ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 6/13 rup. 8
  • Ingene twotanguza ibiyago

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ingene twotanguza ibiyago
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2013
  • Ivyo bijanye
  • Ingene twotanguza ibiyago
    Igikorwa dukorera Ubwami—2012
  • Ingene twotanguza ibiyago
    Igikorwa dukorera Ubwami—2011
  • Ingene twotanguza ibiyago
    Igikorwa dukorera Ubwami—2014
  • Ingene twotanguza ibiyago
    Igikorwa dukorera Ubwami—2012
Ibindi
Igikorwa dukorera Ubwami—2013
km 6/13 rup. 8

Ingene twotanguza ibiyago

Gutanguza inyigisho za Bibiliya ku wa gatandatu wa mbere wa Mukakaro

“Abantu nka bose aha iwacu boshima kuramba no guhimbarwa mu buzima. Twashaka rero kumenya ico wiyumvira kuri iki kibazo: Woba wibaza ko siyansi canke ubuvuzi umusi uri izina bizotuma dushobora kubaho ibihe bidahera? [Rindira yishure.] Ehe raba ingene aha havuga.” Nuce umwereka urupapuro rwa nyuma rw’Umunara w’Inderetsi wo ku wa 1 Mukakaro, maze murabire hamwe ibivugwa munsi y’ikibazo ca mbere mwongere murabe n’imiburiburi kimwe mu vyanditswe vyatanzwe. Numushikirize ibinyamakuru hanyuma muvugane umusi wogaruka kugira muganire ikibazo gikurikira.

Umunara w’Inderetsi 1 Ruheshi

“Turiko turagendera ababanyi bacu tuganira akanya gatoyi ku bijanye n’ingorane izwi cane. Abantu benshi biramaze gushika bakarenganywa. Woba wibaza ko hoba hariho ahantu kw’isi hatarangwa akarenganyo? [Rindira yishure.] Ehe raba ukuntu Imana ibona abantu bose. [Soma Ivyakozwe 10:34.] Iki kinyamakuru kirerekana ingene Imana izokuraho akarenganyo ubutagisubira kubaho.”

Be maso! Ruheshi

“Twagomba twumve iciyumviro cawe kuri iki kintu. Ni ibisanzwe ko umuntu yipfuza ubuzima bwiza. Woba wibaza ko ivyo twobishikako mu kuza turagura ibintu vyinshi? [Rindira yishure.] Raba aya majambo akomeye Yezu yavuze. [Soma Luka 12:15.] Iki kinyamakuru kirerekana ukuntu twobona amatungo mu buryo buri ku burimbane kandi kiratanga ivyiyumviro ngirakamaro ku bijanye n’ingene tutosesagura amahera.”

Inkuru nziza iva ku Mana

“Turiko turagendera abagize imiryango bo kuri iri barabara ryanyu kugira tubabwire iciyumviro kiremesha co muri Bibiliya. Benshi mu bo twaganiriye baribaza igituma Imana y’urukundo yoreka isi igashikirwa n’imibabaro myinshi ukuraho. Wibaza ko mu mugambi Imana yari ifitiye isi mu ntango harimwo ivy’uko hobaye imibabaro?” Rindira yishure. Nuzingurure ku cigwa ca 5, maze musome mwongere muganire ku ngingo zibiri za mbere no ku vyanditswe vyanditse mu ndome zihengamye. Numushikirize ako gatabu hanyuma muvugane umusi wogaruka kugira muganire ikibazo gikurikira.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika