Yehova yarokoye gute Sarayi?
6 Ese ukuntu ivyo bintu vyari agaterantimba kuri Aburamu na Sarayi! Bisa n’uko Sarayi yari agira afatwe ku nguvu. Ikindi, kubera Farawo atari azi ko Sarayi yubatse, yaravotororeye ingabire Aburamu, ku buryo “[ya]haronke[ye] intama n’inka n’indogoba n’amapfizi n’abagurano b’abahungu n’abakobga n’indogoba zivyara n’ingamiya.”b (Itanguriro 12:16) Ese ukuntu Aburamu ategerezwa kuba yarashishwe n’izo ngabire! Naho ibintu vyasa n’ivyifashe nabi, Yehova ntiyari yataye Aburamu.
7 “Uhoraho ateza Farawo ivyago bihambaye, bo n’urugo rwiwe, amuhōra Sarayi muka Aburamu.” (Itanguriro 12:17) Mu buryo bunaka butazwi, inkwezi nyakuri y’ivyo “vyago” yarahishuriwe Farawo. Yaciye mu maguru masha agira ico akoze: “Maze Farawo ahamagaza Aburamu, aramubaza, at’Ico wankoreye ico n’iki? k’utāmbariye kw ar’umugore wawe? N’iki catumye uvuga kw ari mushikawe? nanje nkamujana nkamugira umugore wanje: nuko nguyo umugore wawe, mujane wīgīre. Farawo abarira abantu kumuherekeza, bamuherekezanya n’umugore wiwe n’ivyo yar’afise vyose.”—Itanguriro 12:18-20; Zaburi 105:14, 15.
8. Ni uburinzi bwoko ki Yehova asezeranira Abakirisu bo muri iki gihe?
8 Muri iki gihe, Yehova ntatubwira ko azodukingira amabi aterwa n’urupfu, ubugizi bwa nabi, amapfa canke ivyago vy’ivyaduka. Ico dusezeranirwa ni uko Yehova azokwama nantaryo aturinda ibintu bishobora kutugeramira mu vy’impwemu. (Zaburi 91:1-4) Ivyo abigira ubwa mbere na mbere mu kuduha ingabisho ziza hageze biciye kw’Ijambo ryiwe no kuri wa “mushumba w’umwizerwa kandi w’incabwenge.” (Matayo 24:45, NW) Tuvuge iki kw’iterabwoba ryo gupfa tuzize uruhamo? Naho abantu umwumwe ukwiwe bashobora kurekwa bagapfa, Imana ntizokwigera na rimwe ireka ngo abasavyi bayo bose uko bakabaye baherengetezwe. (Zaburi 116:15) Kandi, mu gihe urupfu rwohitana bamwebamwe mu bizerwa, turashobora kwizigira yuko bazozuka.—Yohana 5:28, 29.
Agira Akigoro Kugira Azigame Amahoro
9. Ni ibiki vyerekana ko Aburamu yagumye yimuka igihe yari i Kanani?
9 Biragaragara ko amapfa amaze kurangira i Kanani, “Aburamu [yaduze] ava muri Egiputa, bo n’umugore wiwe n’ivyiwe vyose, na Loti ajana na we, baja i Negebu [akarere kagwamwo imvura nke ko mu bumanuko bw’imisozi y’Ubuyuda]. Kandi Aburamu yar’umutunzi cane w’amasho n’imikuku n’amafeza n’amazahabu.” (Itanguriro 13:1, 2) Kubera ico, abantu b’aho bamubona nk’umugabo w’umunyabubasha kandi akomeye, segaba w’umunyankomezi. (Itanguriro 23:6) Aburamu nta cipfuzo yari afise co kuhacumbika, ngo yisuke mu mapolitike y’Abanyakanani. Ahubwo, “[y]agenda aratāhīra, ava i Negebu arinda ashika i Beteli, ha hantu yashinze ihema ryiwe ubga mbere, hagati y’i Beteli n’i Hayi.” Nk’uko yiyamira, Aburamu yashira imbere ugusenga Yehova aho yaja hose.—Itanguriro 13:3, 4.
10. Ni ingorane nyabaki yadutse hagati y’abungere ba Aburamu n’aba Loti, kandi ni kuki vyari ngirakamaro cane ko itorerwa umuti mu maguru masha?
10 “Kandi na Loti yagendana na Aburamu na we yar’afise imikuku n’amasho n’amahema. Ico gihugu nticabakwira ngo babangikane, kukw itunga ryabo ryari ryinshi, bituma badashobora kubangikana. Haba intonganya hagati y’abungere ba Aburamu n’abungere ba Loti; kand’ico gihe Abanyakanani n’Abaferizi ni bo bāba mur’ico gihugu.” (Itanguriro 13:5-7) Ico gihugu nticabonekamwo amazi ahagije n’amaragiriro akwiye imikuku ya Aburamu n’iya Loti. Ku bw’ivyo, haradutse indyane n’imitongano hagati y’abungere. Amatati nk’ayo ntiyari abereye kuvugwa mu basenga Imana y’ukuri. Izo nduru ziramutse zibandanije, bocanyemwo. None Aburamu yotoreye umuti gute ivyo bintu? Yari yabaye umuvyeyi-murezi wa Loti aho se w’uwo Loti amariye gupfa, kumbure amurera nk’umwana wiwe bwite. Kubera yuko Aburamu ari we yari yamuboneye izuba, ubwo none ntiyari afise uburenganzira bwo kubanza kwihitiramwo ahameze neza?
11, 12. Ni igiki Aburamu yarekeye Loti n’umutima ukunze, kandi ni kuki ihitamwo rya Loti ritaranga ubukerebutsi?
11 Mugabo, “Aburamu abarira Loti, ati Ndakwinginze, hoye kuba intonganya hagati yanje nawe, no hagati y’abungere banje n’abawe, kuko tuvukana. Ereg’igihugu cose kir’imbere yawe! Ndakwinginze ngo duhāne inta: ni wahitamwo kuja i bumoso nanje ndaja i buryo; ni waja i buryo ndaja i bumoso.” Mu micungararo ya Beteli hariho ikibanza kimwe ciswe “kimwe mu bibanza bikirurutse kuruta ibindi vy’i Palesitina.” Kumbure aho ni ho “Loti yunamu[riye] amaso, yitegereza ikiyaya cose co kuri Yorodani, abona ko har’ibigera vy’amazi hose. Uhoraho atararandura Sodomu na Gomora, ico kiyaya cari kimeze nka rya tongo ry’Uhoraho, canke nk’igihugu ca Egiputa ugiye werekeye i Sowari.”—Itanguriro 13:8-10.
12 Naho Bibiliya idondora Loti ko ari “umugororotsi,” ntituzi igituma atiyoroheje imbere ya Aburamu muri ivyo, eka kandi bisa n’uko atarondeye impanuro y’umugabo amukurira. (2 Petero 2:7) “Loti [yahisemwo] ico kiyaya cose co kuri Yorodani; aragenda aja i burasirazuba, bahāna inta. Aburamu aba mu gihugu c’i Kanani, Loti aba mu bisagara vyo muri ca kiyaya, agenda arunguruza amahema arinda ashika i Sodomu.” (Itanguriro 13:11, 12) Sodomu hari hasagamvye kandi hariho inyungu nyinshi mu vy’amaronko. (Ezekiyeli 16:49, 50) Naho bishobora kuba vyasa n’uko Loti ahisemwo neza ku biraba ubutunzi, yari yahisemwo nabi ku biraba ivy’impwemu. Kubera iki? Kubera yuko, nk’uko mw’Itanguriro 13:13 habivuga, “Abanyesodomu bār’abanyavyaha, bacumura k’Uhoraho birengeje urugero.” Ingingo Loti yafashe yo kwimukirayo, impera n’imperuka yarateje urugo rwiwe intuntu ikomeye.
13. Akarorero ka Aburamu kofasha gute Abakirisu vyoshika ntibumvikane mu vyerekeye amahera?
13 Ariko rero, Aburamu yaragaragaje ukwizera afitiye umuhango wa Yehova w’uko urubuto rwiwe impera n’imperuka rwokwiziziye ico gihugu cose; ntiyiriwe aratera amaruru aharanira agace gato kaco. Abigiranye inda nziza, yakoze ibintu mu buryo bujanye n’ingingo ngenderwako mu nyuma yavuzwe mu 1 Ab’i Korinto 10:24 igira iti: “Ntihagire umuntu ababara ivyiwe, arikw ababare ivya mugenzi we.” Ico ni icibutswa ciza ku bo vyoshika ntibumvikane n’uwo basangiye ukwemera ku biraba amahera. Aho gukurikiza impanuro yo muri Matayo 18:15-17, bamwebamwe barashengeje abavukanyi babo muri sentare. (1 Ab’i Korinto 6:1, 7) Akarorero ka Aburamu karerekana yuko vyoba vyiza kuruta umuntu agize ico ahomba mu vy’amahera aho gusiga iceyi izina rya Yehova canke gutitura amahoro y’ishengero rya gikirisu.—Yakobo 3:18.
14. Aburamu yahezagiwe gute kubera ukugira inda nziza kwiwe?
14 Aburamu yategerezwa guhezagirwa kubera ukuba inda nziza kwiwe. Imana yamenyesheje iti: “Nzogwiza uruvyaro rwawe rungane n’umukungugu wo hasi: namb’umuntu yoshobora guharūra umukungugu wo hasi, n’uruvyaro rwawe na rwo rwoharūrwa.” Ese ukuntu ivyo yamuhishuriye bitegerezwa kuba vyararemesheje Aburamu atagira akana! Ubukurikira, Imana yabwirije iti: “Va hasi, ugēndūre iki gihugu iyo kiva kikagera, kukw ari wewe nzogiha.” (Itanguriro 13:16, 17) Emwe, Aburamu ntiyokwemerewe gucumbika mu gisagara yimererewe neza. Yategerezwa kuguma yitandukanije n’Abanyakanani. Abakirisu muri iki gihe bategerezwa na bo nyene kuguma bitandukanije n’isi. Ntibibona ko baruta abandi, mugabo ntibifatanya cane n’umuntu n’umwe yoshobora kubakwegakwega ngo bisuke mu nyifato itajanye n’ivyanditswe.—1 Petero 4:3, 4.
15. (a) Ingendo za Aburamu zishobora kuba zari zifise iyihe nsobanuro? (b) Ni akarorero nyabaki Aburamu yasigiye imiryango y’Abakirisu yo muri iki gihe?
15 Mu bihe vya Bibiliya, imbere yuko umuntu yegukira itongo yategerezwa kurigenzura. Ku bw’ivyo, kuhagendura vyoba vyabaye ikintu cibutsa ubudahengeshanya yuko umusi uri izina ico gihugu cokwegukiye uruvyaro rwa Aburamu. N’ukugamburuka kwinshi, “Aburamu y[ar]unguruza amahema, a[k]agenda, aba i ruhande y’ibiti vya Mamure vyitwa imyeloni, bir’i Heburoni, ahubakira Uhoraho igicaniro.” (Itanguriro 13:18) Aburamu yarasubiriye kandi kugaragaza ukuntu ivy’ugusenga abishira imbere. Mbega, inyigisho y’umuryango, isengesho ryo mu muryango be n’ukwitaba amakoraniro, vyoba bihabwa ikibanza ca mbere mu muryango wanyu?
Ibitero vy’Abansi
16. (a) Ni kuki amajambo atangura ari mw’Itanguriro 14:1 yumvikana ko ari ukubura akaga? (b) Ni iyihe mvo yatumye ba bami bane bo mu buseruko bagaba igitero?
16 “Mu gihe ca Amurafeli umwami w’i Shinari, na Ariyoki umwami w’i Elasari, na Kedolawoma umwami w’i Elamu,c na Tidali umwami w’i Goyimu, abo bami bā[ra]teye.” Mu Giheburayo co mu ntango, amajambo atangura (“Mu gihe ca . . . ”) yumvikana ko ari ukubura amakuba, akerekana “ikiringo c’ikigeragezo kirangirana n’umuhezagiro.” (Itanguriro 14:1, 2 [NW, akajambo k’epfo]) Ico kigeragezo catanguye igihe abo bami bane bo mu buseruko be n’ingabo zabo bagaba igitero simusiga kuri Kanani. Intumbero yabo yari iyihe? Yari iyo guhasha ubugarariji bw’ibisagara bitanu ari vyo Sodoma, Gomora, Adima, Seboyimu na Bela. Baranesheje ivyo bisagara vyabihanze vyose, baca “bakoranira hamwe mu kiyaya c’i Sidimu (ni ho habaye Ikiyaga c’Umunyu).” Loti n’umuryango wiwe baba mu micungararo yaho.—Itanguriro 14:3-7.
17. Ni kuki kuri Aburamu ugufatwa mpiri kwa Loti cari ikigeragezo c’ukwizera?
17 Abami b’Abanyakanani bararwanije bivuye inyuma abo bari babateye, mugabo baraneshwa mu buryo bw’akamaramaza. “Basahura ibintu vyose vy’i Sodomu n’i Gomora, n’ivyo bāzigak’uburamuko vyose, barīgīra. Bahitana na Loti umuhungwabo wa Aburamu, yaba i Sodomu, hamwe n’ibintu vyiwe, baraheza barīgīra.” Inkuru y’ivyo bintu vyabica bigacika, ntiyatevye gushikira Aburamu: “Haza umwe mu bahunze, abibarira Aburamu Umuheburayo: yaba i ruhande y’ibiti vy’imyeloni vy’Umwamori yitwa Mamure, mwene wabo wa Eshikoli na Aneri; kand’abo bari bifatanije na Aburamu. [Gutyo] Aburamu [yumva] yuk’uw’i wabo yafashwe mpiri.” (Itanguriro 14:8-14) Ese ukuntu cari ikigeragezo c’ukwizera! Aburamu yoba yari yarabikiye inzika umuhungwabo kubera yuko yahisemwo igice ciza c’ico gihugu? Uribuka kandi yuko abo bateye baje bava mu gihugu yaturukamwo c’i Shinari. Kuduga kubatera vyotumye atongera no kurota gusubira i muhira. Turetse ivyo, Aburamu yokoze iki imbere y’intwaramiheto, izari zarananiye urunani rw’ingabo z’Abanyakanani?
18, 19. (a) Aburamu yashoboye gute kubohoza Loti? (b) Ni nde yitiriwe iyo ntsinzi?
18 Aburamu yarongeye kwizigira Yehova adakebaguzwa. “Ajana abanyarugo biwe bize kurwana, bāvukiye i we, amajana atatu n’icumi n’umunani, barabakurikira, babahambiriza i Dani. Aburamu ahenga mw ijoro, abantu biwe abacamw’ibico, barabatera barabanesha, barabakinagiza gushitsa i Hoba, ahahera i bumoso bg’i Damasiko. Agarura ibintu vyose, agarura n’uw’i wabo Loti, n’ibintu vyiwe, n’abagore n’abakobga na bo, n’abandi bantu.” (Itanguriro 14:14-16) Mu buryo bugaragaza ko yizera Yehova bimwe bikomeye, Aburamu yarayoboye ku ntsinzi ingabo ziwe zari ku rushi ugereranije n’iz’abansi, abohoza Loti n’urugo rwiwe. Ico gihe ni ho Aburamu yahura na Melekisedeki, umwami-muherezi wa Salemu. “Melekisedeki umwami w’i Salemu, umuherezi w’Imana Isumba vyose, azana imitsima na vino. Ahezagira Aburamu, at’Uragahabga umugisha n’Imana Isumba vyose, Nyen’ijuru n’isi: kand’Imana Isumba vyose iragahezagirwa, yagushize abansi mu maboko! Nuko Aburamu amuha ikigiracumi muri vyose.”—Itanguriro 14:18-20.
19 Egome, intsinzi yari iya Yehova. Kubera ukwizera kwiwe, Aburamu yari yongeye kurokorwa na Yehova. Muri iki gihe, abasavyi b’Imana ntibaja mu ntambara nya ntambara, mugabo barahangana n’ibigeragezo bitari bike be n’ingorane nyinshi. Ikiganiro cacu gikurikira kirerekana ukuntu Akarorero ka Aburamu gashobora kudufasha kuvyifatamwo neza.
[Utujambo tw’epfo]
a Nk’uko bivugwa na ya nkoranyabumenyi y’ivya Bibiliya (Etude perspicace des Écritures [yasohowe n’Ivyabona vya Yehova]), “hari icandikano kimwe co ku nkorogoto kivuga ko hari Umufarawo yigeze gutuma abagabo bitwaje ibirwanisho gufata umugore umwe yasa n’irirenga ngo bace bica umunega wiwe.” Dufatiye kuri ico, ubwoba Aburamu yagize ntibwari ukurenza urugero.
b Hagari, uwahavuye mu nyuma aba incoreke ya Aburamu, ashobora kuba yari muri abo bagurano Aburamu yahawe muri ico gihe.—Itanguriro 16:1.
c Abihweza utuntu n’utundi barigeze kwemeza yuko Elamu hatigeze kugira akosho mwene ako muri Shinari, be n’uko iyo nkuru y’igitero ca Kedolawoma yari inkuru yaremaremwe. Kugira ngo umenye ivyerekeye ikimenyamenya c’ukuntu ubucukuzi bushigikira iyo nkuru ya Bibiliya, raba Umunara w’Inderetsi (mu Gifaransa) wo ku wa 1 Mukakaro 1989, urupapuro 4-7.
Woba Wabibonye?
• Amapfa yateye mu gihugu c’i Kanani yabaye gute ikigeragezo c’ukwizera kuri Aburamu?
• Aburamu na Sarayi, bompi basigiye gute akarorero keza abanega n’abakenyezi bo muri iki gihe?
• Ni ivyigwa ibihe dushobora kwigira ku kuntu Aburamu yatoreye umuti amatati yari hagati y’abasuku biwe n’aba Loti?
[Ifoto ku rup. 14]
Aburamu ntiyashimitse ku burenganzira bwiwe, ahubwo inyungu za Loti ni zo yashize imbere y’iziwe
[Ifoto ku rup. 16]
Aburamu yarerekanye ko yiheka kuri Yehova mu kubohoza umuhungwabo Loti