Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru
Umunara w’Inderetsi 1 Rusama
“Wewe wibaza ko ari igiki cotuma bigora umuntu kwizera Imana? [Rindira yishure.] Nk’uko iki canditswe kivyerekana, ukwizera kurahambaye. [Soma Abaheburayo 11:6.] Iki kinyamakuru kiraca irya n’ino ibintu bine dushobora gukora kugira dukomeze ukwizera kwacu.”
Réveillez-vous! Rusama
“Muri iki gihe abantu bafata ukutari kwo imiti bandikiwe na muganga bagenda barushiriza kwongerekana. Wibaza ko ivyo biterwa n’iki? [Rindira yishure.] Bibiliya irerekana ikintu kimwe nyamukuru kibituma, na canecane ku bana. [Soma Imigani 13:20.] Iki kinyamakuru kiravuga neza ukuntu woshobora kwikingira ico kiza ukongera ukagikingira n’umuryango wawe.”
Umunara w’Inderetsi 1 Rusama
Soma Matayo 24:3. Nuce uvuga uti: “Hari abibaza yuko iki kibazo cerekeye umuhero w’iyi si tubako. Wibaza ko isi izosangangurwa? [Rindira yishure.] Inyishu Yezu yatanze iratwereka ko ikintu twokwitegana igishika atari umuhero w’iyi si, ahubwo ari umuhero w’ikindi kintu. Ikiganiro kiri ku rupapuro rwa 16 kiraca irya n’ino ibijanye n’ico kintu.”
Réveillez-vous! Rusama
“Abakuru b’amadini bamwebamwe bigisha yuko mu gihe dukoze ibihimbara Imana, ica iduha amatungo y’ivy’umubiri. Yamara, ushobora kuba uzi abantu bameze neza ariko bakenye. Wibaza ko Imana igomba yuko tuba abatunzi? [Rindira yishure. Nuce usoma Abaheburayo 13:5.] Iki kiganiro kirerekana ukuntu Imana iduhezagira.” Numwereke ikiganiro gihera ku rupapuro rwa 12.