ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 3/11 rup. 8
  • Ingene twoshikiriza ibinyamakuru

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ingene twoshikiriza ibinyamakuru
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2011
  • Ivyo bijanye
  • Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru
    Igikorwa dukorera Ubwami—2010
  • Ingene twotanguza ibiyago
    Igikorwa dukorera Ubwami—2011
  • Ingene twotanguza ibiyago
    Igikorwa dukorera Ubwami—2012
  • Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru
    Igikorwa dukorera Ubwami—2010
Ibindi
Igikorwa dukorera Ubwami—2011
km 3/11 rup. 8

Ingene twoshikiriza ibinyamakuru

Umunara w’Inderetsi 1 Ruhuhuma

“Muri iki gihe, ivyo kwahukana bireze. Wibaza ko imvo nyamukuru ibituma ari iyihe? [Rindira yishure.] Raba iyi mpanuro abubakanye benshi basanze ifasha. [Soma 1 Abakorinto 10:24.] Iki kinyamakuru kiraca irya n’ino ibintu bitandatu abanega n’abakenyezi bakunze kwidogako, kikerekana n’ingene gukurikiza ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya bishobora gufasha.”

Be maso! Nzero-Ntwarante

“Woba wibaza ko no muri iyi si yuzuye ubugunge hoba hakiriho abantu bo kwizigirwa bashira mu ngiro iki kintu Bibiliya ivuga? [Soma Abaheburayo 13:18, uce urindira yishure.] Iki kiganiro kirerekana abantu bashira mu ngiro ico kintu, kikerekana n’imice imwimwe babigiramwo.” Numwereke ikiganiro gitangurira ku rupapuro rwa 6.

Umunara w’Inderetsi 1 Ruhuhuma

“Woba wibaza ko bishoboka vy’ukuri kumenya ingene Imana imeze? [Rindira yishure.] Hari ikintu gishimishije nagomba kukwereka ku bijanye n’ico kibazo.” Nimusome mwongere muganire ku mayagwa ari musi y’ikibazo ca 2 ku rupapuro rwa 16, mwihweze na kimwe mu vyanditswe vyatanzwe. Numuhe ibinyamakuru maze muvugane ivy’uko uzogaruka ngo murimbure amayagwa ari musi y’ikibazo ca 3.

Be maso! Nzero-Ntwarante

“Mu kinjana ca 19, igisagara ca Londres carasinzikajwe na korera. Woba uzi icabitumye? [Rindira yishure.] Ariko rero, gushira mu ngiro ivyanditse mu Gusubira mu vyagezwe 23:12, 13 vyarafashije abantu muri kahise no muri iki gihe kwirinda ico kintu kibangamira amagara. Iki kiganiro kirigana iyo nkuru kikongera kigatanga uburorero bw’abantu bo muri kahise no muri iki gihe bashize mu ngiro iyo ngingo ngenderwako twasomye maze birabakingira.” Numwereke ikiganiro gitangurira ku rupapuro rwa 12.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika