Ingene twotanguza ibiyago
Gutanguza inyigisho za Bibiliya ku wa gatandatu wa mbere wa Rusama
“Ku bwawe, idini ryoba riremesha urukundo n’amahoro, canke riremesha urwanko n’ubukazi? [Rindira yishure.] Reka nkwereke ikintu gishimishije kuri ico kibazo.” Nuce umuha Umunara w’Inderetsi wo ku wa 1 Rusama, maze murabire hamwe ibivugwa munsi y’agatwe ka mbere ku prupapuro rwa 16 mwongere murabe n’imiburiburi kimwe mu vyanditswe vyatanzwe. Numushikirize ibinyamakuru hanyuma muvugane umusi wogaruka kugira muganire ku kibazo gikurikira.
Umunara w’Inderetsi 1 Ntwarante
“Muri iki gihe hari amadini menshi, kandi ayo madini usanga atemera bimwe canke ngo agire imigenzo imwe. Woba wibaza ko uwo wese avuga ko ari umukirisu aba vy’ukuri ari umukirisu? [Rindira yishure.] Ng’iki kimwe mu bintu Yezu yavuze ko biranga abakirisu b’ukuri. [Soma Yohani 13:34, 35.] Iki kinyamakuru kiraca irya n’ino ibintu bitanu Yezu yavuze bidufasha kumenya abayoboke biwe b’ukuri.”
Be maso! Ndamukiza–Ruheshi
“Turiko tuganira n’abantu ibijanye n’ikintu kibabaje kiriko kiraba. Bisa n’uko abantu muri iki gihe barushiriza gushavura no kutigumya. Wibaza ko biterwa n’iki? [Rindira yishure.] Raba ico Bibiliya ivuga ku bijanye n’ishavu. [Soma Zaburi 37:8.] Iki kinyamakuru kirerekana imvo zimwezimwe zituma abantu barushiriza gushavura muri iki gihe be n’ivyodufasha kwigumya.”