ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 5/06 rup. 4
  • Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2006
  • Ivyo bijanye
  • Ingene twotanguza ibiyago
    Igikorwa dukorera Ubwami—2011
  • Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru
    Igikorwa dukorera Ubwami—2004
  • Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru
    Igikorwa dukorera Ubwami—2007
  • Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru
    Igikorwa dukorera Ubwami—2009
Ibindi
Igikorwa dukorera Ubwami—2006
km 5/06 rup. 4

Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru

Umunara w’Inderetsi 1 Ndam.

“Aya majambo azwi cane arashimika ku kamaro ko kwironsa ubumenyi bwerekeye Imana. [Soma Matayo 4:4.] Ariko rero, abantu benshi basanga bigoye gutahura Ijambo ry’Imana. Woba wasanze ukwo ari ko biri? [Rindira yishure.] Iki kinyamakuru kiratanga inama ngirakamaro zishobora gufasha gutahura Bibiliya”.

Réveillez-vous! Ndam.

“Abantu benshi baragwa bavyuka kugira baronke agahimbare, mugabo bisa n’uko abantu bakeyi ari bo bakaronka. Wibaza ko hari ikintu na kimwe muri ibi bitondetse ngaha coshobora gufasha abantu kugira bagire ubuzima burushirije kubamwo agahimbare? [Mwereke uruzitiro ruri ku rupapuro rwa 9, uce usoma icanditswe kimwe muri ivyo vyatanzwe.] Iyi nomero ya Réveillez-vous! iraca irya n’ino ubuyobozi bushingiye kuri Bibiliya butuma haba agahimbare nyakuri”.

Umunara w’Inderetsi 15 Ndam.

“Abantu nka bose baremeza ko kimwe mu bintu nyamukuru bituma haba agahimbare mu buzima bwo mu muryango, ari uguseruranira neza akari ku mutima, yamara abantu benshi babonye ko bigoye guseruranira akari ku mutima ata guhishanya. Wibaza none ko biva kuki? [Rindira yishure.] Iki kinyamakuru kiratanga inama z’ingene umuntu yotsimbataza ubuhanga bwo guseruranira neza akari ku mutima n’abandi”. Soma Yakobo 1:19.

Réveillez-vous! Ndam.

“Abantu benshi bavuga ko umusaraba ubafasha kwumva ko barushirije kwiyegereza Imana. Ariko rero, bamwe baribaza bati: Ubwo birabereye gusenga ikintu cakoreshejwe mu kwica Yezu? Mu vy’ukuri Yezu yoba yapfiriye ku musaraba? Iki kiganiro gihera ku rupapuro rwa 12 kirihweza ivyo bibazo gifatiye ku vyo Bibiliya ivuga”. Soma Ivyakozwe n’intumwa 5:30.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika