ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 5/10 rup. 8
  • Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2010
  • Ivyo bijanye
  • Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru
    Igikorwa dukorera Ubwami—2010
  • Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru
    Igikorwa dukorera Ubwami—2009
  • Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru
    Igikorwa dukorera Ubwami—2010
  • Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru
    Igikorwa dukorera Ubwami—2009
Ibindi
Igikorwa dukorera Ubwami—2010
km 5/10 rup. 8

Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru

Umunara w’Inderetsi 1 Ndamukiza

“Igihe usavye abantu ngo bavuge umuntu yagize ico ahinduye ku buzima bw’abantu kuruta abandi bose, abenshi baca bavuga Yezu. Woba nawe ari ko wovuga? [Rindira yishure.] Raba igituma dukwiye kugerageza gusuzuma ivyiyumviro bivuguruzanya bimwerekeye kugira ngo tumenye ukuri. [Soma Yohani 17:3.] Iyi nomero idasanzwe y’Umunara w’Inderetsi irerekana ico vy’ukuri Bibiliya ivuga ku vyerekeye Yezu n’ivyo yigishije.”

Réveillez-vous! Ndamukiza

“Bisa n’uko tudafise umwanya uhagije wo gukora ikintu cose twipfuza gukora. Ni ko nawe ubibona? [Rindira yishure.] Abantu benshi basanze iyi mpanuro ifasha cane. [Soma Abafilipi 1:10.] Iki kinyamakuru kiratanga impanuro ngirakamaro zimwezimwe zodufasha gukoresha neza umwanya wacu.”

Umunara w’Inderetsi 1 Ndamukiza

“Ivyandikano bimwebimwe bivuga yuko ngo Yezu atapfuye nk’uko Bibiliya ibivuga, ahubwo yuko ngo yubatse urwiwe aravyara n’abana. Wari bwavyumve? [Rindira yishure.] Birahambaye cane ko tumenya ukuri. [Soma Yohani 17:3.] Iki kiganiro kiratanga imvo zituma twizigira ivyo Bibiliya ivuga ku vyerekeye Yezu.” Numwereke ikiganiro gitangurira ku rupapuro rwa 26.

Réveillez-vous! Ndamukiza

Soma Zaburi 37:9-11. Nuce umubaza uti: “Wibaza ko isi izomera gute ibi nivyamara kuranguka? [Rindira yishure.] Iki kiganiro kiravuga ibijanye n’ubwo buhanuzi buremesha, kikanasigura igituma muri iki gihe ikibi ciganje mw’isi.” Numwereke ikiganiro gitangurira ku rupapuro rwa 20.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika