ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 4/10 rup. 4
  • Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2010
  • Ivyo bijanye
  • Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru
    Igikorwa dukorera Ubwami—2010
  • Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru
    Igikorwa dukorera Ubwami—2009
  • Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru
    Igikorwa dukorera Ubwami—2009
  • Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru
    Igikorwa dukorera Ubwami—2009
Ibindi
Igikorwa dukorera Ubwami—2010
km 4/10 rup. 4

Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru

Umunara w’Inderetsi 1 Ntwarante

“Woba ubona ko Bibiliya ari Ijambo ry’Imana, canke woba wibaza ko ari igitabu ciza gusa? [Rindira yishure.] Raba ico Bibiliya ubwayo ivuga. [Soma 2 Timoteyo 3:16, 17.] Iki kinyamakuru kirerekana ukuntu wofata ingingo ku bijanye n’ico kibazo ufatiye ku vyo watohoje neza, kikerekana n’igituma kubigira bihambaye.”

Réveillez-vous! Ntwarante

“Cokimwe n’abandi benshi, ushobora kuba utangarira ubwiza bw’ibidukikije. Woba wokwemera ko ibidukikije na vyo nyene bigaragaza ko vyaremwe hakoreshejwe ubukerebutsi? [Rindira yishure. Nuce usoma Zaburi 104:24.] Iki kinyamakuru kiratanga uturorero dushimishije tw’ukuntu ibidukikije biremwe, kikerekana n’ico utwo turorero tutwigisha.”

Umunara w’Inderetsi 1 Ntwarante

Soma Kuvayo 20:15. Nuce uvuga uti: “Mu gihe abenshi usanga bagerageza gukurikiza iryo bwirizwa, hari abiyumvira ko kwiba be n’ubundi bwoko bw’ubugunge vyoshobora kuba ibintu vyumvikana igihe umuntu ata kundi yoba ari bubigenze. Wewe uvyibazako iki? [Rindira yishure.] Iki kiganiro kirerekana ivyiza umuntu yironkera mu kwama ari inzirabugunge.” Niwerekane ikiganiro gitangurira ku rupapuro rwa 12.

Réveillez-vous! Ntwarante

“Abantu benshi barubaha Bibiliya mugabo bakiyumvira yuko vyinshi mu biyigize ata kamaro kanini bifise mw’isi tubayemwo muri kino gihe. Wewe uvyibazako iki? [Rindira yishure. Nuce usoma Abaroma 15:4.] Iki kiganiro kirasigura igituma n’ibice vya kera kuruta ibindi vya Bibiliya bigifise akamaro n’ubu.” Niwerekane ikiganiro gitangurira ku rupapuro rwa 28.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika