Ingene twotanguza ibiyago
Gutanguza inyigisho za Bibiliya ku wa gatandatu wa mbere wa Mukakaro
“Abantu benshi barakunze gusubiramwo aya majambo yo muri rya sengesho rya Dawe wa twese agira ati: ‘Ubwami bwawe nibuze. Ukugomba kwawe nigukorwe kw’isi nko mw’ijuru.’ Wibaza yuko ubwo Bwami ari iki? [Rindira yishure.] Uyu murongo wo muri Bibiliya uravuga ikintu kidufasha kubimenya.” Soma Daniyeli 2:44. Nuce umuha Umunara w’Inderetsi wo ku wa 1 Mukakaro maze musomere hamwe mwongere muganire ibivugwa munsi y’agatwe kari ku rupapuro rwa 16. Numuhe ibinyamakuru maze muvugane ivyo kuzogaruka kugira mwihweze inyishu y’ikibazo gikurikira.
Umunara w’Inderetsi 1 Rusama
Soma Zaburi 37:10, 11, uce uvuga uti: “Woba wibaza ko uyu muhango ugiye kuranguka vuba? [Rindira yishure.] Iki kinyamakuru kiravuga ubuhanuzi butandatu bwo muri Bibiliya turiko turibonera iranguka ryabwo ubu, bukaba ari ubuhanuzi bwerekana yuko ata gihe kinini gisigaye uwo muhango utarangutse.”
Be maso! Ndamukiza–Ruheshi
“Turazi neza yuko ivyuma vyo mu buhinga bwa none bidufitiye akamaro kanini mu mirimo yacu ya misi yose. Ariko none, woba ubona ko igihe bidakoreshejwe neza bishobora kuduteza ingorane nk’iyi ivugwa mu Migani 13:20? [Soma ico canditswe uce urindira yishure.] Iki kiganiro kiravuga ukuntu ivyo vyuma bishobora kugirira umuntu nabi be n’ico twokora ngo twirinde iyo ngorane.” Niwerekane ikiganiro gitangurira ku rupapuro rwa 26.