ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w02 1/12 rup. 24-28
  • Aho Twarungitswe Gukorera Ubumisiyonari Hacitse i Muhira Iwacu

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Aho Twarungitswe Gukorera Ubumisiyonari Hacitse i Muhira Iwacu
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2002
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Ugupfungwa n’Ukubuzwa
  • Kwubakana n’Umwamamaji w’Umunyamwete
  • Twimukira mu Gihugu co mu Mahanga Twarungitswe Gukoreramwo
  • Amasengesho Yacu Yishurwa
  • Twaramazwe Akanyota n’Igihugu Twarungitswe Gukoreramwo
  • Nararonkeye umunezero mu murimo wa Yehova
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2021
  • Yehova yaranyigishije gukora ivyo agomba
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2002
w02 1/12 rup. 24-28

Inkuru y’Ubuzima

Aho Twarungitswe Gukorera Ubumisiyonari Hacitse i Muhira Iwacu

Nk’uko Vyavuzwe na Dick Waldron

Hari ku w’Iyinga ku muhingamo muri Nyakanga 1953. Ni ho twari tugishika muri Afirika yo mu Bumanuko Bushira Uburengero (ahitwa ubu Namibiya). Ntitwari bwamare n’indwi muri ico gihugu kandi twagira turongore ikoraniro ry’icese ku murwa mukuru, ari wo Windhoek. Ni igiki cari catumye tuva muri Ostraliya tukaja muri ico gihugu co muri Afirika? Jewe n’umukenyezi wanje, kumwe n’abigeme batatu bakiri bato, twari twaje turi abamisiyonari b’inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana.​—Matayo 24:14.

UBUZIMA bwanje bwatanguriye mu gice ca kure c’isi co muri Ostraliya, mu mwaka w’intibagirwa w’1914. Imyaka yanje y’ubuyabaga yahuriranye na ya Magume Ahambaye yo mu vy’Ubutunzi, nkaba nategerezwa gushitsa uruhara rwanje kugira mbungabunge umuryango. Nta kazi kaboneka, mugabo narize uburyo bwo guhiga inkwavu zo mw’ishamba, na zo zikaba zari nyinshi muri Ostraliya. Gutyo, kimwe mu bintu nyamukuru naterera mu kwongereza ku vyo umuryango wari ufise mu bubiko kwari ukwama nzana inyama z’inkwavu.

Igihe intambara ya kabiri y’isi yose yaduka mu 1939, narashoboye kuronka akazi, nkaba nakora ku magarimoshi no ku mabisi vyunguruza abantu mu gisagara ca Melbourne. Hariho nk’abantu 700 bakora bakurakuranwa ku mabisi, kandi igihe cose naba nshikiriwe nahasanga uwundi mudereva w’ibisi canke uwundi atoza amahera. Akenshi narababaza nti: “Muri mw’idini irihe?” maze baca basigura ivyo bemera. Umuntu wenyene yashoboye kumpa inyishu zimara akanyota yari Icabona ca Yehova. Yaransiguriye ubutumwa bushingiye kuri Bibiliya bwerekeye isi y’iparadizo, aho abantu batinya Imana bazokwibera ibihe bidahera.​—Zaburi 37:29.

Muri ico gihe nyene, mawe na we nyene yahavuye amenyana n’Ivyabona vya Yehova. Akenshi, igihe naba ntashe ntevye mvuye ku kazi, nasanga bambikiye imfungurwa ziri kumwe n’ikinyamakuru citwa Consolation (ubu kikaba citwa Réveillez-vous!). Ivyo nasoma numva bishimishije. Amaherezo, narashitse ku ciyumviro c’uko iyo yari idini y’ukuri, maze nca nifatanya n’ishengero nshirutse umwete hanyuma ndabatizwa muri Rusama 1940.

Mu gisagara ca Melbourne hariho inzu y’abatsimvyi, aho abasuku nka 25 b’igihe cose bo mu Vyabona vya Yehova baba. Narabanye na bo. Narumviriza ku musi ku musi ivyo babonye biteye umunezero mu gikorwa co kwamamaza, maze mu mutima wanje haratsimbatara icipfuzo co kuba umutsimvyi. Amaherezo, narasavye umurimo w’ubutsimvyi. Baranyemereye maze bansaba gukorera ku biro vy’ishami vy’Ivyabona vya Yehova vyo muri Ostraliya. Gutyo mba mbaye uwo mu bagize umuryango wa Beteli.

Ugupfungwa n’Ukubuzwa

Kimwe mu bikebere nashinzwe kuri Beteli cari ico gukorera mw’ibaziro. Ngaho twacagagura ibiti vyo gukoramwo amakara yo guhinguramwo umwuka. Uwo mwuka ni wo wakoreshwa ku miduga yo kw’ishami kubera yuko ibitoro vyagurishwa vyari bikeyi bivuye ku ntambara. Twakorera mw’ibaziro turi 12, twese tukaba twaracaguwe ngo tuje mu gisoda ku nguvu. Budakeye na kabiri, baciye baducira umunyororo w’amezi atandatu kubera twanse kuja mu gisoda twishimikije ico Bibiliya ivuga. (Yesaya 2:4) Twaciye turungikwa gukora ibikorwa ku nguvu bikomeye mu mirima y’ibohero rimwe. Ni igikorwa ikihe baduhaye gukora? Igitangaje, twahawe kwicira ibiti, ca kintu nyene twari twaramenyerejwe gukora kuri Beteli!

Twarakoze neza ico gikorwa co gucagagura ibiti ku buryo umukuru w’ibohero yaduhaye Bibiliya be n’ibisohokayandikiro vyacu bishingiye kuri yo, naho hari amategeko akaze yuko bakwiye kutwima ivyo bintu. Muri ico gihe ni ho niga icigwa c’ingirakamaro ku biraba imigenderanire abantu bagiriranira. Igihe nakorera kuri Beteli, hari umuvukanyi umwe tutumvikana. Kamere zacu zari zitandukanye cane. Emwe, wibaza ko ari nde twashizwe mu cumba kimwe mu munyororo? Emwe, uwo muvukanyi nyene. Ico gihe twari turonse vy’ukuri umwanya wo kumenyana, maze icavuyemwo ni uko twatsimbataje ubugenzi bwa somambike kandi buramba.

Mu nyuma, igikorwa c’Ivyabona vya Yehova carabujijwe muri Ostraliya. Amahera yose yaranyazwe, maze abavukanyi bo kuri Beteli basigarana uduhera dukeyi cane two gukoresha. Igihe kimwe, umwe muri bo yaraje kundaba maze avuga ati: “Dick, nshaka kugenda mu gisagara gushinga intahe gatoyi, mugabo nta birato mfise, atari amabotine gusa nkorana.” Narahimbawe no kumufasha, maze aca agenda mu gisagara yambaye ibirato vyanje.

Mu nyuma, twagiye twumva yuko yafashwe maze arapfungwa kubera yariko aramamaza. Sinashoboye kwiyumanganya, naciye ndamurungikira aka gakete: “Ndababajwe n’ivyagushikiye. Emwe, ndahimbawe kubona ntari nambaye ibirato vyanje!” Mugabo bidatevye na jewe nyene naciye mfatwa maze mpfungwa ubugira kabiri kubera impagararo yanje yo kutagira aho negamiye. Maze kurekurwa, nashinzwe igikorwa co kubungabunga itongo ryavamwo ibifungurwa vy’umuryango wa Beteli. Ico gihe twaratahukanye intsinzi muri sentare, maze ukubuzwa kw’ibikorwa vy’Ivyabona vya Yehova kurakurwaho.

Kwubakana n’Umwamamaji w’Umunyamwete

Igihe nakorera kuri iryo tongo, naratanguye kwiyumvira ata gufyina ivyo kwubaka maze ndakwegerwa n’umuvukanyikazi akiri muto w’umutsimvyi, yitwa Coralie Clogan. Inakuru wa Coralie avyara nyina ni we wa mbere mu muryango iwabo yerekanye ko ashimishwa n’ubutumwa bwa Bibiliya. Ari ku mpfiro, yari yarabwiye Vera nyina wa Coralie ati: “Urere abana bawe ubigisha gukunda Imana no kuyikorera, maze umusi umwe tuzohurira mw’isi y’Iparadizo.” Bidatevye, igihe umutsimvyi umwe yaza kuramutsa ku rugi rwa Vera azanye igisohokayandikiro gifise umutwe uvuga ngo Des millions de personnes actuellement vivantes ne mourront jamais (Abantu Amamiliyoni Bariho Ubu Ntibazokwigera Bapfa), ayo majambo yaciye atangura kugira ico avuze. Ako gatabu karajijuye Vera yuko umugambi w’Imana wari uw’uko umuryango w’abantu winovora ubuzima kw’isi y’iparadizo. (Ivyahishuriwe 21:4) Yabatijwe mu ntango z’imyaka y’1930, maze nk’uko nyina wiwe yari yaramuremesheje, yarafashije abakobwa biwe batatu, ari bo Lucy, Jean na Coralie gutsimbataza ugukunda Imana. Ariko rero, se wa Coralie yararwanije bimwe bikomeye ivy’uko umuryango wiwe wari washimishijwe n’idini, nk’uko nyene Yezu yabuye ko vyoshitse mu miryango.​—Matayo 10:34-36.

Umuryango wa Clogan wari umuryango ufise ububangukirwe mu vy’umuziki, umwana wese akaba yaravuza igicurarangisho. Coralie yavuza igicurarangisho kimeze nk’igitari bita violon, maze mu 1939, yararonse urupapuro rw’umutsindo mu vy’umuziki afise imyaka 15 y’amavuka. Iyaduka ry’Intambara ya Kabiri y’Isi Yose ryatumye Coralie yiyumvira ata gufyina ku vyerekeye kazoza kiwe. Igihe cari gishitse c’uko afata ingingo y’ico yari agiye gukoresha ubuzima bwiwe. Ku ruhande rumwe, hariho akaryo ko gukurikirana ivy’umuziki. Yari amaze kuronka ubutumire bwo kuvuza imiziki mu mugwi w’abaririmvyi (Melbourne Symphony Orchestra) wo mu gisagara ca Melbourne. Ku rundi ruhande, hariho akaryo ko guhebera umwanya wiwe igikorwa gihambaye co kwamamaza ubutumwa bw’Ubwami. Bamaze kubizirikanako bitonze, Coralie na bene wabo babiri barabatijwe mu 1940 hanyuma bitegurira kwinjira mu gikorwa co kwamamaza c’igihe cose.

Hari haciye igihe gitoyi cane Coralie azirikanye ivyerekeye ubusuku bw’igihe cose, igihe umuvukanyi umwe afise ibanga rihambaye yari yaje ava kw’ishami rya Ostraliya, ari we Lloyd Barry yamwegera, uwo muvukanyi akaba yahavuye akora ari umwe mu bagize Inama Nyobozi y’Ivyabona vya Yehova. Yari ahejeje insiguro i Melbourne maze abwira Coralie ati: “Nsubiye kuri Beteli. Ni kubera iki tutosubiranayo mw’igarimoshi maze ukifatanya n’umuryango wa Beteli?” Yaremeye n’umutima ukunze.

Coralie n’abandi bavukanyikazi bo mu muryango wa Beteli bararanguye uruhara ruhambaye mu vyo kuronsa abavukanyi bo muri Ostraliya ibisohokayandikiro bishingiye kuri Bibiliya mu gihe c’ukubuzwa kwo muri ya myaka y’intambara. Ku bwa ngingo barakora igikorwa kinini co gucapura, bahagarikiwe n’Umuvukanyi Malcolm Vale. Igitabu The New World (Isi Nshasha) be n’igitabu Children (Abana) vyariko bicapurwa vyongera biteranywa, kandi nta n’inomero n’imwe y’ikinyamakuru Umunara w’Inderetsi yigeze ibura mu gihe c’imyaka irenga ibiri ukwo kubuzwa kwamaze.

Icapuriro ryategerejwe kwimurwa nk’incuro 15 kugira ngo abapolisi ntibaribone. Igihe kimwe, ibisohokayandikiro bishingiye kuri Bibiliya vyacapurirwa mu nzu imwe yo mu kuzimu aho bacapurira ibintu bitandukanye kugira babahume amaso. Umuvukanyikazi yakora kw’iyakiriro yarashobora gufyonda akuma kavuza ikengeri yo muri iyo nzu yo mu kuzimu, igihe vyaba bibonetse ko hari ingeramizi igomba kwaduka, kugira ngo abavukanyikazi baba bariyo bashobore kunyegeza ibisohokayandikiro imbere y’uko hagira umuntu n’umwe atangura gusaka.

Mu gihe isaka nk’iryo ryaba ririko riraba, abavukanyikazi bamwebamwe bararandutse umutima igihe babona yuko hari Umunara w’Inderetsi uri hejuru ku meza aho abantu bose bawubona. Umupolisi yarinjiye, ashira agasakoshi kiwe hejuru nyene kuri wa Munara w’Inderetsi, maze atangura gusaka. Amaze kubura ikintu na kimwe, yaciye yakira nya gasakoshi kiwe maze arisohokera!

Ukubuzwa kumaze gukurwaho n’ibintu vy’ishami bigasubizwa abavukanyi, abatari bake muri bo barahawe akaryo ko kuja gukorera mu ndimiro ari abatsimvyi badasanzwe. Ico gihe ni ho Coralie yitanga avyishakiye kuja gukorera i Glen Innes. Naciye nja gukorana na we tumaze kugira ubugeni ku wa 1 Nzero 1948. Igihe twava muri ico gikebere, haciye hashingwa ishengero risagamba cane.

Ahakurikira twaciye turungikwa gukorera hari mu gisagara ca Rockhampton, mugabo nta hantu na hamwe ho kuba twashoboye kuronkayo. Ku bw’ivyo, twaciye twubaka ihema mw’itongo ry’umuntu yashimishijwe. Iryo hema ryategerezwa kuba yo nzu yacu mu mezi icenda yari agiye gukurikira. Vyari gushoboka ko tuba mw’ihema igihe kitari gito, mugabo aho imvura itasuriye, ikivumbuzi co mu ntara z’ubushuhe caratabuye iryo hema, maze ritwarwa n’imvura y’isegenya.a

Twimukira mu Gihugu co mu Mahanga Twarungitswe Gukoreramwo

Tukiri i Rockhampton, twararonse ubutumire bwo kwitaba ivyigwa vy’umugwi ugira 19 vy’Ishure ry’ivya Bibiliya rya Watchtower ry’i Gileyadi rimenyereza abamisiyonari. Ukwo ni kwo vyagenze kugira turungikwe muri ca gihugu cari kizwi ko ari Afirika yo mu Bumanuko Bushira Uburengero aho tumariye kuronka urupapuro rw’umutsindo mu 1952.

Bidatevye, abakuru b’amadini y’Abiyita Abakirisu barerekanye ukuntu biyumva ku vyerekeye igikorwa cacu c’ubumisiyonari. Uko uw’Iyinga wose ushitse, bikaba vyabaye mu ndwi zitandatu zikurikirana, baragabisha amashengero yabo ku bitwerekeye bari imbere aho bigishiriza. Babwiye abantu kutaduha ikaze no kutadukundira ko dusoma muri Bibiliya, kubera yotuma bajuragirika. Mu gace kamwe, twaratanze ibisohokayandikiro bitari bike, mugabo umukuru w’idini yaradukurikiye uko twava ku nzu tuja ku yindi maze aravyegeranya. Umusi umwe twaragize ikiyago mu kibanza c’ukwigiramwo c’uwo mukuru w’idini maze turabona yuko yari afise ibitabu vyacu vyinshi yari yaregeranije.

Hataraca n’igihe, abategetsi bo muri ako karere baratanguye kwerekana ko barajwe ishinga n’ibikorwa dukora. Birashoboka ko bivuye ku bakuru b’amadini, biketse yuko dushobora kuba twifatanije n’Abakominisita. Ku bw’ivyo, twaramenyekanye maze bamwebamwe mu bantu twagendeye barasambishijwe. Naho twahuye n’ukwo kurwanywa kwose, abitaba amakoraniro yacu baguma bongerekana.

Kuva tukihashika, twaratsimbataje icipfuzo gikomeye co gukwiragiza ubutumwa bushingiye kuri Bibiliya mu bantu b’imvukira b’Abovambo, Abaherero be n’Abanama. Ariko rero, ivyo ntivyari vyoroshe. Muri ico gihe, Afirika yo mu Bumanuko bushira Uburengero yaciye itwarwa n’intwaro ya karyanishamiryango y’abazungu ba Afirika y’Epfo. Kubera yuko twari abazungu, ntitwemererwa gushinga intahe mu turere tubamwo abirabure tutabiherewe uruhusha n’intwaro. Rimwe na rimwe, twarasaba urwo ruhusha, mugabo abategetsi nta kindi bakora atari ukurutwima.

Haciye imyaka ibiri dukorera muri ico gihugu co mu mahanga, hari ikintu cabaye tutari twiteze. Coralie yari yibungenze. Muri Gitugutu 1955, umukobwa wacu Charlotte yaravutse. Naho tutari tugishobora kubandanya gukora turi abamisiyonari, narashoboye kuronka akazi k’igice c’umwanya maze ndabandanya gukora igihe gitoyi bwa mutsimvyi.

Amasengesho Yacu Yishurwa

Mu 1960, twarahanganye n’iyindi ngorane. Coralie yararonse ikete rivuga ko nyina arwaye cane ku buryo bw’uko Coralie aramutse atagiye i muhira, ashobora kutazokwigera asubira kubona nyina wiwe. Ku bw’ivyo, twaciye dutegekanya kuva muri Afirika yo mu Bumanuko Bushira Uburengero hanyuma dusubira muri Ostraliya. Ico gihe hari ikintu caciye kiba, muri iyo ndwi nyene twari twiteguriye kuhava, naciye ndonka urukaratasi ruvuye ku bakuru bo muri ako karere ruduha uruhusha rwo kwinjira mu gisagara c’abirabure citwa Katutura. Twari gukora iki ico gihe? Twoba twari gusubiza urwo rukaratasi ruduha uruhusha kandi twari tumaze imyaka indwi turwana urugamba kugira tururonke? Vyari vyoroshe kwiyumvira yuko abandi boshoboye kubandaniriza aho twari twagejeje. Mugabo uwo none ntiwari umuhezagiro uvuye kuri Yehova, ntiyari amasengesho yacu yishuwe?

Naciye mfata ingingo ubwo nyene. Sinoshoboye kuva muri ico gihugu, kubera ugutinya yuko utwigoro twagize two kuhaguma igihe cose twohavuye tugeramirwa turamutse tugiye twese muri Ostraliya. Umusi ukurikira, narafutishije ivy’ikibanza nari nabikishije mu bwato maze ndungika Coralie na Charlotte muri Ostraliya mu kiruhuko comaze igihe kirekire.

Bamaze kugenda, naciye ntangura gushingira intahe ababa mu gisagara c’abirabure. Abagaragaje ugushimishwa bari benshi. Igihe Coralie na Charlotte bagaruka, abantu batari bake bo muri ico gisagara c’abirabure baritaba amakoraniro yacu.

Ico gihe, nari mfise imodoka ishaje, iyo nashobora gutwaramwo abashimishijwe ku makoraniro. Nagira ingendo zine canke zitanu kw’ikoraniro rimwe ryose, ngatwara abantu ndwi, munani canke cenda ku rugendo rwose naba ngize. Igihe umuntu wa nyuma asohotse, Coralie yarabaza yifyinira ati: “Ni abandi bantu bangahe basigaye munsi y’intebe?”

Kugira ngo turushirize kuba kirumara mu gikorwa co kwamamaza, twari dukeneye ibisohokayandikiro biri mu rurimi abantu b’imvukira bakoresha. Ku bw’ivyo, naragize agateka ko kuringaniza ivy’uko agapapuro k’inkuru nziza gafise umutwe uvuga ngo La vie dans un monde nouveau (Ubuzima mw’Isi Nshasha) gahindurwa mu ndimi zine zivugwa aho hantu: Herero, Nama, Ndonga be na Kwanyama. Abahinduzi bari abantu bize amashure twigana Bibiliya, mugabo nategerezwa gukorana na bo kugira ngo ndabe neza yuko iryungane ryose ryahinduwe neza. Nama ni ururimi rufise amajambo ngengarurimi makeyi. Nk’akarorero, nariko ndagerageza gusigura iki ciyumviro: “Mu ntango Adamu yari umuntu atagira agasembwa.” Umuhinduzi yaciye yiyagaza mu mutwe maze avuga yuko adashobora kwibuka ijambo ryo mu rurimi rw’Ikinama rikoreshwa kw’ijambo “kitagira agasembwa.” Amaherezo yavuze ati: “Ndaritoye. Mu ntango Adamu yari ameze nk’icamwa kirunguriye.”

Twaramazwe Akanyota n’Igihugu Twarungitswe Gukoreramwo

Haraheze nk’imyaka 49 kuva dushitse muri ico gihugu ari bwo bwa mbere, ubu citwa Namibiya. Ntibigikenewe ko turonka urupapuro ruduha uburenganzira bwo kwinjira mu bibano vy’abirabure. Namibiya itwarwa n’intwaro nshasha igengwa n’ibwirizwa-shingiro ridahengamira kw’ibara na rimwe ry’urukoba. Muri iki gihe, mu gisagara ca Windhoek dufise amashengero ane maninimanini akoranira mu Ngoro z’Ubwami nziza.

Twarazirikanye kenshi ku majambo twumvise i Gileyadi, ayagira ngo: “Igihugu co mu mahanga muzorungikwa gukoreramwo mukigire i muhira iwanyu.” Turavye ingene Yehova yayoboye ibintu, twarajijutse yuko yashaka ko ico kindi gihugu gicika i muhira iwacu. Twarashitse ku gukunda abavukanyi be n’imico kama yabo itandukanye kandi ihimbaye. Twarifatanya na bo mu gutwenga igihe banezerewe, tukifatanya na bo mu kurira igihe batuntuye. Bamwebamwe muri ba bandi bashasha twahora dutwara mu muduga wacu tukabajana ku makoraniro, ubu bakora bwa nkingi mu mashengero barimwo. Igihe twashika muri ico gihugu kinini mu 1953, hari abamamaji badashika na cumi muri ako karere bamamaza inkuru nziza. Igitigiri cacu carongerekanye, kiva kuri abo bamamaji bakeyi bariho mu ntango, gishika ku bamamaji barenga 1.200. Nk’uko yari yarabisezeranye, Yehova yarakujije imbuto aho twebwe be n’abandi ‘twateye twongera turavomera.’​—1 Ab’i Korinto 3:6.

Dukubitije agatima mpembero mu myaka itari mike tumaze mu murimo, guhera muri Ostraliya n’ubu na ho tukaba turi muri Namibiya, jewe na Coralie turumva dushize akanyota bimwe bigera ibwina. Turizigiye yuko Yehova azobandanya kuduha inkomezi kugira ngo dukore ivyo agomba ubu n’ibihe bidahera, kandi ni co dusenga dusaba.

[Akajambo k’epfo]

a Inkuru ikora ku mutima, itarimwo izina ry’abavugwamwo yerekana ukuntu abo kwa Waldron bihanganye muri ico gikebere kigoye, yariganywe mu Munara w’Inderetsi (mu Congereza) wo ku wa 1 Kigarama 1952, ku rupapuro rwa 707-708.

[Ifoto ku rup. 26, 27]

Twimukira iyo twarungitswe gukorera mu gisagara ca Rockhampton, mu gihugu ca Ostraliya

[Ifoto ku rup. 27]

Turi ku kivuko tuja kw’Ishure ry’i Gileyadi

[Ifoto ku rup. 28]

Gushinga intahe muri Namibiya biratuzanira akanyamuneza kenshi

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika