Ingene twotanguza ibiyago
Gutanguza inyigisho za Bibiliya ku wa gatandatu wa mbere wa Ruheshi
“Twese turamaze kubura incuti canke abagenzi. Woba wizigiye kuzosubira kubabona? [Rindira yishure.] Raba iki ciyumviro gihumuriza.” Nimusome mwongere muganire ku mayagwa ari munsi y’agatwe ka mbere kari ku rupapuro rwa 16 mu Munara w’Inderetsi wo ku wa 1 Ruheshi, musome na kimwe mu vyanditswe vyatanzwe. Numuhe ibinyamakuru maze muvugane ivyo kuzogaruka kugira murimbure inyishu y’ikibazo gikurikira.
Umunara w’Inderetsi 1 Ndamukiza
“Abantu benshi usanga bemera ibintu vyinshi bitandukanye ku bijanye na Yezu. Woba wibaza ko bihambaye kumenya ukuri ku bimwerekeye? [Rindira yishure, uce usoma Yohani 17:3.] Iki kinyamakuru kirasigura ivyo Bibiliya ivuga ku bijanye na Yezu, nk’akarorero aho yakomotse, ico yabaho akora n’igituma yapfuye.”
Be maso! Ndamukiza-Ruheshi
“Kubera ko Bibiliya ari igitabu ca kera, abantu bamwebamwe biyumvira ko itavuga ukuri mu vya siyansi. Wewe uvyiyumvirako iki? [Rindira yishure.] Abantu benshi baratangara iyo babonye ko Bibiliya ivuga iki kintu. [Soma Yesaya 40:22.] Ikiganiro gitangurira ku rupapuro rwa 24 kirishura iki kibazo: Bibiliya yoba ivuga rumwe na siyansi?”