Ingene twotanguza ibiyago
Gutanguza inyigisho za Bibiliya ku wa gatandatu wa mbere wa Ruheshi
Soma Yesaya 42:8. Nuce uvuga uti: “Twisunze iki canditswe, turabona ko Imana ifise izina. Woba ubona ko bihambaye yuko dukoresha iryo zina ry’Imana? [Rindira yishure.] Ehe raba ico iki kinyamakuru kibivugako.” Nuce umuha Umunara w’Inderetsi wo ku wa 1 Ruheshi, maze murabire hamwe ibivugwa munsi y’agatwe ka mbere ku rupapuro rwa 16. Numushikirize ibinyamakuru hanyuma muvugane umusi wogaruka kugira muganire ku kibazo gikurikira.
Umunara w’Inderetsi 1 Ndamukiza
“Abantu bafise ivyiyumviro bitandukanye ku vyerekeye Yezu. Bamwe bibaza ko yari umwe Mesiya yari yarasezeranywe. Abandi babona ko yari umuntu ameze neza gusa. Hari n’abandi bavuga ko atigeze abaho. Weho umwiyumvirako iki? [Rindira yishure.] Bibiliya irerekana ko bihambaye kumenya ukuri ku bimwerekeye. [Soma Yohani 17:3.] Iki kinyamakuru kirerekana inyishu Bibiliya itanga ku bibazo bimwebimwe abantu bakunda kwibaza ku vyerekeye Yezu.”
Be maso! Ndamukiza–Ruheshi
“Muri iki gihe abantu benshi usanga bibabera urugamba kwikiranura n’abandi igihe hari ico bapfa. Ariko gushira mu ngiro ibivugwa mu Bakolosayi 3:13 birashobora gufasha cane. [Soma ico canditswe uce urindira agire ico abivuzeko.] Iki kiganiro kirerekana ingene gushira mu ngiro iyo mpanuro be n’izindi ngingo ngenderwako vyoshobora kudufasha kugiranira amahoro n’abandi.” Numwereke ikiganiro kiri ku rupapuro rwa 10 n’urwa 11.