ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w02 1/2 rup. 32
  • Ibibazo vy’Abasomyi

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ibibazo vy’Abasomyi
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2002
  • Ivyo bijanye
  • Gushingira Umubano Wanyu Ishimikiro Nyaryo
    Ico Wogira ngo Umubano wo mu Rugo Ubemwo Agahimbare
  • “Umubano w’ababiranye nube uwuteye iteka”
    “Mwigumize mu rukundo rw’Imana”
  • Inyuma y’umusi w’ubugeni
    Nugume mu rukundo rw’Imana
  • Nuzigame umubano wanyu
    Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2021
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2002
w02 1/2 rup. 32

Ibibazo vy’Abasomyi

Ni ku rugero rungana iki Abakirisu muri iki gihe bokurikiza ya mabwirizwa yari mu Vyagezwe vya Musa yabuza umuntu kwubakana n’incuti yiwe?

Ivyagezwe Yehova yahaye ihanga rya Isirayeli ntibivuga ido n’ido ivyerekeye ibirori vy’ubugeni n’ukuntu bwogenda. Ariko rero, birabuza kwabirana n’abantu kanaka. Nk’akarorero, mu Balewi 18:6-20, tuhasanga urutonde rw’abantu bo “mu nzu yo hafi” cazira kwabirana na bo. Ico gisomwa kiravyinjira mu mizi kikerekana incuti z’amaraso zitegerezwa kudahuza ibitsina izo ari zo. Ego ni ko, Abakirisu ntibari munsi y’Ivyagezwe vya Musa canke ngo babe abagengwa n’ingingo ziri muri vyo. (Abanyefeso 2:15; Ab’i Kolosayi 2:14) Naho ari ukwo, ivyo ntibisobanura yuko Abakirisu bashobora guca birengagiza ico kibazo igihe bahitamwo uwo bokwubakana. Hariho imvo zitari nke zituma batovyirengagiza.

Ubwa mbere, hariho amategeko yo mw’isi agenga ivyo kwabirana n’incuti za hafi, kandi Abakirisu ku bwa ngingo bategerezwa kugamburuka amategeko y’igihugu babamwo. (Matayo 22:21; Abaroma 13:1) Ariko ntiwumve, amategeko nk’ayo usanga agenda atandukana mu turere no mu tundi. Menshi mu mategeko ya none yo muri ubwo buryo usanga ahanini ashingiye ku vy’uko baba basangiye amaraso. Birazwi neza yuko ababirana ari incuti za hafi baba bashize mu kaga uruvyaro rwabo ko kugira ubumuga n’indwara baragwa n’abavyeyi. Ku bw’iyo mvo no ku kubera yuko “bumvira abakuru,” Abakirisu bubaka izabo barakurikiza amategeko y’aho baba yerekeye umubano w’ababiranye.

Maze, haca haza ikibazo c’ibiba vyemewe n’ibitemewe mu kibano umuntu abamwo. Imico kama nka yose usanga ifise amabwirizwa n’imigenzo bibuza ko abantu bafitaniye ubucuti bw’amaraso babirana, kenshi bakabona ko abantu nk’abo babiranye baba bagotse, ku bw’ivyo kikaba ari ikizira kikaziririzwa. Naho mu mico kama itandukanye ushobora gusanga hamwe bibujijwe ko incuti kanaka zabirana ahandi ugasanga ntibibujijwe, inkoranyabumenyi imwe (The Encyclopædia Britannica) ivuga yuko “muri rusangi usanga uko ubucuti burushiriza kuba ubwa hafi hagati y’abantu babiri, ari ko guhuza ibitsina birushiriza kuba ibizira no kwiyamirizwa.” Ni co gituma, no mu gihe nyene Abakirisu batoba bagotse, batirengagiza imigenzo iba isanzwe ikurikizwa mu kibano canke ukuntu abo muri co bovyakira. Ivyo babigira kugira ngo ntibasīge iceyi ishengero rya gikirisu canke izina ry’Imana.​—2 Ab’i Korinto 6:3.

Ikindi tudakwiye kwirengagiza ni ijwi ryo mu mutima twahawe n’Imana. Abantu bose bavuka bafise iciyumviro c’ikibereye n’ikitabereye, iciza n’ikibi. (Abaroma 2:15) Ijwi ryabo ryo mu mutima rirababwira ibikwiriye kandi bibereye be n’ibizira kandi biteye isoni, kiretse gusa igihe iryo jwi ryoba ryaragoramitswe canke rigakomantazwa n’ingeso zigayitse. Yehova ivyo ni vyo yakikirijeko igihe yaha Abisirayeli amategeko yiyamiriza ivy’ukwabirana hagati y’incuti za hafi z’umubiri. Dusoma duti: “Ntimuze mukore nk’ivyo abo mu gihugu ca Egiputa bakora, abo mwahora mubamwo; kandi ntimuze mukore nk’ivyo abo mu gihugu c’i Kanani bakora, iy’abajanye kuba: ntimuze mukurikire amabgirizwa yabo.” (Abalewi 18:3) Abakirisu baraha agaciro ijwi ryabo ryo mu mutima rishingiye kuri Bibiliya, kandi ntibareka ngo ryononwe n’ukuntu amahanga abona mu buryo bugoramye icitwa ko ari ciza canke kibi.​—Abanyefeso 4:17-19.

None, dushobora gupfundika iciyumviro ikihe? Naho Abakirisu batari munsi y’Ivyagezwe vya Musa, ijwi ryabo ryo mu mutima rirababwira mu buryo butomoye yuko mu Bakirisu kizira ko incuti za hafi z’umubiri zabirana, nk’umukobwa na se, umuhungu na nyina canke gishiki na gisaza.a Uko ubucuti burushiriza kuba ubwa kure, Abakirisu baratahura yuko habaho amategeko n’amabwirizwa agenga umubano wemewe n’amategeko be n’uko habaho ingingo mfatirwako usanga zemewe mu kibano no mu mico kama. Ivyo birakwiye kurimburwa vyitondewe kugira ngo dushobore guhuza n’inkeburo iri mu Vyanditswe igira iti: “Umubano w’abābīranye ni wubahwe na bose.”​—Abaheburayo 13:4.

[Akajambo k’epfo]

a Niba ushaka kumenya ido n’ido kuri ico kibazo, turagusavye urabe ikiganiro kivuga ngo “Le point de vue chrétien sur les mariages incestueux” (Ukuntu Abakirisu babona ivy’ukwabirana hagati y’incuti za hafi), casohowe mu Munara w’Inderetsi (mu Gifaransa) wo ku wa 15 Ruheshi 1978, urupapuro 25-26.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika