Urutonde rwo ku ndwi itangura ku wa 8 Ntwarante
INDWI ITANGURA KU WA 8 NTWARANTE
□ Inyigisho ya Bibiliya y’ishengero:
□ Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi:
Igisomwa ca Bibiliya: 1 Samweli 1-4
No. 1: 1 Samweli 2:18-29
No. 2: Igituma Yehova adashobora kuba mu co bita Ubutatu (td 27A)
No. 3: Ivyanditswe birahishura urukundo Yehova akunda abana
□ Ikoraniro ry’umurimo:
Imin. 5: Amatangazo.
Imin. 10: Igihe ushikiriza ubutumwa bwo muri Bibiliya woba uvuga ku buryo bakwumva? Insiguro ishingiye ku gitabu Ishure ry’Ubusuku, kuva ku rupapuro rwa 109, ingingo ya 3, gushika ku mpera y’ico kigabane.
Imin. 20: “Tugaragaze ko dukenguruka ingabirano ihambaye kuruta izindi zose Imana yatanze.” Ikiganiro c’ibibazo n’inyishu. Mumaze kurimbura ingingo ya 3, nimwihweze indinganizo mwagize aho iwanyu zijanye n’umurimo wo mu ndimiro ku bwo gushikiriza ubutumire budasanzwe bw’Icibutso. Nusabe umutsimvyi wo gufasha agire umwerekano w’ukuntu azoshikiriza ubwo butumire. Ivyo birangiye, numubaze ukuntu yashoboye gutunganya ibintu kugira ngo akore ubutsimvyi bwo gufasha be n’ukuntu yavyungukiyeko.