Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru
Umunara w’Inderetsi 1 Nzero
“Abantu bo hirya no hino kw’isi usanga bafise ivyiyumviro bitandukanye ku bijanye na Mariya, nyina wa Yezu. Wewe uvyibazako iki? [Rindira yishure.] Bibiliya irerekana ko Mariya yaranguye uruhara rudasanzwe muri kahise. [Soma Luka 1:30-32.] Iki kinyamakuru kiraca irya n’ino ivyo dushobora kwigira ku karorero kiwe.”
Réveillez-vous! Nzero
“Inzuzi nyinshi be n’ibiyaga vyinshi vyo kw’isi biriko birakama, kandi abantu amamiliyoni ntibashobora kuronka amazi meza yo kunywa. Wibaza ko abantu boba bashoboye gutorera umuti uramba ico kibazo? [Rindira yishure, uce usoma Yeremiya 10:23.] Iki kinyamakuru kiraca irya n’ino umuti ruheta w’ico kibazo nk’uko udondorwa muri Bibiliya.”
Umunara w’Inderetsi 1 Nzero
“Wibaza ko Imana yoba irajwe ishinga n’ukuntu ibidukikije biriko birahonywa? [Rindira yishure, uce usoma Ivyahishuwe 11:18.] Iki kiganiro kiratanga imvo zishingiye ku Vyanditswe zotuma tubona ko ibintu bizogenda neza ku bijanye na kazoza k’isi.” Mwereke ikiganiro kiri ku rupapuro rwa 18.
Réveillez-vous! Nzero
“Abantu benshi iyo bashikiwe n’ingorane, baca biyumvira ko ari Imana iriko irabahana. Woba nawe umaze kwiyumvira nk’ukwo? [Rindira yishure, uce usoma Yakobo 1:13.] Iki kiganiro kirasigura isôko nyakuri ry’ingorane zacu be n’igituma dushobora kwizigira tudakeka ko ingorane turimwo zizorangira vuba.” Mwereke ikiganiro gitangurira ku rupapuro rwa 28.