ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 6/11 rup. 8
  • Ingene twotanguza ibiyago

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ingene twotanguza ibiyago
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2011
  • Ivyo bijanye
  • Ingene twotanguza ibiyago
    Igikorwa dukorera Ubwami—2012
  • Ingene twotanguza ibiyago
    Igikorwa dukorera Ubwami—2014
  • Ingene twotanguza ibiyago
    Igikorwa dukorera Ubwami—2013
  • Ingene twotanguza ibiyago
    Igikorwa dukorera Ubwami—2011
Ibindi
Igikorwa dukorera Ubwami—2011
km 6/11 rup. 8

Ingene twotanguza ibiyago

Gutanguza inyigisho za Bibiliya ku wa gatandatu wa mbere wa Mukakaro

“Abantu benshi barakunze gusubiramwo aya majambo yo muri rya sengesho rya Dawe wa twese agira ati: ‘Ubwami bwawe nibuze. Ukugomba kwawe nigukorwe kw’isi nko mw’ijuru.’ Wibaza yuko ubwo Bwami ari iki? [Rindira yishure.] Uyu murongo wo muri Bibiliya uravuga ikintu kidufasha kubimenya.” Soma Daniyeli 2:44. Nuce umuha Umunara w’Inderetsi wo ku wa 1 Mukakaro maze musomere hamwe mwongere muganire ibivugwa munsi y’agatwe kari ku rupapuro rwa 16. Numuhe ibinyamakuru maze muvugane ivyo kuzogaruka kugira mwihweze inyishu y’ikibazo gikurikira.

Umunara w’Inderetsi 1 Rusama

Soma Zaburi 37:10, 11, uce uvuga uti: “Woba wibaza ko uyu muhango ugiye kuranguka vuba? [Rindira yishure.] Iki kinyamakuru kiravuga ubuhanuzi butandatu bwo muri Bibiliya turiko turibonera iranguka ryabwo ubu, bukaba ari ubuhanuzi bwerekana yuko ata gihe kinini gisigaye uwo muhango utarangutse.”

Be maso! Ndamukiza–Ruheshi

“Turazi neza yuko ivyuma vyo mu buhinga bwa none bidufitiye akamaro kanini mu mirimo yacu ya misi yose. Ariko none, woba ubona ko igihe bidakoreshejwe neza bishobora kuduteza ingorane nk’iyi ivugwa mu Migani 13:20? [Soma ico canditswe uce urindira yishure.] Iki kiganiro kiravuga ukuntu ivyo vyuma bishobora kugirira umuntu nabi be n’ico twokora ngo twirinde iyo ngorane.” Niwerekane ikiganiro gitangurira ku rupapuro rwa 26.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika