Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru
Umunara w’Inderetsi 1 Ruhuhuma
“Abantu benshi bizigiye yuko nibapfa bazoca baja mw’ijuru. Woba nawe ari vyo wizigiye? [Rindira yishure.] Raba impera Bibiliya ivuga ko izohabwa abantu benshi beza. [Soma Zaburi 37:29.] Iki kinyamakuru kiraca irya n’ino ico Bibiliya ivuga ku bijanye n’abazoja mw’ijuru be n’ico bazokorayo.”
Réveillez-vous! Ruhuhuma
“Ivy’ukwahukana bisigaye ari ibisanzwe muri iki gihe. Wibaza ko abubakanye benshi boba babanza gusuzuma ingaruka zavyo zose imbere y’uko bafata iyo ngingo yo kwahukana? [Rindira yishure, uce usoma Imigani 14:15.] Iki kinyamakuru kirashira ahabona ibintu bine abubakanye bakwiye kurimbura igihe bihweza ibijanye no kwahukana.”
Umunara w’Inderetsi 1 Ruhuhuma
“Abenshi muri twebwe turifitiye idini turimwo. Wibaza ko Imana hari ico biyitwaye dupfuye uko duhisemwo uburyo bwo kuyisenga? [Rindira yishure,uce usoma Matayo 15:9.] Iki kiganiro kiraca irya n’ino imice ine iranga ugusenga kw’ukuri nk’uko Yezu yayerekanye.” Numwereke ikiganiro gihera ku rupapuro rwa 16.
Réveillez-vous! Ruhuhuma
“Bamwe baremera ko hariho Umuremyi, hakaba n’abandi bibaza ko ico ciyumviro kidashingiye kuri siyansi kandi ko kitumvikana. Wewe uvyibazako iki? [Rindira yishure.] Twisunze Bibiliya, ukwizera nyakuri gushingiye ku bimenyamenya. [Soma Abaheburayo 11:1.] Iki kiganiro kiraca irya n’ino bimwebimwe mu bimenyamenya vyerekana ko hariho Umuremyi.” Numwereke ikiganiro gihera ku rupapuro rwa 22.