ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 2/09 rup. 8
  • Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2009
  • Ivyo bijanye
  • Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru
    Igikorwa dukorera Ubwami—2009
  • Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru
    Igikorwa dukorera Ubwami—2009
  • Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru
    Igikorwa dukorera Ubwami—2010
  • Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru
    Igikorwa dukorera Ubwami—2010
Ibindi
Igikorwa dukorera Ubwami—2009
km 2/09 rup. 8

Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru

Umunara w’Inderetsi 1 Nzero

“Abantu bo hirya no hino kw’isi usanga bafise ivyiyumviro bitandukanye ku bijanye na Mariya, nyina wa Yezu. Wewe uvyibazako iki? [Rindira yishure.] Bibiliya irerekana ko Mariya yaranguye uruhara rudasanzwe muri kahise. [Soma Luka 1:30-32.] Iki kinyamakuru kiraca irya n’ino ivyo dushobora kwigira ku karorero kiwe.”

Réveillez-vous! Nzero

“Inzuzi nyinshi be n’ibiyaga vyinshi vyo kw’isi biriko birakama, kandi abantu amamiliyoni ntibashobora kuronka amazi meza yo kunywa. Wibaza ko abantu boba bashoboye gutorera umuti uramba ico kibazo? [Rindira yishure, uce usoma Yeremiya 10:23.] Iki kinyamakuru kiraca irya n’ino umuti ruheta w’ico kibazo nk’uko udondorwa muri Bibiliya.”

Umunara w’Inderetsi 1 Nzero

“Wibaza ko Imana yoba irajwe ishinga n’ukuntu ibidukikije biriko birahonywa? [Rindira yishure, uce usoma Ivyahishuwe 11:18.] Iki kiganiro kiratanga imvo zishingiye ku Vyanditswe zotuma tubona ko ibintu bizogenda neza ku bijanye na kazoza k’isi.” Mwereke ikiganiro kiri ku rupapuro rwa 18.

Réveillez-vous! Nzero

“Abantu benshi iyo bashikiwe n’ingorane, baca biyumvira ko ari Imana iriko irabahana. Woba nawe umaze kwiyumvira nk’ukwo? [Rindira yishure, uce usoma Yakobo 1:13.] Iki kiganiro kirasigura isôko nyakuri ry’ingorane zacu be n’igituma dushobora kwizigira tudakeka ko ingorane turimwo zizorangira vuba.” Mwereke ikiganiro gitangurira ku rupapuro rwa 28.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika