Ingene twotanguza ibiyago
Gutanguza inyigisho za Bibiliya ku wa gatandatu wa mbere wa Mukakaro
“Wibaza ko Imana ibona gute amasengesho yacu? Woba wibaza ko iyaha agaciro canke ipfa kuyumviriza gusa?” Rindira yishure. Nuce umwereka urupapuro rwa nyuma rw’Umunara w’Inderetsi wo ku wa 1 Mukakaro, maze murabire hamwe ibivugwa munsi y’ikibazo ca mbere mwongere murabe n’imiburiburi kimwe mu vyanditswe vyatanzwe. Numushikirize ibinyamakuru hanyuma muvugane umusi wogaruka kugira muganire ikibazo gikurikira.
Umunara w’Inderetsi 1 Mukakaro
“Ko Imana ari mushoboravyose, woba wibaza ko ari yo ikwiye kubazwa ibibi vyose biba kw’isi? [Rindira yishure. Nuce usoma Yakobo 1:13.] Iki kinyamakuru kirasigura igituma ibintu bibi bishika be n’ico Imana izokora kugira ikureho ubukozi bw’ikibi n’imibabaro.”
Be maso! Mukakaro
“Abantu nka bose barashikirwa n’icago kanaka, nk’ivyago vy’ivyaduka, indwara ishobora kubahitana canke bakabura ababo. Igihe ibintu nk’ivyo bishitse, woba wibaza ko bihambaye ko umuntu aguma abona ibintu mu buryo bwiza? [Rindira yishure.] Abantu benshi basanze Bibiliya ifasha kwihanganira ivyago. [Soma Abaroma 15:4.] Iki kinyamakuru kirasigura ukuntu Bibiliya ishobora kudufasha igihe twashikiwe n’icago.”