Nugaragarize Ubuntu-Mvarukundo Abari n’Ivyo Bakeneye
“Umuntu wese agirire mugenzi we [“ubuntu-mvarukundo,” “NW”].”—ZEKARIYA 7:9.
1, 2. (a) Ni kuki dukwiye kugaragaza ubuntu-mvarukundo? (b) Ni ibibazo ibihe tugiye kurimbura?
IJAMBO rya Yehova Imana riduhimiriza gukunda “kugira [ubuntu-mvarukundo].” (Mika 6:8) Riratwereka kandi impamvu dukwiye kubigira. Kimwe coco ni uko “u[muntu w’ubuntu-mvarukundo] agirira neza umutima wiwe ubgiwe.” (Imigani 11:17) Ese ukuntu ari ivy’ukuri! Kugaragaza ubuntu-mvarukundo, canke urukundo rudahemuka, bituma umuntu agiranira n’abandi ubucuti burangwa igishika kandi buramba. Ivyo na vyo bizotuma tugira abagenzi badahemuka, akaba ari impera y’agaciro koko!—Imigani 18:24.
2 Vyongeye, Ivyanditswe bitubwira biti: “Uwitwaririka ivy’ubugororotsi n’[ubuntu-mvarukundo] aronka ubu[zima].” (Imigani 21:21) Egome, dukurikiranye ubuntu-mvarukundo bizotuma dukundwa n’Imana kandi bitume tuja mu murongo w’abazokwinovora imihezagiro yo muri kazoza, harimwo n’ubuzima budahera. Mugabo dushobora gute kugaragaza ubuntu-mvarukundo? Ni bande dukwiye kubugaragariza? Kandi ubuntu-mvarukundo bwoba butandukanye n’ubuntu busanzwe canke n’ubuntu muri rusangi?
Ubuntu Busanzwe Hamwe n’Ubuntu-Mvarukundo
3. Ubuntu-mvarukundo butandukaniye he n’ubuntu busanzwe?
3 Ubuntu abantu basanganywe hamwe n’ubuntu-mvarukundo biratandukanye mu buryo bwinshi. Nk’akarorero, abagaragaza ubuntu kenshi babigira badafitiye abo bantu babigiriye urukundo rugera kure canke ubucuti bwa hafi. Ariko rero, igihe tugaragarije ubuntu-mvarukundo umuntu, tuba twifatanije na we tubigiranye urukundo. Muri Bibiliya, ubuntu-mvarukundo abantu bagaragarizanya bushobora kuba bushingiye ku bucuti bwari buhasanzwe. (Itanguriro 20:13; 2 Samweli 3:8; 16:17) Canke bushobora kuba bushingiye ku bucuti bwavuye ku bikorwa biranga ubuntu vyari vyarakozwe. (Yosuwa 2:1, 12-14; 1 Samweli 15:6; 2 Samweli 10:1, 2) Kugira ngo tubone iryo tandukaniro, nimuze tugereranye uturorero tubiri two muri Bibiliya, kamwe kerekeye ubuntu busanzwe akandi kerekeye ubuntu-mvarukundo abantu bagaragaje hagati yabo.
4, 5. Uturorero tubiri two muri Bibiliya twavuzwe hano twerekana gute itandukaniro riri hagati y’ubuntu busanzwe be n’ubuntu-mvarukundo?
4 Akarorero kamwe k’ubuntu busanzwe ni akerekeye umugwi w’abantu ubwato bwasabanye, harimwo n’intumwa Paulo. Baratwawe gushika ku nkengera yo kw’izinga ryitwa Melita. (Ivyakozwe 27:37–28:1) Naho Abantu bo muri iryo zinga rya Melita ata co bari basanzwe barasezeraniye izo ngenzi zari zasutswe ku nkengera kandi akaba ata n’ubucuti bari basanzwe bafitaniye na zo, barakiriye izo ngenzi neza, “bara[zi]fata neza vyiza vy’abantu.” (Ibikorwa vy’Abatumwa 28:2, 7, UB) Babakiranye ubuntu, mugabo babigize giturumbuka kandi babigirira abantu batazi. Rero bwari ubuntu busanzwe.
5 Mu kubigereranya, rimbura ubwakiranyi Umwami Dawidi yagaragarije Mefibosheti, umwana w’umukunzi wiwe Yonatani. Dawidi yabwiye Mefibosheti ati: “Uzohora urīra ku meza yanje na ntaryo.” Mu gusigura igituma yafashe iyo ngingo, Dawidi yamubwiye ati: “Kuko ntazobura kukugirira [ubuntu-mvarukundo] kubga so Yonatani.” (2 Samweli 9:6, 7, 13) Ubwakiranyi buramba Dawidi yagaragaje birakwiriye ko buvugwa yuko ari inseruro y’ubuntu-mvarukundo, atari ubuntu gusa, kubera cari ikimenyamenya c’uko atahemuka ku bucuti bwari bwarashinzwe. (1 Samweli 18:3; 20:15, 42) No muri iki gihe, abasavyi b’Imana baragaragariza ubuntu abantu muri rusangi. Yamara, baragaragariza abo bafatanije kugira ubucuti bwemewe n’Imana, ubuntu-mvarukundo buramba, canke urukundo rudahemuka.—Matayo 5:45; Ab’i Galatiya 6:10.
6. Ni ibintu ibihe biranga ubuntu-mvarukundo abantu bagaragaza hagati yabo, biboneka mw’Ijambo ry’Imana?
6 Kugira ngo tumenye ibindi bimwebimwe biranga ubuntu-mvarukundo, turarimbura mu ncamake inkuru zitatu zo muri Bibiliya zishira ahabona iyo kamere. Dufatiye kuri izo nkuru, turaja kubona yuko ubuntu-mvarukundo abantu bagaragaza (1) bugaragarira mu bikorwa bifadika, (2) bugaragazwa bivuye ku mutima ukunze, kandi (3) bugaragarizwa canecane abari n’ivyo bakeneye. Ikigeretseko, izo nkuru zirerekana ukuntu dushobora kugaragaza ubuntu-mvarukundo muri iki gihe.
Sebibondo Agaragaza Ubuntu-Mvarukundo
7. Ni ibiki umusuku wa Aburahamu yabwiye Betuweli na Labani, kandi ni ikibazo ikihe uwo musuku yavyuye?
7 Mw’Itanguriro 24:28-67 harigana igice gisigaye ca ya nkuru y’umusuku wa Aburahamu, umwe yavugwa mu kiganiro c’imbere y’iki. Amaze guhura na Rebeka, yarahawe ikaze i muhira kwa se wa Rebeka, ari we Betuweli. (It 24 Umurongo wa 28-32) Ashitse, nya musuku yarasubiye aravuga ido n’ido ry’ukuntu aronderera umuhungu wa Aburahamu umukenyezi. (It 24 Umurongo wa 33-47) Yashimitse avuga ko kuba yari amaze kwererwa gushika ico gihe yabibonye nk’ikimenyetso kivuye kuri Yehova, we ‘yamurongoye inzira ikwiye, ngo asabire umwana wiwe umugeni ku muhungwabo wa shebuja.’ (It 24 Umurongo wa 48) Nya musuku nta nkeka ko yizigira yuko yiganye ivyabaye abikuye ku mutima vyotumye Betuweli n’umuhungu wiwe Labani bajijuka yuko Yehova ari we yayoboye ico gikorwa. Amaherezo, nya musuku yavuze ati: “Ni mwemera kugirira databuja [ubuntu-mvarukundo] mu buryo bukwiye, ni mumbarire; mutavyemeye, na ho nyene mumbarire, ngo mmenye ico nkora.”—It 24 Umurongo wa 49.
8. Betuweli yakiriye gute ikibazo cerekeye Rebeka?
8 Yehova yari amaze kugaragariza ubuntu-mvarukundo Aburahamu. (Itanguriro 24:12, 14, 27) Mbega Betuweli yoba yari afise umutima ukunze wo kugira nk’ukwo nyene, akareka Rebeka akajana na nya musuku wa Aburahamu? Mbega ubuntu-mvarukundo bw’Imana bwoba bwari kwunganirwa n’ubuntu-mvarukundo bw’umuntu? Canke hoho urugendo rurerure uwo musuku yagize rwoba rwabaye impfagusa? Bitegerezwa kuba vyarahumurije vy’ukuri umusuku wa Aburahamu kwumva Labani na Betuweli bavuga bati: “Ivyo bivuye k’Uhoraho.” (It 24 Umurongo wa 50) Baratahuye ko ukuboko kwa Yehova kwari muri ivyo bintu hanyuma baremera ata kugonanwa ingingo yafashe. Ubukurikira, Betuweli yaragaragaje ubuntu-mvarukundo bwiwe mu kwongerako ati: “Ehe rāba Rebeka nguyo, n’umujane wīgīre, abe umugore w’umwana wa shobuja, nk’uk’Uhoraho abigize.” (It 24 Umurongo wa 51) Rebeka yarakurikiye umusuku wa Aburahamu n’umutima ukunze, maze bidatevye acika umukenyezi wa Isaka akunda cane.—It 24 Umurongo wa 49, 52-58, 67.
Ubuntu-Mvarukundo Bugaragazwa n’Umwana
9, 10. (a) Yakobo yasavye umuhungu wiwe Yozefu kumugirira iki? (b) Yozefu yagaragarije se ubuntu-mvarukundo gute?
9 Umwuzukuru wa Aburahamu, ari we Yakobo na wenyene yaragaragarijwe ubuntu-mvarukundo. Nk’uko mw’Itanguriro ikigabane ca 47 havyigana, ico gihe Yakobo yaba mu Misiri, kandi “igihe co gupfa [kwiwe ca]ri hafi.” (It 47 Umurongo wa 27-29) Yari ahagaritse umutima kubera yari agiye gupfira mu gihugu kitari ico Imana yari yarasezeraniye Aburahamu. (Itanguriro 15:18; 35:10, 12; 49:29-32) Ariko rero, Yakobo ntiyashaka guhambwa mu Misiri, ari co gituma yatunganije ivy’uko ikiziga ciwe bokijana mu gihugu c’i Kanani. Ni nde wundi yoshoboye kwitwararika ivy’uko icipfuzo ciwe gishikijwe kuruta umuhungu wiwe Yozefu yari afise igiti gikomeye?
10 Iyo nkuru ivuga iti: “[Yakobo] ahamagaza umwana wiwe Yosefu, aramubarira, ati Ni waba uzongirira neza, . . . wemere kun[girira ubuntu-mvarukundo], no kumbera umwizigirwa. Ndakwinginze, ntuz’umpambe muri Egiputa: ariko ni nagera guhamvya ba sogokuru, uz’unkūre muri Egiputa, umpambe mw isenga yabo bāhambgemwo.” (Itanguriro 47:29, 30) Yozefu yarasezeranye gukurikiza ico yari asabwe, hanyuma budakeye na kabiri Yakobo arapfa. Yozefu n’abandi bana ba Yakobo barajanye ikiziga ciwe “mu gihugu c’i Kanani, bamuhamba mw isenga yo mw itongo ry’i Makipela, . . . iyo Aburahamu yaguze.” (Itanguriro 50:5-8, 12-14) Gutyo Yozefu yaragaragarije ubuntu-mvarukundo se.
Ubuntu-Mvarukundo Bugaragazwa n’Umukazana
11, 12. (a) Rusi yagaragarije ubuntu-mvarukundo gute Nawomi? (b) Ni mu buryo ki ubuntu-mvarukundo Rusi yagaragaje “ubwa nyuma” bwari bwiza kuruta “ubga mbere”?
11 Igitabu ca Rusi kirigana ukuntu umupfakazi Nawomi yagiriwe ubuntu-mvarukundo n’umukazana wiwe Rusi w’Umunyamowabu, akaba na we nyene yari umupfakazi. Igihe Nawomi yafata ingingo yo gusubira i Betelehemu i Buyuda, Rusi yaragaragaje ubuntu-mvarukundo n’umwiyemezo, avuga ati: “Ah’uzoja [n]i ho nzoja, kand’ah’uzorāra [n]i ho nzorāra; ihanga ryanyu ni ryo rizoba ihanga ryacu, Imana yawe ni yo izoba Imana yanje.” (Rusi 1:16) Rusi mu nyuma yaragaragaje ubuntu-mvarukundo bwiwe igihe yamenyesha ko afise umutima ukunze wo kwubakana n’incuti ya Nawomi yari ishaje, ari yo Bowazi.a (Gusubira mu Vyagezwe 25:5, 6; Rusi 3:6-9) Uyo Bowazi yabwiye Rusi ati: “[Ubuntu-mvarukundo] werekanye none [buruta ubwo] werekanye ubga mbere, kuk’utārondeye imisore, ar’aboro cank’abatunzi.”—Rusi 3:10.
12 Ubuntu-mvarukundo Rusi yerekanye “ubga mbere” bwerekeye ca gihe yava mu bantu b’iwabo hanyuma akifatanya na Nawomi akaramata. (Rusi 1:14; 2:11) Eka mbere ubuntu-mvarukundo Rusi yagaragaje “ubwa nyuma” (NW) bwararuse ico gikorwa, na co akaba ari wa mutima ukunze yerekanye wo kwubakana na Bowazi. Rusi ico gihe yoshoboye kuvyarira Nawomi samuragwa, we yari yararenganye imyaka yo kuvyara. Barubatse, maze aho mu nyuma Rusi avyariye, abagore b’i Betelehemu bikora mu gahogo bati: “Nawomi avyariwe umuhungu.” (Rusi 4:14, 17) Rusi mu vy’ukuri yari “umugore aroranye,” kubera ico Yehova akaba yaramuhaye impera amutera agateka gahambaye ko gucika inakuruza wa Yezu Kirisitu.—Rusi 2:12; 3:11; 4:18-22; Matayo 1:1, 5, 6.
Bugaragarira mu Bikorwa
13. Betuweli, Yozefu na Rusi bagaragaje ubuntu-mvarukundo gute?
13 Woba wabonye ukuntu Betuweli, Yozefu na Rusi bagaragaje ubuntu-mvarukundo? Ntibabigize gusa mu majambo meza ariko banabigize mu bikorwa bifadika. Betuweli ntiyavuze gusa ngo “Ehe rāba Rebeka nguyo” mugabo ‘yaramurungitse’ nya kumurungika. (Itanguriro 24:51, 59) Yozefu ntiyavuze gusa ngo “Nzogenza uk’umbariye” mugabo we n’abo bavukana bagiriye Yakobo “uko yabageze.” (Itanguriro 47:30; 50:12, 13) Rusi ntiyavuze gusa ngo “Ah’uzoja [n]i ho nzoja” mugabo yaravuye mu bantu b’i wabo hanyuma arakurikira Nawomi, ku buryo “bompi ba[janye] kurinda bashika i Betelehemu.” (Rusi 1:16, 19) I Buyuda na ho nyene Rusi yakora “vyose nk’uko inabukwe [a]mubariye.” (Rusi 3:6) Egome, ubuntu-mvarukundo bwa Rusi, cokimwe n’ubw’abandi, bwagaragarijwe mu bikorwa.
14. (a) Abasavyi b’Imana bo muri iki gihe bagaragaza gute ubuntu-mvarukundo mu bikorwa? (b) Ni ibikorwa ibihe biranga ubuntu-mvarukundo woba uzi bikorwa n’Abakirisu bo mu karere iwanyu?
14 Birakora ku mutima kubona ukuntu abasavyi b’Imana muri iki gihe babandanya kugaragariza mu bikorwa ubuntu-mvarukundo bwabo. Nk’akarorero, iyumvire abantu bama nantaryo baja kuremesha abo basangiye ukwemera bamugaye, batuntuye canke bavunitse umutima. (Imigani 12:25) Canke rimbura Ivyabona vya Yehova benshi batwara babigiranye ukudahemuka abageze mu zabukuru mu miduga ku Ngoro y’Ubwami kugira ngo bitabe amakoraniro y’ishengero agirwa ku ndwi ku ndwi. Anna, uwari amaze imyaka 82 kandi agwaye indwara y’igikange, araserura inyiyumvo n’abandi batari bake bafise igihe avuga ati: “Kuronka umuntu agutwara mu muduga ku makoraniro yose ni umuhezagiro uva kuri Yehova. Ndamushimira bimwe bivuye ku mutima kuba yarandonkeje abavukanyi n’abavukanyikazi nk’abo barangwa n’urukundo.” Woba uriko uragira uruhara mu bikorwa nk’ivyo mw’ishengero iwanyu? (1 Yohana 3:17, 18) Nimba uriko urabigira, umenye neza yuko ubuntu-mvarukundo bwawe bushimwa cane.
Bugaragazwa Bivuye ku Mutima Ukunze
15. Ni ikindi kintu nyabaki kiranga ubuntu-mvarukundo cerekanywe muri za nkuru zitatu zo muri Bibiliya twarimbuye?
15 Inkuru zo muri Bibiliya twarimbuye zirerekana kandi yuko ubuntu-mvarukundo umuntu abugaragaza atiziganya kandi abigiranye umutima ukunze, ata gahato karimwo. Betuweli yarasenyeye ku mugozi umwe n’umusuku wa Aburahamu abigiranye umutima ukunze, kandi na Rebeka ni ko yabigenjeje. (Itanguriro 24:51, 58) Yozefu yagaragaje ubuntu-mvarukundo bwiwe ata bandi barinze kumusunika. (Itanguriro 50:4, 5) Rusi “[yar]amaramaje kujana na [Nawomi].” (Rusi 1:18) Igihe Nawomi yagira inama Rusi yo kwegera Bowazi, ubuntu-mvarukundo ni bwo bwavyuriye umutima uwo Munyamowabukazi wo kuvuga ati: “Ic’umbgiye cose ndagikora.”—Rusi 3:1-5.
16, 17. Ni igiki gituma ubuntu-mvarukundo Betuweli, Yozefu na Rusi bagaragaje bugira ico buvuze kidasanzwe, kandi ni igiki cabavyuriye kugaragaza iyo kamere?
16 Ubuntu-mvarukundo Betuweli, Yozefu na Rusi bagaragaje burafise ico buvuze kidasanzwe, kubera yuko Aburahamu, Yakobo na Nawomi ata bubasha na bumwe bari bafise bwo kubahata ngo babagaragarize ubuntu-mvarukundo. Nakare, Betuweli nta tegeko yari afise rimutegeka kurungika umwigeme wiwe. Yari gushobora kubwira umusuku wa Aburahamu bitagoranye ati: ‘Oya, nshaka ko umwigeme wanje w’umunyamwete ataja kure yanje.’ (Itanguriro 24:18-20) Na Yozefu yari afise uburengazira bwo gufata ingingo yo gukora ivyo se yari yamusavye canke ntabikore, kubera Yakobo yobaye yapfuye gutyo akaba atoshoboye kumuhata gukurikiza iryo yavuze. Nawomi ubwiwe yarerekanye yuko Rusi yari afise uburenganzira bwo kuguma i Mowabu. (Rusi 1:8) Rusi kandi yari afise uburenganzira bwo kwubakana n’“imisore” aho kwubakana n’umutama Bowazi.
17 Betuweli, Yozefu na Rusi bagaragaje ubuntu-mvarukundo n’umutima ukunze; umutima wabo ni wo wabavyuriye kubigira. Barumvise bafise ibanga ryo kugaragariza iyo kamere abo bari bafitaniye ubucuti, nk’uko n’Umwami Dawidi mu nyuma yumvise ikimugobera kubugaragariza Mefibosheti.
18. (a) Abakurambere b’Abakirisu “baragira ubusho” bafise akahe gatima? (b) Umukurambere umwe yaseruye gute inyiyumvo afise ku vyerekeye ugufasha abo basangiye ukwemera?
18 Ubuntu-mvarukundo buracari ikimenyetso kiranga abasavyi b’Imana, ushizemwo abagabo baragira ubusho bw’Imana. (Zaburi 110:3; 1 Ab’i Tesalonike 5:12) Abakurambere nk’abo, ari bo bacungezi, barumva bafise ibanga ryo kubaho bisunga ico bajejwe, igihe bagenwa. (Ivyakozwe 20:28) Naho ari ukwo, igikorwa cabo c’ubwungere n’ibindi bikorwa biranga ubuntu-mvarukundo bakorera ishengero, babirangura ‘batagoberewe, ariko babikunze.’ (1 Petero 5:2) Abakurambere baragira ubusho kubera bafise ibanga ryo kuburagira be n’icipfuzo co kubigira. Bagaragariza ubuntu-mvarukundo intama za Kirisitu kubera ari ikintu babwirizwa kugira kandi babishaka. (Yohana 21:15-17) Umukurambere umwe w’Umukirisu avuga ati: “Ndakunda kuja kugendera abavukanyi ku mihana yabo canke nkabahamagara kuri telefone ata kindi ndababwira, nshaka gusa kubereka ko nari namye ndabiyumvira.” “Gufasha abavukanyi ni isoko rihambaye ry’umunezero no gushira akanyota kuri jewe!” Abakurambere bitwararika, aho ari ho hose ivyo bintu baravyemera n’umutima wabo wose.
Nugaragarize Ubuntu-Mvarukundo Abari n’Ivyo Bakeneye
19. Ni ikintu nyabaki cerekeye ubuntu-mvarukundo gishimikwako n’inkuru zo muri Bibiliya twaciye irya n’ino muri iki kiganiro?
19 Inkuru zo muri Bibiliya twaciye irya n’ino zirashimika kandi ku vy’uko ubuntu-mvarukundo bukwiye kugaragarizwa abari n’ivyo bakeneye badashoboye kwironsa ubwabo. Kugira ngo umuryango wa Aburahamu ubandanye kurondoka, yari akeneye ko Betuweli abimufashamwo. Kugira ngo ikiziga ciwe gitwarwe i Kanani, Yakobo yari akeneye gufashwa na Yozefu. Kandi kugira ngo aronke samuragwa, Nawomi yari akeneye gusahirizwa na Rusi. Yaba Aburahamu, Yakobo canke Nawomi, nta numwe yari gushobora gushitsa ivyo vyari bikenewe ata wubafashije. No muri iki gihe, ubuntu-mvarukundo bukwiye kugirirwa canecane abari n’ivyo bakeneye. (Imigani 19:17) Dukwiye kwigana umwe sekuruza w’imiryango Yobu, we yitwararika “impahazwa itakamba, . . . n’impfuvyi itagira gitabara” hamwe n’“umugorwa.” Yobu kandi ‘yaranezereza umutima w’umupfakazi’ akongera akaba ‘amaso y’impumyi n’ibirenge vy’uwucumbaragira.’—Yobu 29:12-15.
20, 21. Ni bande bakeneye ko tubagaragariza ubuntu-mvarukundo, kandi umwe wese muri twebwe akwiye kwiyemeza gukora iki?
20 Mu vy’ukuri, mw’ishengero iryo ari ryo ryose rya gikirisu hariyo “impahazwa [z]itakamba.” Ivyo bishobora kuba biva nko kw’irungu, gucika intege, inyiyumvo zo kwumva ko atabereye, kuvunwa umutima n’abandi, indwara ikomeye canke ukubura uwawe. Ikibitera caba ikihe, mwene abo bantu bose dukunda barafise ivyo bakeneye bishobora kandi bikwiye gushitswa n’ibikorwa biranga ubuntu-mvarukundo tubakorera nantaryo n’umutima ukunze.—1 Ab’i Tesalonike 5:14.
21 Rero, nimuze tubandanye kwigana Yehova Imana, we “agwije ubuntu-mvarukundo.” (Kuvayo 34:6, NW; Abanyefeso 5:1) Dushobora kumwigana mu gukora ibikorwa bifadika n’umutima ukunze, na canecane tubikorera abari n’ivyo bakeneye. Kandi nta nkeka ko tuzotera iteka Yehova vyongeye tukagira umunezero mwinshi uko tubandanya ‘kugirira bagenzi bacu ubuntu-mvarukundo.’—Zekariya 7:9.
[Akajambo k’epfo]
a Ushaka kumenya ido n’ido ry’ivy’uwo mubano uvugwa hano, raba igitabu Étude perspicace des Écritures, imbumbe ya 2, urupapuro rw’226, casohowe n’Ivyabona vya Yehova.
Wokwishura Gute?
• Ubuntu-mvarukundo butandukaniye he n’ubuntu busanzwe?
• Ni mu buryo ubuhe Betuweli, Yozefu na Rusi bagaragaje ubuntu-mvarukundo?
• Dukwiye kugaragaza ubuntu-mvarukundo tubigiranye agatima akahe?
• Ni bande bakeneye ko tubagaragariza ubuntu-mvarukundo?
[Ifoto ku rup. 15]
Betuweli yagaragaje ubuntu-mvarukundo gute?
[Ifoto ku rup. 17]
Urukundo rudahemuka rwa Rusi rwabaye umuhezagiro kuri Nawomi
[Amafoto ku rup. 19]
Ubuntu-mvarukundo abantu bagaragaza babugaragaza bivuye ku mutima ukunze, bukagaragarira mu bikorwa bifadika, kandi bugaragarizwa abari n’ivyo bakeneye