Ingene twotanguza ibiyago
Gutanguza inyigisho za Bibiliya ku wa gatandatu wa mbere wa Mukakaro
“Muri iyi myaka ya vuba, abantu bararushirije kurondera kumenya ivyerekeye abamarayika. Woba wibaza ko abamarayika babaho vy’ukuri? [Rindira yishure.] Raba ico iki kinyamakuru kivuga.” Nuce umuha Umunara w’Inderetsi wo ku wa 1 Mukakaro maze murabire hamwe ibivugwa munsi y’agatwe ka mbere ku rupapuro rwa 16 mwongere murabe n’imiburiburi kimwe mu vyanditswe vyatanzwe. Numushikirize ibinyamakuru hanyuma muvugane umusi wogaruka kugira muganire ikibazo gikurikira.
Umunara w’Inderetsi 1 Rusama
“Abantu benshi babona ko ari vyiza ko idini rija muri politike, abandi bakabona ko politike n’idini bidakwiye kujana. Weho uvyibazako iki? [Rindira yishure.] Raba ico Yezu yakoze igihe abantu bashaka ko aja muri politike yo mu gihe ciwe. [Soma Yohani 6:15.] Iki kinyamakuru kirasigura igituma Yezu yanse kuja muri politike kandi kikerekana uburyo bwiza kuruta ubundi abakirisu bashobora kugira ico bafashije ikibano.”
Be maso! Ndamukiza–Ruheshi
Turazi neza yuko rimwe na rimwe duhuba mu vyo tuvuga, nk’uko muri Yakobo 3:2 havyerekana. [Hasome wongere uhasigure.] Ni co gituma rimwe na rimwe bishika tukavuga ibintu tutipfuza kuvuga. Iki kiganiro kirerekana ukuntu twokwirinda iyo ngorane uko bishoboka kwose, be n’ico twokora igihe bidushikiye.” Niwerekane ikiganiro gitangurira ku rupapuro rwa 19.