Ingene twotanguza ibiyago
Gutanguza inyigisho za Bibiliya ku wa gatandatu wa mbere wa Rusama
“Woba urigera wibaza igituma Imana ireka hakaba ikibi n’imibabaro? [Rindira yishure.] Noshima kukwereka ikintu gishimishije ku bijanye n’ico kibazo.” Nimusomere hamwe amayagwa ari munsi y’agatwe ka mbere kari ku rupapuro rwa 16 rw’Umunara w’Inderetsi wo ku wa 1 Rusama, musome na kimwe mu vyanditswe vyatanzwe. Numushikirize ibinyamakuru maze muvugane ivyo kuzogaruka kugira murimbure inyishu y’ikibazo gikurikira.
Umunara w’Inderetsi 1 Ntwarante
“Ivyabona vya Yehova barazwi ko bamamaza inkuru nziza. Woba urigera wibaza igituma dukora iki gikorwa? [Rindira yishure.] Raba ico Bibiliya idusigurira. [Soma Matayo 24:14.] Iki kinyamakuru kirishura ibibazo nk’ibi: Inkuru nziza ni iki? Ubwami ni iki? Iherezo rigiye kuza ryoryo ni iki?”
Be maso! Ndamukiza-Ruheshi
“Kubera ko abantu benshi bariko bagerageza kurwanya indwara, turiko turabasomera uwu murongo uremesha. [Soma Yesaya 33:24.] Igihe ivyo bizoranguka, wibaza ko ubuzima buzoba bumeze gute? [Rindira yishure.] Mu kurindira ko Imana ituma ibintu bihinduka muri ubwo buryo, hariho ibintu vy’ishimikiro twese dushobora gukora kugira ngo turushirize kugira amagara meza. Iki kinyamakuru kiravyerekana.”