Ubuzima bwawe bwoba buganzwa n’ukuntu ivyawe biba vyifashe?
IBINTU bitesha umutwe be n’ingorane zitesha umutwe bireze muri ibi “bihe bigoye” (2 Timoteyo 3:1). Ingorane zimwezimwe zishobora kuba ari iz’igihe gito, hanyuma amaherezo zigahera. Izindi na zo zirabandanya mu kiringo c’amezi canke mbere c’imyaka. Ivyo bituma abantu benshi bumva bamerewe nka kumwe kwa Dawidi umwanditsi wa Zaburi, we yatakambiye Yehova ati: “Imibabaro y’umutima wanje uyiruhure, nkūra se mu marushwa yanje”.—Zaburi 25:17.
Woba uriko unyinyana n’ingorane zikuremereye? Niba uriko unyinyana na zo, urashobora kuronka imfashanyo be n’indemesho muri Bibiliya. Reka turimbure ubuzima bw’abasavyi ba Yehova b’abizerwa babiri bashoboye guhangana n’ingorane, na bo bakaba ari Yozefu na Dawidi. Twihweje ukuntu bavyifashemwo mu bihe vy’ivyago, turashobora kuhigira ivyigwa ngirakamaro bizodufasha guhangana n’ingorane zisa n’izabo muri iki gihe.
Barahanganye n’ingorane zikomeye
Yozefu ashikanye imyaka 17, yaragize ingorane ikomeye mu muryango iwabo. Bakuruwe barabonye ko Yakobo se wabo ‘yakunda Yozefu kumurutisha bose’. Ivyo vyatumye batangura “[ku]mwanka, ntibaba bakimubarira neza atar’ukumuhirika” (Itanguriro 37:4). Iyumvire ntuze amaganya be n’umukazo ivyo bintu bishobora kuba vyarateje Yozefu! Amaherezo, urwanko benewabo bamwanka rwarakuze gushika n’aho bamugurisha ajanwa mu buja.—Itanguriro 37:26-33.
Yozefu ari umushumba mu Misiri, yategerejwe kunana igihe inabuja yaguma amusaba ngo baryamane. Uwo inabuja amaze gushavuzwa n’uko yaguma amwankira, yarabesheye Yozefu ko yashatse kumufata ku nguvu. Yozefu ‘yarashizwe mw’ibohero’ aho “bababarish[ije] ibirenge vyiwe iminyororo, bamushira mu vyuma” (Itanguriro 39:7-20; Zaburi 105:17, 18). Ese ukuntu ico gitegerezwa kuba cari ikigeragezo! Mu myaka nka 13 yose, Yozefu yarabaye umuja yongera arapfungwa bivuye ku kurenganywa n’abandi, harimwo n’abo mu muryango wiwe bwite.—Itanguriro 37:2; 41:46.
Dawidi wo muri Isirayeli ya kera na we nyene yarahanganye n’ibigeragezo igihe yari umusore. Yabwirijwe kumara imyaka itari mike aza arahunga, ahigwa buhongo n’Umwami Sauli. Ubuzima bwa Dawidi bwama buri mu kaga. Igihe kimwe, yaragiye ku muherezi Ahimeleki gusaba imfungurwa (1 Samweli 21:1-7). Sauli amaze kumenya ko Ahimeleki yafashije Dawidi, ntiyategetse gusa ko Ahimeleki yicwa wenyene, ariko kandi ko yicanwa n’abaherezi bose be n’imiryango yabo (1 Samweli 22:12-19). Iyumvire ntuze umubabaro Dawidi ategerezwa kuba yaragize kubona ari we yabakwegeye ako kabi kabishe!
Iyumvire imyaka Yozefu na Dawidi bihanganiye amarushwa be n’ugufatwa nabi. Dusuzumye ukuntu bavyifashemwo mu bihe bitoroshe barimwo, turashobora kuhigira ivyigwa vy’agaciro. Reka turimbure uburyo butatu vyoba vyiza twiganyemwo abo bagabo.
Ntugire inzika n’umujinya
Ubwa mbere, abo bagabo b’abizerwa baranse kugwa mu mutego w’ukugira umujinya n’inzika. Igihe Yozefu yari mw’ibohero, yari gushobora bitagoranye kugira inzika yo kubona yaragurishijwe na benewabo, kumbure akiyumvira ingene yokwihora aramutse asubiye kubabona. Tuzi gute ko Yozefu yarwanije mwene ivyo vyiyumviro vyo kubagirira nabi? Rimbura ingene yavyifashemwo igihe yaronka akaryo ko kwihora benewabo bari baje gusuma ubuheke mu Misiri. Iyo nkuru ivuga iti: “[Yozefu] arora irya, ararira; . . . Maze Yosefu agera [abasuku biwe] ko [buzuza] impeke amagunira ya [bakuruwe], kandi ngo basubize amahera y’umuntu wese mw igunira ryiwe, kandi ngo babahe n’impamba”. Mu nyuma, igihe yariko arungika benewabo kuzana se wabo mu Misiri, Yozefu yabaremesheje n’aya majambo: “Mwirinde, ntimutanekw ibirake muri mu nzira!”. Yozefu yaragaragaje mu mvugo no mu ngiro yuko atari yararetse ngo umujinya be n’inzika bimugireko akosho kabi mu buzima bwiwe.—Itanguriro 42:24, 25; 45:24.
Mu buryo nk’ubwo nyene, Dawidi ntiyagumye afitiye inzika Umwami Sauli. Incuro zibiri zose, Dawidi yararonse akaryo ko kwica Sauli. Yamara, igihe abantu biwe bamuhimiriza kumwica, Dawidi yavuze ati: “Uhoraho arakabishira kure yanje, sinkagire ikintu nk’ico ngirira umwami wanje, kand’ari we Uhoraho yimikishije amavuta!”. Dawidi yararekeye ibintu mu maboko ya Yehova, abwira abantu biwe ati: “Ndahiye uguhoraho kw’Uhoraho, Uhoraho ubgiwe ni we azomwiyicira; cank’umusi wiwe wo gupfa uzoshika; cank’azomanuka aje mu ntambara, ayigwemwo”. Mbere Dawidi yahavuye atunganya ururirimbo rwo gucura intimba aririra urupfu rwa Sauli n’umuhungu wa Sauli, Yonatani. Nka kumwe kwa Yozefu, Dawidi ntiyaretse ngo aganzwe n’inzika.—1 Samweli 24:3-6; 26:7-13; 2 Samweli 1:17-27.
Twoba tugumana inzika n’umujinya igihe tubabaye bivuye ku karenganyo twagiriwe? Ivyo birashobora gushika bitagoranye. Turamutse turetse inyiyumvo zacu zikatuganza, ingaruka bivamwo zishobora kuba izonona kurusha nya karenganyo ubwako (Abanyefeso 4:26, 27). Naho ata kintu kinini twoshobora gukora kugira ngo dutangire ivyo abandi bakora canke ugasanga nta kintu na gitoyi dushoboye gukora kuri ivyo, turashobora gutangira inyifato yacu. Biroroshe kwikuramwo inzika n’umujinya igihe twizera yuko Yehova azokwitwararika ivyo bintu igihe ciwe kigeze.—Abaroma 12:17-19.
Niwungukire uko bishoboka kwose ku biba biriko biragushikira
Icigwa kigira kabiri dushobora kwiga ni ukutareka ngo uko ivyacu vyifashe bitume tutaba tugishoboye kugira ico dukoze. Turashobora kurazwa ishinga cane n’ivyo tutoshobora gukora ku buryo tutabona ivyo dushoboye gukora. Mu vy’ukuri, duca dutangura kuganzwa n’uko ivyacu vyifashe. Ivyo vyari gushobora gushikira Yozefu. Yamara, yahisemwo kwungukira uko bishoboka kwose ku vyariko biramushikira. Igihe yozefu yari umushumba, ‘yagumye atona kuri shebuja, aba ingendanyi yiwe ku buryo yamuhinduye umubwiriza wo mu rugo rwiwe’. Yozefu yabigenjeje nk’ukwo nyene igihe yari mw’ibohero. Bivuye ku muhezagiro wa Yehova no ku mwete wa Yozefu, “umurinzi [w’ibohero yahaye] Yosefu kugaba imbohe zose zari mur’iryo bohero; ivyo bākorayo vyose, ni we yabikoresha”.—Itanguriro 39:4, 21-23.
Mu myaka Dawidi yamaze aza arahunga, na we nyene yarungukiye uko bishoboka kwose ku kuntu ivyiwe vyari vyifashe. Igihe yaba mu bugararwa bw’i Parani, we n’abantu biwe barakingiye imikuku ya Nabali ngo ntitwarwe n’imigwi y’abambuzi. Umwe mu bungere ba Nabali yavuze ati: “Bātubereye uruzitiro rudukingira mw ijoro no ku murango” (1 Samweli 25:16). Mu nyuma, igihe Dawidi yari akiri i Sikulagi, yarateye ibisagara vyo mu Bumanuko vyari bifiswe n’abansi b’Abisirayeli, gutyo aba atumye haba impore ku mbibe z’Ubuyuda.—1 Samweli 27:8; 1 Ngoma 12:20-22.
Twoba dukeneye kurushiriza kugira akigoro kugira ngo twungukire uko bishoboka kwose ku kuntu ivyacu vyifashe? Naho vyoba bitoroshe kuvyungukirako, turashobora kubigira. Intumwa Paulo yarazirikanye ku buzima bwiwe maze yandika ati: “Nize kubumbga n’ivyo mfise uko ndi kose. . . . Muri cose no muri vyose nātiwe ibanga ryo mu vyo guhāga no mu vyo gusonza, ryo mu vyo kugira umurengera no mu vyo gukena”. Paulo yashitse gute ku gutsimbataza agatima ko kubaho gutyo? Yabishitseko mu kubandanya kwiheka kuri Yehova. Yiyemereye icese ati: “Nshobozwa vyose n’ūmpa inkomezi”.—Ab’i Filipi 4:11-13.
Nurindire Yehova
Icigwa kigira gatatu ni ic’uko, aho gukoresha uburyo budashingiye ku Vyanditswe kugira ngo duhindure uko ivyacu vyifashe, dukwiye kurindira Yehova. Umwigishwa Yakobo yanditse ati: “Ukwihangana gukwiye guhīngūra igikorwa cakwo, ngo mubone gutungana rwose muhīngūwe, mudahajije na kamwe” (Yakobo 1:4). Dukwiye kureka ukwihangana ‘kugahingura igikorwa cakwo’ mu kureka ikigeragezo kikabandanya kudushikira gushika giheze, tudakoresheje uburyo bunyuranye n’Ivyanditswe ngo tukirangize ningoga na ningoga. Ukwizera kwacu kuzoheza rero kugeragezwe hanyuma gukurwemwo inkamba, maze ububasha ukwo kwizera gufise buzoheza buje ahabona. Yozefu na Dawidi bari bafise mwene ukwo kwihangana. Ntibagerageje kurondera umuti wari guhava utuma Yehova adahimbarwa. Ahubwo riho, barakoze uko bashobora kugira ngo bungukire uko bishoboka kwose ku kuntu ivyabo vyari vyifashe. Bararindiriye Yehova, kandi ese imihezagiro baronse kubona barabigize gutyo! Bompi Yehova yarabakoresheje kugira ngo arokore yongere arongore abasavyi biwe.—Itanguriro 41:39-41; 45:5; 2 Samweli 5:4, 5.
Na twebwe twoshobora guhangana n’ibintu vyotuma twoshwa ngo turondere umuti unyuranye n’Ivyanditswe. Nk’akarorero, woba waracitse inkokora kubera utararonka uwo mwokwubakana abereye? Niba vyifashe gutyo, niwirinde inyosha mbi iyo ari yo yose yo kurenga kw’itegeko rya Yehova ridusaba kwubaka ‘mu Mwami gusa’ (1 Ab’i Korinto 7:39). Woba ufise ingorane mu mubano wanyu? Aho guca utwarwa n’agatima k’isi karemesha ugutandukana n’ukwahukana, nugerageze gutorera umuti izo ngorane uri kumwe n’uwo mwubakanye (Malaki 2:16; Abanyefeso 5:21-33). Woba uri mu ngorane z’ugutunga umuryango wawe kubera ukuntu ivyawe vyifashe mu vy’ubutunzi? Kurindira Yehova birimwo kwirinda ibikorwa biteye amakenga canke biteye kubiri n’amategeko kugira ugerageze kuronka amahera (Zaburi 37:25; Abaheburayo 13:18). Vyemere, twese dutegerezwa gukora uko dushoboye kugira ngo twungukire uko bishoboka kwose ku kuntu ivyacu vyifashe kugira Yehova na we abone kuduhezagira. Uko tugira ivyo, nimuze twiyemeze kwiheka kuri Yehova kugira abe ari we aturonsa umuti nyawo.—Mika 7:7.
Yehova azodushigikira
Kuzirikana ku kuntu abantu bavugwa muri Bibiliya, nka Yozefu na Dawidi, bashoboye guhangana n’ukuvunika umutima be n’ibintu bigoye, birashobora kugira ingaruka nziza kuri twebwe. Naho inkuru zabo zivugwa mu mpapuro nkeyi gusa za Bibiliya, ibigeragezo baciyemwo vyamaze imyaka myinshi. Niwibaze uti: ‘Abo basavyi b’Imana bize gute kwemera uko ivyabo vyari vyifashe? Bashoboye gute kugumana umunezero wabo? Ni kamere izihe babwirijwe gutsimbataza?’.
Vyoba vyiza kandi tuzirikanye ku kwihangana kw’abasavyi ba Yehova bo mu gihe ca none (1 Petero 5:9). Ibinyamakuru Umunara w’Inderetsi na Be maso! vyamwa birimwo inkuru z’ubuzima nyinshi uko umwaka utashe. Woba usoma ukongera ukazirikana ku burorero bw’abo bakirisu b’abizerwa? Vyongeye, mw’ishengero dukukira harimwo abihanganira badahemuka ibintu bibabaje. Woba wifatanya na bo udahorereza ukongera ukagira ivyo ubigiyeko igihe muba muri ku makoraniro y’ishengero?—Abaheburayo 10:24, 25.
Igihe usagirijwe n’ibintu bitoroshe, nuhere amazinda yuko Yehova akubabara kandi azogushigikira (1 Petero 5:6-10). Nukore uko ushoboye kwose kugira ngo ntureke ngo ubuzima bwawe buganzwe n’uko ivyawe vyifashe. Nukurikire akarorero ka Yozefu, Dawidi be n’abandi mu kwikuramwo inzika, mu kwungukira uko bishoboka kwose ku kuntu ivyawe vyifashe no mu kurindira Yehova kugira ngo abe ari we akuronsa umuti nyawo. Numwiyegereze biciye kw’isengesho no ku bikorwa vyo mu vy’impwemu. Ubigenjeje gutyo, na wewe uzokwibonera yuko umunezero n’agahimbare bizoba rwawe, mbere no mu bihe bigoye.—Zaburi 34:8.
[Ifoto ku rup. 20, 21]
Yozefu yarakoze uko ashobora kugira ngo yungukire uko bishoboka kwose ku kuntu ivyiwe vyari vyifashe
[Ifoto ku rup. 23]
Dawidi yararindiriye Yehova kugira amuronse umuti w’ingorane ziwe