Nimwigishe abana banyu gushemeza Yehova
1. Abana boba bashobora gushemeza Yehova?
1 Muri Zaburi 148:12, 13 haremesha abahungu n’abakobwa ‘gushima izina ry’Uhoraho’ ari kwo kurishemeza. Ivyanditswe birimwo uburorero injojo bw’abana babigize. Nk’akarorero, “Samweli [y]akorera Uhoraho, kandi yar’akir’umwana” (1 Sam. 2:18). “Umwigeme mutoya” ni we yabwiye muka Namani yuko umuhanuzi wa Yehova aba muri Isirayeli yari gushobora gukiza Namani imibembe yari arwaye (2 Abm. 5:1-3). Igihe Yezu yinjira mu rusengero maze agakora ibikorwa vy’ububasha, “abana” ni bo basemereye bati: “Hoziyana mwana wa Dawidi” (Mat. 21:15). Abavyeyi bashobora gute kwigisha abana babo gushemeza Yehova?
2. Ni kubera iki bihambaye ko abavyeyi babera akarorero keza abana babo?
2 Akarorero mutanga: Imbere y’uko ba sebibondo b’Abisirayeli binjiza ukuri mu mitima y’abana babo, bategetswe kubanza gukunda Yehova be no gushira amabwirizwa yiwe mu mitima yabo bwite (Gus. 6:5-9). Igihe muvuga neza umurimo wo mu ndimiro kandi mukawushira mu rutonde rw’ivyo mukora buri ndwi, abana banyu bizoborohera kuwubona ko ari ikintu gihambaye kandi kimara akanyota.
3. Umuvukanyikazi umwe yungukiye gute ku karorero k’abavyeyi biwe?
3 Umuvukanyikazi umwe yibukana akamwemwe ibi: “Igihe nari nkiri muto, mu rutonde rw’ivyo mu muryango iwacu twakora harimwo no kugira uruhara mu busuku bwo mu ndimiro buri ndwi. Narabona ko abavyeyi banje bahimbarwa vy’ukuri no kwamamaza. Twakuze tubona ko umurimo wo kwamamaza ari ikintu gihimbaye”. Uwo muvukanyikazi yabaye umwamamaji atarabatizwa afise imyaka indwi kandi ubu ari mu mwaka ugira 33 ari mu murimo w’igihe cose.
4. Kumenyereza abana bukebuke bisobanura iki?
4 Mubamenyereze bukebuke: Igihe mugira uruhara mu busuku, nimujane n’abana banyu. Hari aho boshobora kuvuza agakengeri ko ku miryango, guha uwo musanze ku muhana agapapuro k’inkuru nziza canke gusoma icanditswe. Ivyo bizotuma barushiriza kunezerwa vyongere bibafashe kubona ko bashoboye kubwira abandi ubutumwa bw’Ubwami. Uko bagenda barakura ni ko bakwiye kurushiriza kugira uruhara mu busuku. Ku bw’ivyo rero, nimubafashe gutera imbere no kuzirikana ku bijanye n’imigambi yo mu vy’impwemu.
5. Ni ibiki bisabwa kugira ngo umwana abe umwamamaji atarabatizwa?
5 Ukimara kubona ko abana bawe bakwije ibisabwa kugira ngo babe abamamaji batarabatizwa kandi na bo bakaba berekana ko bafise ico cipfuzo, nubimenyeshe abakurambere. Babaye abamamaji bizotuma babona ko gushemeza Yehova ari ibanga bo ubwabo bajejwe. Muramiza mu muzirikanyi yuko kugira ngo umwana abe uwukwije ibisabwa atari ngombwa ngo abe azi nk’ivyo umuntu akuze yabatijwe azi. Umwana wanyu yoba atahura inyigisho z’ishimikiro zo muri Bibiliya? Yoba yisunga ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya zijanye n’inyifato runtu? Yoba yipfuza kugira uruhara mu busuku no kuba Icabona ca Yehova? Niba ari ukwo, abakurambere boshobora guca bemeza ko akwije ibisabwa kugira ngo abe umwamamaji atarabatizwa.—Raba igitabu Twagizwe ishirahamwe ngo dukore ivyo Yehova agomba, urupapuro rwa 79-82.
6. Ni kubera iki bibereye ko abavyeyi bamenyereza abana babo?
6 Kwigisha abana kugira ngo bashemeze Yehova babikuye ku mutima, bisaba akigoro. Ariko rero, mu bintu bituma abavyeyi banezerwa cane, nta kiza kiruta ukubona abana babo batera imbere mu vy’impwemu. N’igihambaye rwose, Yehova aranezerwa igihe abana bavuga ibijanye n’ibikorwa vyiwe bitangaje.