Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru
Umunara w’Inderetsi 1 Ndamukiza
“Igihe usavye abantu ngo bavuge umuntu yagize ico ahinduye ku buzima bw’abantu kuruta abandi bose, abenshi baca bavuga Yezu. Woba nawe ari ko wovuga? [Rindira yishure.] Raba igituma dukwiye kugerageza gusuzuma ivyiyumviro bivuguruzanya bimwerekeye kugira ngo tumenye ukuri. [Soma Yohani 17:3.] Iyi nomero idasanzwe y’Umunara w’Inderetsi irerekana ico vy’ukuri Bibiliya ivuga ku vyerekeye Yezu n’ivyo yigishije.”
Réveillez-vous! Ndamukiza
“Bisa n’uko tudafise umwanya uhagije wo gukora ikintu cose twipfuza gukora. Ni ko nawe ubibona? [Rindira yishure.] Abantu benshi basanze iyi mpanuro ifasha cane. [Soma Abafilipi 1:10.] Iki kinyamakuru kiratanga impanuro ngirakamaro zimwezimwe zodufasha gukoresha neza umwanya wacu.”
Umunara w’Inderetsi 1 Ndamukiza
“Ivyandikano bimwebimwe bivuga yuko ngo Yezu atapfuye nk’uko Bibiliya ibivuga, ahubwo yuko ngo yubatse urwiwe aravyara n’abana. Wari bwavyumve? [Rindira yishure.] Birahambaye cane ko tumenya ukuri. [Soma Yohani 17:3.] Iki kiganiro kiratanga imvo zituma twizigira ivyo Bibiliya ivuga ku vyerekeye Yezu.” Numwereke ikiganiro gitangurira ku rupapuro rwa 26.
Réveillez-vous! Ndamukiza
Soma Zaburi 37:9-11. Nuce umubaza uti: “Wibaza ko isi izomera gute ibi nivyamara kuranguka? [Rindira yishure.] Iki kiganiro kiravuga ibijanye n’ubwo buhanuzi buremesha, kikanasigura igituma muri iki gihe ikibi ciganje mw’isi.” Numwereke ikiganiro gitangurira ku rupapuro rwa 20.