Reka abamamaji b’Ubwami batuyagire
“Ivyo ni bishasha”!
DOROTA, umusuku w’igihe cose wo mu Vyabona vya Yehova wo muri Polonye, yaraherekeje umuhungu wiwe w’imyaka 14 kwisuzumisha kw’ivuriro ryo kw’ishure, nk’uko uwo muhungu yari asanzwe abigira. Mu gihe umuganga yitwa Janinaa yariko aramusuzuma, yarabajije Dorota ivyo umuhungu wiwe akora i muhira.
Dorota yishuye ati: “Iyo ntashoboye gukinjika imfungurwa dufungura twese uko turi batandatu bagize umuryango, umuhungu wanje ni we aca azitegura. Arasukura kandi inzu, akongera agafasha mu gusanasana ibintu vyo mu rugo. Arakunda gusoma. Ni umunyeshure w’umwete”.
Janina yaciye avuga ati: “Ntibishoboka! Maze imyaka 12 nkora ngaha, ariko sinari bwigere numva ikintu nk’ico”.
Dorota amaze kubona ko ari akaryo ko gushinga intahe, yasiguye ati: “Abavyeyi benshi muri kino gihe barananirwa kuronsa abana babo ukumenyerezwa kubereye. Ni co gituma abana babo akenshi bihesha icubahiro gike”.
Janina yaciye abaza ati: “Ivyo vyose wabimenye gute? Abavyeyi benshi nta na kimwe bazi kuri ivyo bintu”.
Dorota yishuye ati: “Bibiliya ni isôko ry’agaciro rivamwo bene ayo makuru. Nk’akarorero, nk’uko bivugwa mu Gusubira mu vyagezwe 6:6-9, kwigisha abana bacu bihera ku kwiyigisha ubwacu. Ntidukwiye none kubanza kwinjiza mu mitima yacu no mu mizirikanyi yacu imico tugomba kwinjiza mu bana bacu”?
Janina yavuze ati: “Ntibishoboka, ntibishoboka!”. Yaciye abaza Dorota ukuntu Bibiliya yamufashije kurera abana biwe no kubigisha.
Dorota yasiguye ati: “Nta ndwi yijana tutigiye hamwe n’abana bacu Bibiliya. Dukoresha igitabu kivuga ngo Les jeunes s’interrogent—Réponses pratiques”b. Yaciye atangura gusigura ukuntu ico gitabu kimeze yongera aravuga ibiganiro bimwebimwe biri muri co.
Janina yatangaye avuga ati: “Ivyo ni bishasha! Noshobora kubona ico gitabu?”.
Haheze isaha, Dorota yaragarutse azanye nya gitabu.
“Uri mw’idini irihe”?, ukwo ni ko Janina yaciye amubaza igihe yariko arihweza ico gitabu.
“Ndi Icabona ca Yehova”.
“Ivyabona vya Yehova bafata gute abo badasangiye ukwemera”?
“Nk’uku nyene ndagufashe: babafatana icubahiro”, ukwo ni ko Dorota yishuye maze yongerako ati: “Mugabo ntiwumve, turipfuza yuko boshika ku kumenya ukuri kwo muri Bibiliya”.
Janina yiyemereye ati: “Ahubwo numva vyamaze kunshimisha”.
Dorota agira asubire inyuma, yasavye Janina gusoma Bibiliya. “Izotuma ubuzima bwawe bugira ico buvuze yongere igufashe mu kazi ukora”.
Janina yiyemereye ati: “Wamaze vy’ukuri kunshiramwo umutima wo kuyisoma”.
Abigiranye ubugenge n’umwiyemezo, kuja kuraba muganga vyari bisanzwe bigirwa, Dorota yabihinduyemwo akaryo keza ko gushinga intahe.—1 Petero 3:15.
[Utujambo tw’epfo]
a Si izina ryiwe.
b Casohowe n’Ivyabona vya Yehova.