Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru
Umunara w’Inderetsi 1 Nzero
“Amadini ntabona kumwe ibijanye n’ukunywa inzoga. Wibaza ko Imana ibona gute umuntu anywa inzoga? [Rindira yishure.] Naho Bibiliya ivuga yuko igihe kimwe Yezu yahinduye amazi ku gitangaro akaba umuvinyu, iravuga kandi iki kintu. [Soma Imigani 23:20a.] Iki kinyamakuru kirerekana ukuntu dukwiye kubona ivyo kunywa inzoga mu buryo buri ku burimbane twisunze Bibiliya.”
Réveillez-vous! Nzero
“Muri bino bihe bigoye, abantu benshi usanga bumva baruhijwe cane n’akazi bakora kandi bakumva bataye umutwe. Woba urigera wumva umerewe gutyo? [Rindira yishure.] Raba iyi mpanuro yumvikana duhabwa. [Soma Umusiguzi 4:6.] Iki kinyamakuru kiravuga ibijanye n’ukuntu dushobora gushira ku burimbane ivyerekeye akazi, umuryango hamwe no kwisamaza. Kirongera kigaterera ivyiyumviro abariko bararondera akazi.”
Umunara w’Inderetsi 1 Nzero
“Woba wibaza ko kw’isi horushiriza kuba ahantu hameze neza hamwe abantu bose bobaho bisunga iyi ngingo ngenderwako yo muri Bibiliya? [Soma Abaroma 12:18. Nuce urindira yishure.] Woba none urigera wibaza igituma rimwe na rimwe Imana yategeka abasavyi bayo bo mu bihe vya kera ngo barwane intambara? Iki kiganiro kirerekana inyishu itomoye Bibiliya itanga.” Niwerekane ikiganiro gitangurira ku rupapuro rwa 13.
Réveillez-vous! Nzero
Soma Ibikorwa 17:31a. Nuce uvuga uti: “Ku bantu benshi, iciyumviro c’uko hariho Umusi w’Urubanza ubwaco gisa n’igiteye ubwoba. Wewe ucibazako iki? [Rindira yishure.] Bibiliya yigisha yuko Umusi w’Urubanza uzotuma kw’isi haba imihezagiro myinshi. Iki kiganiro kirabisigura.” Niwerekane ikiganiro gitangurira ku rupapuro rwa 10.