ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • od ikig. 8 rup. 71-86
  • Abamamaji b’inkuru nziza

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Abamamaji b’inkuru nziza
  • Ishirahamwe rikora ivyo Yehova agomba
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • ABAMAMAJI BASHASHA
  • GUKWIZA IBISABWA
  • GUFASHA ABANA
  • KWIYEGURIRA IMANA NO KUBATIZWA
  • AMARAPORO YEREKEYE ITERAMBERE RY’IGIKORWA
  • RAPORO YAWE Y’UMURIMO WO MU NDIMIRO
  • IFISHI Y’UMWAMAMAJI Y’ISHENGERO
  • IGITUMA DUTANGA RAPORO
  • NIWISHINGIRE IMIGAMBI
  • Inyishu ku bibazo vyanyu
    Igikorwa dukorera Ubwami—2013
  • Tube abanyamwete mu gukora ivyiza!
    Igikorwa dukorera Ubwami—2003
  • Ndamukiza—Igihe co ‘Gukora Tugatama no Kwihata’
    Igikorwa dukorera Ubwami—2001
  • Nufashe abatohoji ba Bibiliya gucika abamamaji b’inkuru nziza y’Ubwami
    Igikorwa dukorera Ubwami—2008
Ibindi
Ishirahamwe rikora ivyo Yehova agomba
od ikig. 8 rup. 71-86

IKIGABANE CA 8

Abamamaji b’inkuru nziza

YEHOVA yaraduhaye akarorero katagira agahaze twokurikiza, kakaba ari ak’Umwana wiwe Yezu Kristu. (1 Pet. 2:21) Igihe umuntu abaye umwigishwa wa Yezu, aca acika umwamamaji w’inkuru nziza. Mu kwerekana ko ico gikorwa coruhuriye abantu mu vy’impwemu, Yezu yavuze ati: “Nimuze kuri jewe, mwese abacumukura n’abaremerewe, nanje ndabaruhurira. Mwishireko ingǒgo yanje munyigireko, kuko nitonda kandi niyoroheje mu mutima, namwe muzokwumva muruhuriwe.” (Mat. 11:28, 29) Abitavye ako kamo bose bariboneye ko ayo majambo ari ay’ukuri.

2 Yezu we Mwamamaji mukuru, yarahamagaye abantu bamwebamwe ngo babe abigishwa biwe. (Mat. 9:9; Yoh. 1:43) Yarabamenyereje mu gikorwa co kwamamaza yongera arabarungika ngo bakore ico gikorwa yariko arakora. (Mat. 10:1–11:1; 20:28; Luka 4:43) Mu nyuma, yararungitse abandi 70 kwamamaza inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana. (Luka 10:1, 8-11) Igihe yarungika abo bigishwa, yababwiye ati: “Uwubumvirije na jewe aba anyumvirije. Kandi uwubakengereye na jewe aba ankengereye. Vyongeye, uwunkengereye aba akengereye n’uwantumye.” (Luka 10:16) Aho Yezu yari yerekanye ko ibanga abo bigishwa bari bahawe ryari rihambaye. Bobaye baserukira Yezu n’Imana Musumbavyose! Ukwo ni ko biri no muri iki gihe kuri abo bose bemera ubutumire bwa Yezu bugira buti: ‘Ingo unkurikire.’ (Luka 18:22; 2 Kor. 2:17) Ababwemera bose barafise igikorwa bahawe n’Imana co kwamamaza inkuru nziza y’Ubwami no guhindura abantu abigishwa.​—Mat. 24:14; 28:19, 20.

3 Kubera ko twemeye ubutumire bwo gukurikira Yezu, twararonse umuhezagiro wo ‘kumenya’ Yehova Imana na Yezu Kristu. (Yoh. 17:3) Twarigishijwe inzira za Yehova. Yaradufashije turahindura imizirikanyi yacu iraba misha, turambara wa muntu mushasha twongera turahuza inyifato yacu n’ingingo ngenderwako ziwe zigororotse. (Rom. 12:1, 2; Ef. 4:22-24; Kol. 3:9, 10) Ugukenguruka kuvuye ku mutima kwaratumye twegurira ubuzima bwacu Yehova maze turavyerekana mu kubatizwa mu mazi. Igihe tubatijwe tuba tubaye abasavyi b’Imana batiwe.

4 Urama wibuka ko uwukorera Imana ategerezwa kuba ari intungane mu biganza vyiwe kandi akaba adahumanye mu mutima. (Zab. 24:3, 4; Yes. 52:11; 2 Kor. 6:14–7:1) Kubera twizera Yezu Kristu, twararonse ijwi ryo mu mutima ritatwagiriza ikibi. (Heb. 10:19-23, 35, 36; Ivyah. 7:9, 10, 14) Intumwa Paulo yahimirije abakirisu gukora vyose ku bw’ubuninahazwa bw’Imana kugira ntibatsitaze abandi. Intumwa Petero na we yarerekanye ko kugira inyifato nziza bishobora gutuma abatizera bemera ukuri. (1 Kor. 10:31, 33; 1 Pet. 3:1) None wofasha gute umuntu gukwiza ibisabwa kugira yifatanye natwe mu gikorwa co kwamamaza inkuru nziza?

ABAMAMAJI BASHASHA

5 Kuva ugitangura kwiga Bibiliya n’umuntu yashimishijwe, numuremeshe kubwira abandi ivyo yiga. Akaryo kabonetse, yoshobora kubibwira incuti, abagenzi, abo bakorana n’abandi. Iyo ni intambwe ihambaye mu kwigisha abashasha gukurikira Yezu Kristu mu bijanye no kwamamaza inkuru nziza. (Mat. 9:9; Luka 6:40) Uko agenda aratera imbere mu vy’impwemu kandi akamenyera kwamamaza akaryo kizanye, ntazobura guserura icipfuzo afise co kugira uruhara mu ndimiro.

GUKWIZA IBISABWA

6 Imbere yo gusaba umuntu ngo mujane kwamamaza inzu ku nzu ari bwo bwa mbere, utegerezwa kwiyemeza ko akwije ibisabwa bimwebimwe. Umuntu ajana natwe mu ndimiro aba yerekanye ku mugaragaro ko ari Icabona ca Yehova. Birumvikana rero ko ategerezwa kuba amaze guhuza ubuzima bwiwe n’ingingo ngenderwako za Yehova zigororotse kandi akaba ashobora kuba umwamamaji atarabatizwa.

7 Kubera yuko mumaze igihe mwiga mwongera muganira ku ngingo ngenderwako zo muri Bibiliya, woshobora kuba uzi ingene ivyiwe vyifashe. Kumbure uramaze kubona ko ashira mu ngiro ivyo yiga. Ariko rero, hariho imice imwimwe y’ubuzima bwiwe abakurambere boshima kuganira n’uwo mutohoji, na wewe ari ho uri.

8 Umuhuzabikorwa w’inama y’abakurambere azotunganya ivy’uko abakurambere babiri (umwe akaba ari muri komite y’umurimo) baganira n’uwo mutohoji ku vyiyumviro bikurikira, na wewe ari ho uri. Mu mashengero afise abakurambere bake, ico kiganiro coshobora kugirwa n’umukurambere afadikanije n’umukozi w’ishengero abishoboye. Abavukanyi bacaguwe barakwiye kwihatira kuganira n’uwo mutohoji badatebaganye. Mu bisanzwe, nimba abakurambere bamenye ko uwo mutohoji afise ico cipfuzo bari ku makoraniro y’ishengero, vyoshoboka ko baganira na we inyuma y’amakoraniro, na wewe muri kumwe. Mu gihe c’ico kiganiro, umwe wese akwiye kwumva yisanze. Imbere y’uko yemererwa kuba umwamamaji atarabatizwa, ategerezwa kuba:

  1. (1) Yemera ko Bibiliya yahumetswe n’Imana.​—2 Tim. 3:16.

  2. (2) Azi kandi yemera inyigisho z’ishimikiro zo mu Vyanditswe ku buryo bamubajije ibibazo yokwishura ibihuye n’ivyo Bibiliya yigisha, aho kwishura ibihuye n’inyigisho z’ikinyoma canke ivyiyumviro vyiwe.​—Mat. 7:21-23; 2 Tim. 2:15.

  3. (3) Ariko arashira mu ngiro itegeko ryo muri Bibiliya risaba kwifatanya n’abasavyi ba Yehova ku makoraniro y’ishengero nimba abishoboye.​—Zab. 122:1; Heb. 10:24, 25.

  4. (4) Azi ico Bibiliya yigisha ku bijanye n’ubuhumbu, aho hakaba harimwo kurenga ibigo, guharika no kuryamana kw’abasangiye igitsina kandi akaba abaho yisunga iyo nyigisho. Nimba afise umugabo canke umugore, bakwiye kuba bubakanye biciye mu mategeko.​—Mat. 19:9; 1 Kor. 6:9, 10; 1 Tim. 3:2, 12; Heb. 13:4.

  5. (5) Akurikiza itegeko rya Bibiliya ritubuza kuborerwa kandi akaba yirinda gukoresha ibintu vyose vyizizira umuntu canke biyovya ubwenge, vyaba ari ivyo dusanga mu bidukikije canke ivyahinguwe, kiretse ku mvo z’ubuvuzi.​—2 Kor. 7:1; Ef. 5:18; 1 Pet. 4:3, 4.

  6. (6) Abona akamaro ko kwirinda abagenzi babi.​—1 Kor. 15:33.

  7. (7) Yaravavanuye rwose n’amadini y’ikinyoma yahoramwo. Yarahagaritse kuja gusengerayo, gushigikira ibikorwa vyayo canke kubigiramwo uruhara.​—2 Kor. 6:14-18; Ivyah. 18:4.

  8. (8) Yirinda kuja muri politike.​—Yoh. 6:15; 15:19; Yak. 1:27.

  9. (9) Yemera kandi akabaho yisunga ibivugwa muri Yesaya 2:4 ku bijanye no kwisuka mu ntambara z’amahanga.

  10. (10) Yipfuza vy’ukuri kuba Icabona ca Yehova.​—Zab. 110:3.

9 Nimba abakurambere bafise amakenga ku kuntu uwo mutohoji abona iciyumviro kanaka muri ivyo, bakwiye kumubaza utubazo, kumbure bagakoresha ivyo vyanditswe vyatanzwe. Birahambaye ko atahura yuko abifatanya n’Ivyabona vya Yehova mu gikorwa co kwamamaza bategerezwa kubaho bisunga ivyo bisabwa vyo mu Vyanditswe. Ivyo avuga birafasha abakurambere kumenya ko azi ivyo yitezweko be n’uko akwije ibisabwa ku rugero rutegereka ku buryo ashobora gutangura kwamamaza.

10 Abakurambere bakwiye guca bamenyesha uwo mutohoji ko akwije ibisabwa canke atabikwije. Kenshi birashoboka ko babimumenyesha basozereye ico kiganiro. Nimba akwije ibisabwa, abakurambere baramuha ikaze n’igishika mu bandi bamamaji. (Rom. 15:7) Akwiye kuremeshwa gutangura kwamamaza vuba bishoboka no gutanga raporo yiwe yo mu ndimiro ku mpera z’ukwo kwezi. Abo bakurambere barashobora kumusigurira yuko igihe umutohoji abaye umwamamaji hanyuma agatanga raporo ya mbere, akorerwa ifishi iriko amakuru amwerekeye hanyuma igashirwa muri dosiye y’ishengero. Abakurambere bamusaba ayo makuru kugira ngo ishirahamwe rishobore gukurikirana neza igikorwa Ivyabona vya Yehova barangura kw’isi yose no kugira ngo uwo mwamamaji ashobore kugira uruhara mu bikorwa vy’Ubwami yongere aronswe indemesho akeneye. Vyongeye, abakurambere barashobora kwibutsa abamamaji bashasha ko amakuru yose aberekeye akoreshwa hisunzwe Amategeko ajanye n’ingene Ivyabona vya Yehova bakingira amakuru kw’isi yose ari kuri jw.org.

11 Kumenyana neza n’umwamamaji mushasha no kumwereka ko dushima ivyo ariko ararangura birashobora kumufasha. Vyoshobora gutuma atanga raporo adahorereza kandi akongereza utwigoro mu murimo wa Yehova.​—Flp. 2:4; Heb. 13:2.

12 Umutohoji amaze gusuzumwa n’abakurambere bagasanga arakwije ibisabwa vyo kugira uruhara mu ndimiro, aca ahabwa igitabu Ishirahamwe rikora ivyo Yehova agomba. Amaze gutanga raporo ya mbere y’umurimo, ishengero rirashikirizwa itangazo rigufi rivuga ko yabaye umwamamaji.

GUFASHA ABANA

13 Abana batoyi na bo nyene barashobora gukwiza ibisabwa bakaba abamamaji b’inkuru nziza. Yezu yarahaye ikaze abana batoyi yongera arabahezagira. (Mat. 19:13-15; 21:15, 16) Naho abavyeyi ari bo canecane bafise ibanga ryo gufasha abana babo, abandi bo mw’ishengero boshobora gufasha abana bipfuza kugira uruhara mu gikorwa co kwamamaza Ubwami. Nimba uri umuvyeyi, akarorero keza utanga mu gikorwa co kwamamaza kazoremesha cane abana bawe kugira umwete mu gukorera Imana. None igihe umwana yigenza neza yipfuje kubwira abandi ivyo yemera, ni iyindi mfashanyo iyihe ashobora guhabwa?

14 Vyoba vyiza umuvyeyi wiwe ashikiriye umwe mu bakurambere bagize Komite y’umurimo y’ishengero kugira baganire n’uwo mwana ngo barabe ko yoba akwije ibisabwa vyo kuba umwamamaji. Umuhuzabikorwa w’inama y’abakurambere azoca aringaniza ivy’uko abakurambere babiri (umwe akaba ari muri komite y’umurimo) babonana n’uwo mwana be n’umuvyeyi wiwe (canke abavyeyi bompi) canke umurezi wiwe. Nimba uwo mwana afise ubumenyi bw’ishimikiro bwo muri Bibiliya kandi bikaba biboneka ko yipfuza kugira uruhara mu ndimiro, ivyo vyokwerekana ko afise iterambere ryiza. Abo bakurambere bamaze kurimbura ivyo bintu hamwe n’ibindi bisa na birya bifatirwako ku bakuze, boshobora kumenya ko uwo mwana yokwemererwa kuba umwamamaji atarabatizwa canke atovyemererwa. (Luka 6:45; Rom. 10:10) Igihe abakurambere babonana n’umwana mutoyi, ntivyoba bikenewe ko baganira ku bibazo bimwebimwe bikunze kubazwa abantu bakuze biboneka ko bitaraba umwana mutoyi.

15 Muri ico kiganiro, abakurambere bakwiye gukeza uwo mwana kubera iterambere ariko aragira kandi bakamuremesha kwishingira umugambi wo kubatizwa. Kubera ko abavyeyi bakoze bagatama kugira bigishe ukuri umwana wabo, na bo nyene barabereye gukezwa. Mu kwereka abavyeyi ingene borushiriza gufasha umwana wabo, abakurambere boshobora kuberekeza ahavuga ngo “Akajambo kagenewe abavyeyi bakirisu,” ku rupapuro rwa 179-181.

KWIYEGURIRA IMANA NO KUBATIZWA

16 Nimba waramenye Yehova, ukerekana ko umukunda, ukaba ubaho wisunga ivyo asaba kandi ukaba ugira uruhara mu ndimiro, urakeneye gukomeza ubucuti ufitaniye na we. Ivyo wobigira gute? Mu kumwegurira ubuzima bwawe hama ukavyerekana mu kubatizwa mu mazi.​—Mat. 28:19, 20.

17 Kwiyegura bisigura gushirwa ku ruhande ku bw’umugambi mweranda. Kwiyegurira Imana ni ukuyitura mw’isengesho ukayisezeranira ata gufyina ko ugiye kuyikorera kandi ukagendera mu nzira zayo. Ivyo bisigura ko uyihebera mu kiringo cose usigaje kubaho. (Gus. 5:9) Ico ni ikintu kikwega wewe ubwawe. Nta n’umwe ashobora kugikora mu kibanza cawe.

18 Ariko rero, hariho ibindi ukeneye gukora uretse kubwira Yehova mu mwiherero ko ushaka kuba uwiwe. Urakeneye kwereka abandi ko wiyeguriye Imana. Ivyo ubigira mu kubatizwa mu mazi nka kumwe kwa Yezu. (1 Pet. 2:21; 3:21) None wokora iki nimba umaze gufata ingingo yo gukorera Yehova kandi ukaba ushaka kubatizwa? Ukwiye kubimenyesha umuhuzabikorwa w’inama y’abakurambere. Azoringaniza ivy’uko uganira n’abakurambere ngo barabe ko ukwije ibisabwa kugira ubatizwe. Ushaka ayandi makuru, nurabe ahavuga ngo “Akajambo kagenewe umwamamaji atarabatizwa,” ku rupapuro rwa 182-184 rw’iki gitabu hamwe n’ahavuga ngo “Ibibazo vy’abipfuza kubatizwa,” ku rupapuro rwa 185-206.

AMARAPORO YEREKEYE ITERAMBERE RY’IGIKORWA

19 Kuva kera na rindi, amaraporo avuga ukuntu ugusenga gutyoroye kuriko kuratera imbere kw’isi yose yamye aremesha abasavyi ba Yehova. Kuva igihe Yezu Kristu yabwira abigishwa biwe ko inkuru nziza yokwamamajwe mw’isi yose, abakirisu b’ukuri bamye bashashaye kumenya ingene ivyo vyorangutse.​—Mat. 28:19, 20; Mrk. 13:10; Ivyak. 1:8.

20 Abigishwa ba Yezu bo mu ntango barahimbarwa no kwumva amaraporo y’uko igikorwa co kwamamaza kiriko kiragenda neza. (Mrk. 6:30) Igitabu c’Ivyakozwe kitubwira ko igihe impwemu nyeranda yasukwa ku bigishwa kuri Pentekoti yo mu 33, hari abantu bashika 120. Bidatevye, igitigiri c’abigishwa carongerekanye gishika nko ku 3.000, hanyuma kiraduga gishika nko ku 5.000. Bibiliya ivuga ko “ku musi ku musi Yehova yaguma abongerako abaza barakizwa” be n’uko “isinzi rinini ry’abaherezi [ryatanguye] kugamburuka ukwizera.” (Ivyak. 1:15; 2:5-11, 41, 47; 4:4; 6:7) Ese ingene abigishwa bategerezwa kuba bararemeshejwe n’ayo makuru yerekeye iryo yongerekana! Ayo maraporo aremesha ategerezwa kuba yarabavyuriye umutima wo gushishikara igikorwa bashinzwe n’Imana, naho bariko barahamwa bimwe bikomeye n’abakuru b’idini ry’Abayuda.

21 Nko hagati y’umwaka wa 60 n’uwa 61 inyuma ya Kristu, Paulo yandikiye Abakolosayi ko inkuru nziza yariko ‘irama ivyamwa yongera igwira mw’isi yose’ be n’uko yari “yamamajwe mu vyaremwe vyose biri munsi y’ijuru.” (Kol. 1:5, 6, 23) Abakirisu bo mu ntango baragamburuka ijambo ry’Imana, kandi impwemu nyeranda yarabafashije gushinga intahe ikomeye imbere y’uko iherezo ry’ivy’Abayuda rishika mu 70 inyuma ya Kristu. Ese ukuntu abo bakirisu b’abizigirwa baremeshejwe no kwumva amaraporo y’ivyariko birarangurwa!

Woba urajwe ishinga n’uko igikorwa co kwamamaza kirangurwa imbere y’uko iherezo rishika?

22 No muri iki gihe, ishirahamwe rya Yehova ririhatira kuza rirandika amaraporo y’ibikorwa biriko birarangurwa mu gushitsa ibivugwa muri Matayo 24:14, ahagira hati: “Iyi nkuru nziza y’ubwami izokwamamazwa mw’isi yose ngo bibe intahe ku mahanga yose; maze iherezo rizoca riza.” Kubera ko twiyeguriye Imana, turafise igikorwa cihutirwa dutegerezwa kurangura. Umwe wese muri twebwe ategerezwa kurazwa ishinga n’uko ico gikorwa kirangurwa bimwe bishitse imbere y’uko iherezo rishika. Yehova azokwitwararika yuko ico gikorwa kirangira. Nimba tukigiramwo uruhara, Yehova ntazobura kudushima.​—Ezk. 3:18-21.

RAPORO YAWE Y’UMURIMO WO MU NDIMIRO

23 Ni ibiki dushira kuri raporo? Agakaratasi ka Raporo y’umurimo gatangwa n’ishirahamwe karerekana ivyo dukwiye gushirako. Ariko rero, ivyiyumviro bikurikira birashobora kugufasha.

24 Ahavuga ngo “Ivyo watanze (Ivy’impapuro n’ivy’ubuhinga bwa none)” nuhandike igitigiri cose hamwe c’ibisohokayandikiro wahaye abantu batari Ivyabona, vyaba ivy’impapuro canke ivy’ubuhinga bwa none. Ahavuga ngo “Incuro werekanye amavidewo” nuhandike incuro werekanye amavidewo yacu mu ndimiro.

25 Mu kwandika “Amasubirayo,” nuharure incuro zose wasubiye kugendera umuntu atari Icabona ca Yehova kugira utsimbataze ugushimishwa yerekanye. Urashobora guharura isubirayo igihe usubiye kugendera umuntu mwayaze, igihe umwandikiye ikete, igihe umuterefonye, igihe umwandikiye mesaje kuri telefone canke kuri internet, canke igihe umusigiye ibisohokayandikiro. Uraharura isubirayo kandi igihe cose uyoboye inyigisho ya Bibiliya. Umuvyeyi yoshobora guharura isubirayo rimwe ku ndwi igihe ahagarikiye ugusenga kwo mu muryango, hakaba harimwo umwana atarabatizwa.

26 Naho mu bisanzwe inyigisho ya Bibiliya iyoborwa buri ndwi, duharura ko ari inyigisho imwe ku kwezi. Abamamaji barakwiye kwandika igitigiri c’inyigisho za Bibiliya zitandukanye barongoye mu kwezi. Mu nyigisho za Bibiliya zija kuri raporo harimwo abantu twigana Bibiliya batarabatizwa. Woshobora kandi guharura inyigisho igihe wigana Bibiliya n’umuvukanyi canke umudada yahororokewe ubisabwe na komite y’umurimo y’ishengero, canke igihe wigana n’umuntu aherutse kubatizwa atararangiza igitabu Urashobora kwiberaho ibihe bidahera.

27 Igihe dutanga raporo, birahambaye ko duharura neza “Amasaha” twakoze. Mu bisanzwe, duharura umwanya twamaze turiko turamamaza inzu ku nzu, dusubira kugendera abashimishijwe, tuyobora inyigisho za Bibiliya, canke turiko turabwira inkuru nziza mu bundi buryo abantu batari Ivyabona canke akaryo kizanye. Igihe abamamaji babiri bajanye mu ndimiro, bompi barakwiye guharura umwanya bamaze, ariko umwe wese agaharura amasubirayo yiwe canke inyigisho ziwe. Igihe abavyeyi bafadikanije kwigisha abana babo mu Gusenga kwo mu muryango, bompi barashobora guharura isaha imwe ku ndwi. Abavukanyi barashobora guharura umwanya bamaze batanga insiguro ya bose. Umusobanuzi na we nyene yoshobora guharura uwo mwanya. Hariho umwanya tumara turiko turakora ibikorwa bihambaye ariko tudakwiye guharura, nk’akarorero kwitegurira kuja mu ndimiro, kwitaba ikoraniro ryo gusohoka mu ndimiro, kugura utuntu, n’ibindi.

28 Umwamamaji wese ategerezwa kwisunga ijwi ryiwe ryo mu mutima ryamenyerejwe na Bibiliya mu guharura ikiringo yamaze ariko aramamaza. Hari abamamaji bamamaza mu turere turimwo abantu benshi, hakaba n’abandi bakorera mu vyibare birimwo imihana mike, bigasaba ko bagira urugendo rurerure kugira bashikire uwundi muhana. Ivyibare ntibimeze kumwe kandi n’abamamaji baratandukanye mu kuntu babona igikorwa co kwamamaza. Mu bijanye no guharura umwanya umuntu amara mu ndimiro, abagize Inama Nyobozi ntibasaba ko amashengero yisunga uko bo babona ibintu bisunze ijwi ryabo ryo mu mutima. Eka kandi nta muntu n’umwe yashinzwe gucira urubanza abandi muri uwo muce.​—Mat. 6:1; 7:1; 1 Tim. 1:5.

29 Dukwiye gutanga raporo y’umwanya twamaze mu ndimiro mu masaha yuzuye. Ariko ivyo ntibikurikizwa igihe umwamamaji adashobora gukora vyinshi kubera ubusaza, igihe atava ku musego, igihe ari mu bigo vyitaho abageze mu zabukuru, canke igihe afise ubundi bumuga. Umwamamaji nk’uwo yoshobora gutanga raporo y’iminuta 15 canke y’iminuta 15 igenda iriyongerako cumicumi n’itanu. Naho yoba yamaze iminuta 15 gusa mu kwezi ariko aramamaza, arashobora gutanga raporo y’uwo mwanya. Azoba ari mu gitigiri c’abamamaji badahorereza. Ivyo birakora no ku mwamamaji amaze igihe kanaka adashobora gukora vyinshi, akamara nk’ukwezi adashobora kugendagenda kubera indwara ikomeye canke imvune ikomeye. Ivyo biraba gusa abantu badashobora kumara umwanya munini mu ndimiro. Komite y’umurimo ni yo yemeza ko umwamamaji yokwungukira kuri iyo ndinganizo.

IFISHI Y’UMWAMAMAJI Y’ISHENGERO

30 Raporo utanga buri kwezi irandikwa kw’Ifishi y’umwamamaji y’ishengero. Ivyanditswe kuri iyo fishi vyegukira ishengero. Nimba utegekanya kwimukira mu rindi shengero, uritwararika kubimenyesha abakurambere b’ishengero urimwo. Umunyamabanga azokwitwararika yuko ifishi yawe irungikwa mw’ishengero wimukiyemwo. Ivyo bizotuma abakurambere baguha ikaze bongere bagushigikire mu vy’impwemu. Nimba uzomara amezi ari munsi y’atatu utari mw’ishengero iwanyu, urabandanya kurungika raporo yawe mw’ishengero ukukira.

IGITUMA DUTANGA RAPORO

31 Vyoba bishika ukibagira gutanga raporo? Twese rimwe na rimwe turakenera kwibutswa. Ariko nitwabona mu buryo bubereye ibijanye no gutanga raporo kandi tugatahura igituma bihambaye, bizotworohera kwibuka kuyitanga.

32 Hari ababajije bati: “Ko Yehova azi ivyo ndamukorera, kubera iki notanga raporo?” Mu vy’ukuri, Yehova arazi ivyo dukora. Arabona kandi ko tubikora n’umutima wacu wose canke ko ari uguheza umwuga gusa. Ariko, niwibuke ko Yehova yandikishije imisi Nowa yamaze mu bwato hamwe n’imyaka Abisirayeli bamaze mu gahinga. Imana yarandikishije igitigiri c’abagumye ari abizigirwa n’ic’abagararije. Yarandikishije ingene Abisirayeli bagiye barigarurira igihugu ca Kanani hamwe n’ivyo abacamanza b’abizigirwa bo muri Isirayeli baranguye. Emwe, yarandikishije amakuru menshi yerekeye ivyo abasavyi bayo baranguye. Yarahumekeye abantu kwandika ivyo bintu, ivyo bikaba bitwereka neza ingene ibona ibijanye no kwandika raporo zitarimwo amakosa.

33 Inkuru zo muri Bibiliya zigana ibintu vyabaye kera zirerekana ko abasavyi ba Yehova bamye bandika amaraporo atagiramwo amakosa. Akenshi, ntitwotahura neza uburemere bw’inkuru kanaka yo muri Bibiliya iyaba tudafise ivyo bitigiri. Raba ubu burorero: Itanguriro 46:27; Kuvayo 12:37; Abacamanza 7:7; 2 Abami 19:35; 2 Ngoma 14:9-13; Yohani 6:10; 21:11; Ivyakozwe 2:41; 19:19.

34 Naho amaraporo dutanga ataba arimwo ibintu vyose dukora mu murimo turangurira Yehova, arafitiye akamaro ishirahamwe ryiwe. Mu kinjana ca mbere, igihe intumwa za Yezu zari zivuye mw’isekeza ryo kwamamaza, zaramwiganiye “ibintu vyose zari zakoze n’ivyo zari zigishije.” (Mrk. 6:30) Rimwe na rimwe, amaraporo arashobora kwerekana ko umuce kanaka w’igikorwa cacu ukeneye kwitwararikwa. Ibitigiri birashobora kwerekana ko mu mice imwimwe y’igikorwa habaye iyongerekana, ariko mu yindi ugasanga nta yongerekana ryabaye, nk’akarorero ugasanga igitigiri c’abamamaji nticiyongereye. Muri ico gihe, abamamaji boshobora kuba bakeneye indemesho canke hakaba hariho ibindi bibazo bikeneye gutorerwa umuti. Ababijejwe barihweza ayo maraporo maze bakagerageza gukosora ingorane iyo ari yo yose yoba ituma abamamaji canke ishengero ryose ridatera imbere.

35 Amaraporo kandi arafasha ishirahamwe kumenya ahantu hakenewe abakozi kuruta ahandi. Arafasha kumenya uturere twimbuka cane n’ututimbuka cane hamwe n’ibisohokayandikiro abantu bakeneye kugira bige ukuri. Amaraporo arafasha ishirahamwe kumenya ibisohokayandikiro abantu bakeneye mu ndimiro mu mihingo itandukanye y’isi maze rikitegurira kubibaronsa.

36 Benshi muri twebwe amaraporo araturemesha. Ntiduhimbarwa none iyo twumvise ivyo abavukanyi bacu bariko bararangura mu gikorwa co kwamamaza inkuru nziza kw’isi yose? Amaraporo yerekeye iyongerekana aradufasha kubona ingene ishirahamwe rya Yehova ririko riratera imbere. Ivyabonywe biradukora ku mutima, bigatuma turushiriza kugira umwete mu gikorwa co kwamamaza. (Ivyak. 15:3) Kwitwararika gutanga raporo yo mu ndimiro birahambaye kandi birerekana ko twitaho abavukanyi bacu bo kw’isi yose. Naho womenga ni ikintu gitoyi, birerekana ko tuyoboka indinganizo Yehova yashizeho.​—Luka 16:10; Heb. 13:17.

NIWISHINGIRE IMIGAMBI

37 Nta mvo n’imwe yotuma tugereranya umurimo wacu n’uw’abandi. (Gal. 5:26; 6:4) Ivyacu ntivyifashe kumwe. Ariko ntiwumve, kwishingira imigambi ihuje n’uko ivyacu vyifashe biratugirira akamaro kubera ko bidufasha gusuzuma iterambere ryacu mu gikorwa co kwamamaza. Iyo dushitse kuri iyo migambi turumva ko hari ico twamaze.

38 Biraboneka yuko Yehova ariko arihutisha igikorwa co kwegeranya abantu azokingira mu gihe ca ya “makuba akomeye.” Tubayeho mu gihe c’iranguka ry’ubuhanuzi bwa Yesaya bugira buti: “Umutoyi azocika igihumbi, uwo hasi na we acike ihanga rikomeye. Jewe Yehova, nzovyihutisha mu gihe cavyo.” (Ivyah. 7:9, 14; Yes. 60:22) Ese ukuntu ari agateka kuba turi abamamaji b’inkuru nziza y’Ubwami muri iki kiringo gihambaye c’imisi ya nyuma!​—Mat. 24:14.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika