Ni igiki kiyobora kazoza kawe?
“ABANTU ntibashoboye na gato kwifatira mu minwe kazoza kabo, ni cokimwe n’ibindi bikoko vyose”. Ukwo ni ko uwemera ivy’uko ibinyabuzima vyabayeho mu kuza birahindagurika, yitwa John Gray yanditse. Umwanditsi yitwa Shmuley Boteach wewe, mu gitabu ciwe (An Intelligent Person’s Guide to Judaism) aserura iciyumviro gihushanye rwose n’ico. Avuga ati: “Umuntu si igikoko, ku bw’ivyo rero yama ashoboye kuyobora kazoza kiwe bwite”.
Abantu benshi usanga bashigikira ico ciyumviro ca Gray, kandi baremera yuko hariho inguvu zo mu bidukikije ata wuzifiseko ububasha ziyobora ibiba mu buzima bw’abantu. Abandi babona ko umuntu ari ikiremwa c’Imana cahawe ubushobozi bwo kuyobora kazoza kaco.
Hari ababona ko kazoza kabo kayoborwa n’ububasha bw’abantu budasanzwe. Twisunze ivyo umwanditsi Roy Weatherford yavuze mu gitabu ciwe (The Implications of Determinism), “benshi mu bantu bari mw’isi, canecane benshi mu bagore babayeho muri kahise, . . . nta bubasha bafise ku buzima bwabo bivuye ku mvo zirashe zihari, izo na zo zikaba ari agahahazo kagirwa n’abantu be n’ivyerekeye abantu barya abandi babicayeko”. Kazoza k’ubuhirwe abenshi bari biteze karononywe n’ibihugu bikomakoye mu vy’intwaro no mu vya gisirikare bihiganwa.
Muri kahise kose, abandi biyumvisemwo ko batagira gitabara kubera biyumvira yuko inguvu nsigabwenge ari zo zayobora kazoza kabo. Boteach avuga ati: “Abagiriki ba kera bari baratwawe n’iciyumviro c’uko icizigiro cose ata co kivuze kubera yuko umuntu atoshoboye kwikurako ivyo yandikiwe”. Bǎbona ko kazoza k’umuntu wese kashinzwe imbere y’igihe n’imanakazi zihindagura ibintu uko zishakiye. Bemera yuko izo manakazi zashinga igihe umuntu yopfiriyeko be n’ingene amarushwa n’imibabaro vyobwirijwe kumushikira mu buzima bwiwe vyobaye bingana.
Abantu benshi muri iki gihe baremera yuko ngo kazoza k’umuntu kayoborwa n’ububasha nsigabwenge. Nk’akarorero, abantu benshi baremera icitwa Kismet, ni ukuvuga ibibwirizwa gushikira umuntu. Bavuga yuko Imana yashinze imbere y’igihe ingaruka y’ibikorwa vyose vy’abantu be n’igihe umuntu azopfirako. Hariho kandi ya nyigisho y’uko ngo ibishikira umuntu aba yaravyandikiwe, iyo nyigisho ikaba iremesha iciyumviro c’uko ngo “agakiza ka nyuma k’umuntu wese canke ugucirwako iteka kwiwe vyamaze gushingwa imbere y’igihe” n’Imana Mushoboravyose. Benshi mu bavuga ko ari abakirisu baremera iyo nyigisho.
Wewe uvyibazako iki? Kazoza kawe koba karamaze gushingwa n’inguvu zikurengeye rwose? Canke, hari ukuri kanaka kwoba kuri mu majambo ya wa mwanditsi w’ibikino w’Umwongereza yitwa William Shakespeare, uwanditse ati: “Hari igihe usanga abantu bayobora kazoza kabo”? Raba ico Bibiliya ibivugako.