Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru
Umunara w’Inderetsi 1 Ntwarante
“Woba ubona ko Bibiliya ari Ijambo ry’Imana, canke woba wibaza ko ari igitabu ciza gusa? [Rindira yishure.] Raba ico Bibiliya ubwayo ivuga. [Soma 2 Timoteyo 3:16, 17.] Iki kinyamakuru kirerekana ukuntu wofata ingingo ku bijanye n’ico kibazo ufatiye ku vyo watohoje neza, kikerekana n’igituma kubigira bihambaye.”
Réveillez-vous! Ntwarante
“Cokimwe n’abandi benshi, ushobora kuba utangarira ubwiza bw’ibidukikije. Woba wokwemera ko ibidukikije na vyo nyene bigaragaza ko vyaremwe hakoreshejwe ubukerebutsi? [Rindira yishure. Nuce usoma Zaburi 104:24.] Iki kinyamakuru kiratanga uturorero dushimishije tw’ukuntu ibidukikije biremwe, kikerekana n’ico utwo turorero tutwigisha.”
Umunara w’Inderetsi 1 Ntwarante
Soma Kuvayo 20:15. Nuce uvuga uti: “Mu gihe abenshi usanga bagerageza gukurikiza iryo bwirizwa, hari abiyumvira ko kwiba be n’ubundi bwoko bw’ubugunge vyoshobora kuba ibintu vyumvikana igihe umuntu ata kundi yoba ari bubigenze. Wewe uvyibazako iki? [Rindira yishure.] Iki kiganiro kirerekana ivyiza umuntu yironkera mu kwama ari inzirabugunge.” Niwerekane ikiganiro gitangurira ku rupapuro rwa 12.
Réveillez-vous! Ntwarante
“Abantu benshi barubaha Bibiliya mugabo bakiyumvira yuko vyinshi mu biyigize ata kamaro kanini bifise mw’isi tubayemwo muri kino gihe. Wewe uvyibazako iki? [Rindira yishure. Nuce usoma Abaroma 15:4.] Iki kiganiro kirasigura igituma n’ibice vya kera kuruta ibindi vya Bibiliya bigifise akamaro n’ubu.” Niwerekane ikiganiro gitangurira ku rupapuro rwa 28.