ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w03 15/7 rup. 32
  • Impumurizo ku batakamba barondera gufashwa

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Impumurizo ku batakamba barondera gufashwa
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
w03 15/7 rup. 32

Impumurizo ku batakamba barondera gufashwa

BIBILIYA si igitabu gifasha mu vy’amagara yo mu mutwe. Ariko rero, iraduhumuriza ikongera ikadufasha kwinovora ubuzima naho duhura n’ingorane. Ivyanditswe bivuga ata kwibesha biti: “Umuntu yavyawe n’umugore amara imisi mike kand’adundubiwe n’amagorwa” (Yobu 14:1). Agasembwa kacu bwite ni ko kaduteza bimwebimwe mu bigeragezo bidushikira. Ariko none, ni nde ahanini yobazwa ugucumukura kw’abantu?

Bibiliya yerekana ko uwo ari ikiremwa c’impwemu c’ikibisha citwa Mucokoranyi ari we Shetani. Ariko “[a]zimiza abari kw isi bose” yongera ateza nyinshi mu ngorane zisugereje umuryango w’abantu. Yamara, Bibiliya itubwira kandi yuko asigaje igihe gito (Ivyahishuriwe 12:9, 12). Ubu bwa vuba, amagorwa yose Shetani yateje ababa kw’isi agiye gukurwaho n’Imana. Nk’uko Bibiliya ibivuga, isi nshasha y’ubugororotsi Imana yasezeranye ntizoba irimwo ukwihebura.​—2 Petero 3:13.

Ese ukuntu bihumuriza kumenya yuko ugucumukura kw’abantu ari ukw’igihe gito! Mu gihe c’ubutegetsi bw’Ubwami bw’Imana bwo mw’ijuru buzoba buri mu minwe ya Yezu Kirisitu, akarenganyo be n’ugucumukura bizorangira. Ku vyerekeye wa Mwami yagenwa n’Imana, Ivyanditswe bivuga biti: “Azokiza umukene ah’azotakambira, n’umugorwa atagira gitabara. Azogirira akagongwe uworoshe n’umukene, amagara y’abakene azoyakiza. Azobacungura, abakize agahahazo n’umuryano; kand’amaraso yabo azoba ay’igiciro mu nyonga ziwe”.​—Zaburi 72:12-14.

Igihe c’uko ayo majambo menyeshakazoza aranguka kiregereje rwose. Tuzoshobora kwinovora ubuzima budahera kw’isi y’iparadizo turi mu bintu vyiza igitangaza (Luka 23:43; Yohana 17:3). Kumenya iyo mihango iremesha yo mu Vyanditswe biraha icizigiro n’impumurizo abatakamba barondera gufashwa.

[Abo dukesha ifoto ku rup. 32]

Umwigeme yishwe n’intimba: Photo ILO/J. Maillard

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika