Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru
Umunara w’Inderetsi 1 Ndam.
“Hafi imisi yose turagira ibibazo vyerekeye amagara, umuryango be n’akazi dukora. Wibaza ko inyishu zo kwizigirwa kandi ngirakamaro umuntu yozikura hehe? [Rindira yishure.] Ehe raba ivyo Bibiliya ivuga muri 2 Timoteyo 3:16. [Soma.] Iki kinyamakuru kirerekana ukuntu Bibiliya ishobora kudufasha mu buryo ngirakamaro butandukanye”.
Réveillez-vous! Ndam.
“Mu mihingo myinshi yo kw’isi, abantu babona ko ingingo ngenderwako zigenga inyifato runtu ziriko ziratituka. Woba nawe ariko ubibona? [Rindira yishure.] Ukuntu ibintu vyifashe muri iki gihe birashitsa ubuhanuzi bwo muri Bibiliya. [Soma 2 Timoteyo 3:2-4.] Iki kinyamakuru kirerekana ico ugutituka kw’inyifato runtu gusobanura be n’iyo kuriko kurajana abantu”.
Umunara w’Inderetsi 15 Ndam.
“Biboneka ko ibikorwa vy’ububisha biriko birarushiriza kuba vyinshi. [Nutange akarorero k’ivyabaye aho iwanyu canke utange akari muri iki kinyamakuru.] Woba urigera wibaza igituma abantu bashobora kuba ababisha bigeze iyo hose? [Rindira yishure.] Bibiliya yari yaravuze ko ububisha bwogwiriye. [Soma 2 Timoteyo 3:1-5.] Iki kinyamakuru kirishura kuri iki kibazo kigira giti: ‘Ububisha bwoba buzokwigera buvaho?’ ”.
Réveillez-vous! Ndam.
“Abantu benshi bavuga ko ari abakirisu. Wibaza ko kuba umukirisu bisobanura iki? [Rindira yishure.] Ehe raba ivyo Yezu yavuze. [Soma Yohana 15:14.] Iki kiganiro kirerekana ko hariho n’ibindi bisabwa uretse kuvuga gusa yuko umuntu ari umukirisu”. Numwereke ikiganiro gitangurira ku rupapuro rwa 26.