Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru
Umunara w’Inderetsi 1 Ruhuhuma
“Woba wibaza ko Imana yemera amadini yose? [Rindira yishure.] Raba iki kintu cari kiraje ishinga Yezu muri aya majambo yavuze. [Soma Matayo 15:8, 9.] Iki kiganiro kirerekana nimba Imana yemera uburyo bwose bwo gusenga.” Numwereke ikiganiro kiri ku rupapuro rwa 9.
Réveillez-vous! Ruhuhuma
“Ibintu vyose biri kw’isi birerekana ko vyaremwe kugira bishigikire ubuzima. Woba wibaza ko ivyo vyabayeho ku gihamana canke uremera ko bigaragaza ko vyaremwe n’Umuremyi? [Rindira yishure.] Abantu benshi baremera ivyo uyu murongo wo muri Bibiliya uvuga. [Soma Zaburi 104:24.] Iki kinyamakuru kiraca irya n’ino ikimenyamenya gishingiye ku buhinga no ku Vyanditswe c’uko hariho Umuremyi.”
Umunara w’Inderetsi 1 Ruhuhuma
“Woba wibaza ko Imana yumviriza amasengesho yose? [Rindira yishure.] Raba ivyo Yezu yavuze ku vyerekeye ico kibazo. [Soma Matayo 6:7.] Iki kiganiro kiryoshe kiratanga inyishu zishingiye kuri Bibiliya ku bibazo bine bikunda kubazwa.” Numwereke ikiganiro gitangurira ku rupapuro rwa 16.
Réveillez-vous! Ruhuhuma
“Abantu benshi baremera yuko ibidushikira mu buzima tuba twaravyandikiwe. Wewe uvyibazako iki? [Rindira yishure.] Nk’uko uyu murongo uvyerekana, turihitiramwo. [Soma Gusubira mu vyagezwe 30:19.] Iki kiganiro kiragira ico kivuze ku bijanye n’ivyo Bibiliya ivuga ku vyerekeye ivy’uko ngo ibidushikira tuba twaravyandikiwe.” Numwereke ikiganiro gihera ku rupapuro rwa 12.