ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w04 1/9 rup. 32
  • Ukuntu wotsinda ugucika intege

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ukuntu wotsinda ugucika intege
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2004
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2004
w04 1/9 rup. 32

Ukuntu wotsinda ugucika intege

WOBA ucitse intege? Muri iki gihe kirangwa n’ukutamenya ico bucana be n’umuryano, abantu benshi usanga bacitse intege. Bamwe bacitse intege kubera batagira akazi. Abandi bariko banyinyana n’ingaruka z’isanganya ryabaye. Abandi na bo bariko banyinyana n’ingorane zo mu muryango, indwara ikaze canke irungu.

Nimba ucitse intege, ni hehe woronderera imfashanyo? Abantu amamiliyoni hirya no hino kw’isi bararonse impumurizo mu gusoma Ijambo ry’Imana Bibiliya. Barasubirizwa umutima mu nda n’amajambo y’intumwa Paulo, uwavuze ati: “Imana y’Umwami wacu Yesu Kristo, ari yo Se, iragahezagirwa, Data wa twese w’imbabazi, kandi Imana yirura imibabaro yose, itwirura mu marushwa yacu yose” (2 Ab’i Korinto 1:3, 4). Kubera iki none utokwisomera ico canditswe hamwe n’ibindi muri Bibiliya yawe? Niwabigira, ‘bizokwirura mu mutima wawe vyongere bigukomeze’.—2 Ab’i Tesalonike 2:17.

Imfashanyo yotuma utsinda ugucika intege ushobora kandi kuyironka mu kwifatanya n’abakorera Yehova. Mu Migani 12:25 havuga hati: “Amaganya yo mu mutima w’umuntu awutera kwicurikīra, arikw ijambo ryiza rirawunezereza”. Iyo twitavye amakoraniro ya gikirisu, turumva iryo “jambo ryiza”, na ryo rikaba ‘risosera umutima, rikanonora n’amagufa’ (Imigani 16:24). Ni kubera iki none utokwitaba ikoraniro ku Ngoro y’Ubwami y’Ivyabona vya Yehova kugira ngo wibonere ukuntu ukwo gukoranira hamwe kwogukomeza?

Urashobora kandi kwungukira ku bubasha bw’isengesho. Nimba wiyumvamwo yuko urengewe n’imyitwarariko yo mu buzima, nuserurire ‘umwe yumva amasengesho’ ibiri mu mutima wawe (Zaburi 65:2). Umuremyi wacu Yehova Imana aradutahura kuruta uko twebwe ubwacu twitahura. Turashobora kwiheka ku mfashanyo atanga. Ijambo ryiwe ridusezeranira riti: “Ukorere Uhoraho umutwaro wawe, na we azokuramira: ntazokwigera akundira umugororotsi kunyiganyizwa” (Zaburi 55:22). Ego cane, “abīteze Uhoraho bazokwama biyubura mu nkomezi nsha”.—Yesaya 40:31.

Yehova Imana yaradushiriyeho ibintu bikomeye vyodufasha tugashobora gutsinda ugucika intege. Woba uzobikoresha?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika