Tube abanyamwete mu gukora ivyiza!
1 Uko twinjira mu kiringo c’Icibutso co mu 2003, turafise imvo nyinshi cane zo kuba ‘abanyamwete mu gukora ivyiza.’ (1 Pet. 3:13) Imvo iruta zose muri izo ni inkuka y’incungu ya Yezu Kirisitu. (Mat. 20:28; Yoh. 3:16) Ku vyerekeye iyo nkuka, intumwa Petero yanditse ati: “Ivyo mwacungujwe ngo muve mu ngeso zanyu z’imburakimazi . . . [si] ibishira nk’ifeza cank’izahabu, ariko mwacungujwe amaraso y’igiciro kinini, nk’ay’umwagazi w’intama utagira agasembga cank’ibara, ni yo ya Kristo.” (1 Pet. 1:18, 19) Gukenguruka ubwo buryo budasanzwe bwo guserura urukundo biradusunikira ku kugira ibikorwa vyinshi vyiza dukora, dutahura yuko Yezu “yatwiguze kugira ngw aducungure, adukūrekw ivyo twagabitanije vyose, kandi yihumanurire ubgoko ngo babe icibare ciwe, barwane ishaka ry’ibikorwa vyiza.”—Tito 2:14; 2 Kor. 5:14, 15.
2 Igihe dukoze ibihimbara Imana, turagiranira ubucuti bwiza na yo kandi tukaba abo yitwararikana urukundo. Petero yongeyeko ati: “Ūgomba gukunda ubu[zima] no kubona imisi myiza, . . . azibukīre ibibi, akore ivyiza; arondere amahoro, ayakurikire, kugira ngw ayashikīre. Kukw inyonga z’Uhoraho ziri ku bagororotsi, n’amatwi yiwe ari ku vyo basenga.” (1 Pet. 3:10-12) Muri ibi bihe vy’akaga, urazi ukuntu ari umuhezagiro kumenya yuko Yehova aduhozako ijisho kandi ko yiteguriye kugira ico akoze ku bwacu, kugira ‘atuzigame nk’imbone y’ijisho ryiwe’!—Gus. 32:10; 2 Ngo. 16:9.
3 Naho Abakirisu bo mu ntango Petero yandikiye bahangana n’ibigeragezo, bararurumba umwete ata cari gushobora kuwuzimya, kandi baramamaje inkuru nziza ku rugero runini rushoboka. (1 Pet. 1:6; 4:12) Ivyo ni na kwo biri ku basavyi b’Imana muri iki gihe. Naho tubayeho mu “bihe bigoye,” gukenguruka ukumera neza kwa Yehova biradusunikira ku gukorana umwete ivyo Imana igomba. (2 Tim. 3:1; Zab. 145:7) Reka turimbure bimwebimwe mu bikorwa vyiza vyinshi tuzokora muri iki kiringo c’Icibutso.
4 Nutumire abandi ku Cibutso: Uburyo bumwe dushobora kugaragaza ko dukenguruka ingabirano y’igitangaza y’incungu, ni ukuba ari ho turi kuri iryo himbazwa ry’urupfu rwa Yezu rigirwa uko umwaka utashe, muri uyu mwaka rikaba rizoba ku wa Gatatu igenekerezo rya 16 Ndamukiza izuba rirenze. (Luka 22:19, 20) Mu mwaka uheze, mu mashengero 94.600 yari ahari kw’isi yose, abitavye Icibutso bose hamwe bari 15.597.746! Ni ukuvuga ko hiyongereye abantu barenga 220.000 ku bacitavye mu mwaka wahera.
5 Ni bangahe bazocitaba muri uyu mwaka? Bizova ahanini ku twigoro dukomeye tuzogira kugira ngo turemeshe abandi kwifatanya natwe. Nutangure kugira urutonde rw’abo wipfuza gutumira. Abo mu muryango wawe wa hafi ni bo bakwiye kuza imbere kuri urwo rutonde. Nimba wubakanye n’uwutizera, numuserurire icipfuzo kivuye ku mutima ufise c’uko yokwifatanya nawe mu kucitaba. Hari umunega atizera yavuze yuko yitavye Icibutso mu mwaka uheze kubera yabonye ko kuba ari ho ari vyari bifise ikintu kinini bivuze ku mukenyezi wiwe. Aboca bakurikira kuri nya rutonde rwawe, ni incuti, ababanyi, abo mukorana canke abo mwigana. Niwiyemeze gutumira abo mwigana Bibiliya.
6 Umaze kugira urutonde, nutegekanye umwanya wo guha ubutumire umwumwe wese. Nukoreshe udupapuro tw’ubutumire bw’Icibutso. Kugira ngo ufashe abantu kwibuka igihe iryo himbazwa rizoberako be n’aho rizobera, niwandikishe imashini canke wandike mu ndome ziboneka amaja munsi y’agapapuro k’ubutumire umwanya Icibutso kizoberako be n’aho kizobera. Uko igenekerezo rya 16 Ndamukiza ryegereza, niwibutse abari ku rutonde, haba ari mu kuja kubirabira canke mu kubaterefona. Nimuze dufashe abantu benshi bashoboka kugira babe ari ho bari kuri urwo rubanza rweranda kurusha izindi zose.
7 Nusahirize abitavye Icibutso: Ijoro riberako Icibutso ryama ari ikiringo giteye umunezero. Turaronka akaryo ko guha ikaze abantu batari basanzwe bitaba amakoraniro yacu. Nutegekanye gushika hakiri kare wongere utahe utevye, niba uko ivy’aho iwanyu vyifashe bibigukundiye. Niwibwirize kumenyana n’abantu bashasha bacitavye. Nube umunyagishika n’umwakiranyi.—Rom. 12:13.
8 Bamwebamwe mu bitavye Icibutso boba bashobora gufashwa kugira ngo barushirize kugira iterambere rikomeye mu vy’impwemu mu kubarongorera inyigisho ya Bibiliya? Niwihatire kumenya amazina y’abashitsi abo ari bo bose batagira ababagendera wongere wihatire kumenya aho baba kugira ngo ushobore kubakurikirana. Bamwebamwe muri abo basahirijwe mu buryo buranga urukundo, boshobora gutera imbere gushika n’aho bakwiza ibisabwa kugira babe abamamaji batarabatizwa imbere y’uko Icibutso co mu mwaka uza gishika. Igihe ukurikirana abitavye Icibutso mu kubagendera, nubatumire ku nsiguro idasanzwe izoshikirizwa ku wa 27 Ndamukiza.
9 Woba ushobora gukora ubutsimvyi bwo gufasha muri iki kiringo c’Icibutso? Uko umwaka utashe, ishaka dufitiye Yehova riradusunikira ku kwihatira gukora cane mu busuku mu mezi y’ibikorwa vya gitewokarasi bidasanzwe. Utwigoro dushizwe hamwe ishengero rigira kugira ryamamaze inkuru nziza n’umwete muri iki kiringo c’Icibutso turashobora kuvamwo ivyiza.
10 Hari ishengero rimwe ririmwo abamamaji 107 n’abatsimvyi basanzwe 9 ryatanze raporo yuko Ndamukiza kw’umwaka uheze kwabaye “ukwezi kwiza igitangaza,” abamamaji 53 bakaba barakoze ubutsimvyi bwo gufasha ushizemwo abakurambere bose n’abakozi b’ishengero bose. Ni gute abakurambere batumye abamamaji bashashara gukora ubutsimvyi bwo gufasha muri ukwo kwezi? Batanguye hakiri kare, bararemesha benshi bashoboka kwiyandikisha. Amakoraniro y’umurimo wo mu ndimiro yaragizwe mu bihe bitandukanye vy’umusi kugira borohereze abari mw’ishengero bose.
11 Nya bakurambere basozereye raporo batanze bagira bati: “Ico cari igihe ciza igitangaza, kandi turakenguruka uduteka be n’imihezagiro Yehova yatumye umwumwe wese muri twebwe ashobora kuronka.” Mutegekanije ibintu neza, ishengero ryanyu na ryo nyene rirashobora kwinovora imihezagiro nk’iyo.
12 Niwihatire kugira uruhara mu busuku ijana kw’ijana: Urukundo dukunda Imana be na mugenzi wacu ruradusunikira ku gucungura umwanya ku kwezi ku kwezi kugira ngo tubwire abandi inkuru nziza. (Mat. 22:37-39) Abacungezi b’Inyigisho y’Igitabu y’Ishengero be n’abafasha babo bakwiye kwihatira gusahiriza abari mu migwi yabo kugira ngo bagire uruhara mu busuku ku kwezi ku kwezi. Uburyo bwiza bwo kubigira, ni mu kuringaniza imbere y’igihe gukorana mu busuku n’abantu kanaka bo muri uwo mugwi. Aho kurindira ngo ubigire ukwezi kurangiye, nutangure hakiri kare. Ivyo bizokuronsa utundi turyo two gutanga imfashanyo iranga urukundo.
13 Mu mugwi wanyu w’inyigisho y’igitabu, hoba hari abamamaji bamugaye bigora cane kugira uruhara mu busuku? Nimba bamwebamwe badashobora kuva i muhira, birumvikana yuko batazoronka uturyo twinshi two gushinga intahe. Mugabo bakoresheje neza ubwo bushobozi bukeyi bafise kugira ngo umuco wabo uboneshe, boshobora gutuma ababona ibikorwa vyiza bakora bashimishwa koko n’ukuri. (Mat. 5:16) Abacungezi b’inyigisho z’igitabu bakwiye kuraba neza yuko abantu nk’abo bazi ko bashobora gutanga raporo y’umurimo wo mu ndimiro y’umwanya w’iminuta 15 canke igenda yiyongerako iminuta cumicumi n’itanu. Abo bamamaji b’abizerwa bashoboye gutanga raporo y’umwanya bamaze bashinga intahe, birabaremesha kandi bigatuma bumva bashize akanyota bimwe biranga umunezero. Birafasha kandi kumenya yuko raporo yo kw’isi yose y’ibikorwa abasavyi b’Imana barangura ari iy’ukuri.
14 Abakiri bato bafise ibikorwa vyiza vyinshi bakora! Ese ukuntu vyeza umutima kubona abakiri bato b’Abakirisu bakoresha inkomezi zabo n’inguvu zabo mu gusukurira Yehova! (Imig. 20:29) Nimba ukiri muto, ushobora kwerekana gute ishaka ufitiye Yehova muri aya mezi adasanzwe y’ibikorwa?
15 Niba mw’ishengero urimwo utaraba umwamamaji atarabatizwa, woba ushobora gushikira ako gateka? Niwibaze ibibazo bikurikira: ‘Noba mfise ubumenyi bw’ishimikiro bwerekeye ukuri kwa Bibiliya? Noba nshaka kugira uruhara mu murimo w’Ubwami? Noba ndi intangakarorero mu buryo nigenza? Noba nshoboye guserura ukwizera kwanje mu kubwira abandi ivyerekeye inkuru nziza? Umutima wanje woba unsunikira kubigira?’ Nimba ushobora kwishura egome kuri ivyo bibazo, nuce ubwira abavyeyi bawe icipfuzo ufise co gucika umwamamaji. Abavyeyi bawe barashobora kubivugana n’umwe mu bakurambere bagize komite y’umurimo.
16 Nimba umaze kuba umwamamaji w’inkuru nziza, woba ushobora kwungukira ku buruhuko kugira ngo wongereze uruhara ugira mu busuku? Hari abakiri bato benshi babatijwe bagize urutonde rwiza bongera barasahirizwa n’abavyeyi babo be n’abandi, bituma bashobora gukora ubutsimvyi bwo gufasha. Nimba ivyo bidashoboka, niwiyemeze kwongereza uruhara ugira mu busuku bwo mu ndimiro. Niwishingire umugambi. Uretse umugambi ujanye n’amasaha womara mu busuku, niwishingire umugambi ujanye n’ukuryohora ubusuku bwawe. Kumbure ushobora kwihatira gusoma icanditswe ku rugo rwose ugendeye, kuryohora uburyo ugira amasubirayo, gutanguza inyigisho ya Bibiliya canke kwagura ubusuku bwawe kugira ngo bujemwo n’iyindi mice y’umurimo. Ubona gute wishingiye umugambi w’uko umubanyi, uwo mwigana canke incuti aguherekeza ku Cibutso uyu mwaka? Kugira uruhara bimwe bishitse mu mirimo ya gitewokarasi bizovamwo ivyiza kandi ntibizobura kuremesha abandi mw’ishengero.—1 Tes. 5:11.
17 Fasha abashasha batere imbere: Mu mwaka w’umurimo uheze, inyigisho za Bibiliya zo ku muhana zirenga 60.000 zararongowe uko ukwezi gutashe muri Afirika yo mu Buseruko. Haciye igihe, benshi muri abo batohoji bazotera imbere gushika biyegure maze babatizwe. Ariko rero, imbere y’uko bashika kuri iyo ntumbero, turakeneye kubafasha kugira ngo bakwize ibisabwa babe abamamaji b’inkuru nziza. Iyo ni intambwe ihambaye mu vyo kwigisha abashasha kugira ngo babe abayoboke ba Yezu Kirisitu. (Mat. 9:9; Luka 6:40) Woba ufise uwo mwigana Bibiliya yiteguriye gutera iyo ntambwe?
18 Niba utazi neza aho iterambere ry’uwo mwigana Bibiliya rigeze, nurondere gusahirizwa n’umucungezi w’inyigisho y’igitabu urimwo canke umucungezi w’umurimo. Kumbure urashobora kumutumira kugira ngo mube muri kumwe mu gihe umurongorera inyigisho. Abo bavukanyi barafise ubuhanga ngirakimazi umuntu ashobora kwigirako kugira amenye aho iterambere ryo mu vy’impwemu ry’uwo bigana Bibiliya rigeze. Barashobora kuba bafise inama bogira uwo mutohoji zizomufasha kubandanya atera imbere mu vy’impwemu.
19 Igihe uwo mwigana Bibiliya aseruye icipfuzo co gucika umwamamaji atarabatizwa kandi ukaba ubona ko akwije ibisabwa, nubiganire n’umucungezi muhagarikizi. Azoringaniza ivy’uko abakurambere babiri babonana na wewe be n’uwo mutohoji kugira barabe niba akwije ibisabwa, bakoresheje ibiri mu gitabu Ubusuku Bwacu, urupapuro rwa 99-101. [Raba Umunara w’Inderetsi (mu Gifaransa) wo ku wa 15 Munyonyo 1988, urupapuro rwa 17.] Niba uwo mutohoji yemerewe kuba umwamamaji, ukwiye guca utangura kumumenyereza. Amaze gutanga raporo y’umurimo wo mu ndimiro, ishengero rizomenyeshwa yuko uwo mutohoji ari umwamamaji atarabatizwa. Ico twipfuza ni uko abamamaji bashasha ibihumbi n’ibihumbi, abato be n’abakuze bashobora gushika kuri iyo ntambwe ihambaye muri ayo mezi adasanzwe y’ibikorwa.
20 Gutegekanya ibintu birafasha kurangura ibirushirije kuba vyiza: Gutegekanya ibintu imbere y’igihe bizotuma imirimo yacu ya gitewokarasi yo muri iki kiringo c’Icibutso igenda neza. (Imig. 21:5) Hari ibintu vyinshi abakurambere bakeneye kwitwararika.
21 Kugira abakurambere bafashe ishengero kurangura ibirushirije kuba vyiza mu murimo wo mu ndimiro, bakwiye kugira indinganizo ngirakimazi z’uko haba amakoraniro y’umurimo wo mu ndimiro mu misi yo hagati mu ndwi no mu mpera y’umushamvu. Umucungezi w’umurimo akwiye kuba imboneza mu gushiraho izo ndinganizo. Hoba hari ayandi makoraniro ashobora kuringanizwa hakiri kare mu gitondo, ku muhingamo canke ku mugoroba? Ishengero rikwiye kumenyeshwa ivyerekeye izo ndinganizo. Vyofasha mu gihe urutonde rwomanikwa ku kibaho c’amatangazo.
22 Abakurambere bakwiye kuraba neza yuko indinganizo zerekeye Icibutso ziba zashizweho hakiri kare imbere y’uko igenekerezo rya 16 Ndamukiza rishika. Aho harimwo kurabira hamwe n’ayandi mashengero yoshobora kuhikoraniriza ingene Ingoro y’Ubwami yokoreshwa, kuyisukura, gucagura abakira abantu n’abatembereza ibimenyetso no kwironsa ibimenyetso. Ishengero rikwiye kumenyeshwa igihe Icibutso kizoberako n’aho kizobera be n’amahinduka ayo ari yo yose yogirwa mu bijanye n’urutonde rw’amakoraniro yo muri iyo ndwi. Kwitwararikana ubwira ivyo bintu, bizotuma iryo himbazwa ‘ritungana neza kandi rirorana.’—1 Kor. 14:40.
23 Ba serugo boshima gufata umwanya mutoyi mu gihe c’inyigisho y’umuryango kugira ngo baganire ukuntu umuryango woshobora kugira uruhara mu gikorwa ciyongereye kirangurwa mu kiringo c’Icibutso. Umuryango wawe wose woba ushobora gukora ubutsimvyi bwo gufasha? Canke woba ushobora gushigikira umwe mu bawugize kibure abarenga kugira ngo bakore ubutsimvyi bwo gufasha? Nimba ivyo bidashoboka, uko mugize umuryango, nimwishingire imigambi kanaka yo kurushiriza kumara umwanya munini mu busuku. Hoba hari umwana mu muryango, aramutse aremeshejwe kandi agasahirizwa gatoyi, yoshobora gukwiza ibisabwa akaba umwamamaji atarabatizwa? Umuryango wawe ushobora gutumira abantu bangahe ku Cibutso muri uyu mwaka? Gutegekanya neza ibintu kuzoronsa umuryango wawe imihezagiro myinshi be n’umunezero mwinshi.
24 Nukoreshe bimwe bishitse umwanya usigaye: Igihe intumwa Petero yandikira Abakirisu bo mu kinjana ca mbere, yarabibukije ivy’uko ibihe vyari vyihuta kubera yuko iherezo ry’urunkwekwe rw’ibintu rw’Abayuda ryari hafi. (1 Pet. 4:7) Muri iki gihe, ibimenyamenya vyose vyerekana yuko iherezo ry’uru runkwekwe rwose rw’ibintu riri hafi. Ku musi ku musi, uburyo tubayeho bukwiye kwerekana yuko twajijutse ko ari ukwo biri. Bwa basavyi ba Yehova b’abanyamwete, dukwiye kwitwararika igikorwa cihutirwa co kwamamaza inkuru nziza.—Tito 2:13, 14.
25 Iki ni igihe co kugira umwete no gukora cane! Nuzirikane ku bintu Yehova yakugiriye, yagiriye umuryango wawe be n’ishengero. Naho tudashobora kwigera turonka ivyo tworiha Yehova ku vyiza yatugiriye mu buryo bwinshi, turashobora kumusenga n’ubugingo bwacu bwose. (Zab. 116:12-14) Utwigoro tugirana ubwira ntizobura guhundwa imihezagiro iva mw’ijuru. (Imig. 10:22) Ese twese twoba ‘abanyamwete mu gukora ivyiza’ muri iki gihe kidasanzwe c’ibikorwa vyiyongereye, “kugira ngw Imana iterwe icubahiro muri vyose, kubga Yesu Kristo.”—1 Pet. 3:13; 4:11.
[Box on page 3]
Abitavye Icibutso kw’isi yose
1999 14.088.751
2000 14.872.086
2001 15.374.986
2002 15.597.746
[Box on page 4]
Ni bande uzotumira ku Cibutso?
□ Abo mu muryango wa hafi be n’incuti zishika
□ Ababanyi n’abo muzinanyi
□ Abo mukorana n’abo mwigana kw’ishure
□ Abo wasubiye kugendera n’abo mwigana Bibiliya
[Box on page 5]
Nusahirize abitavye Icibutso
□ Nubakirane igishika
□ Nubagendere
□ Nubasabe kubarongorera inyigisho ya Bibiliya
□ Nubatumire ku nsiguro idasanzwe
[Box on page 5]
Ufise imigambi iyihe mu kiringo c’Icibutso?
□ Kubona uwo watumiye yitavye Icibutso
□ Gukwiza ibisabwa kugira ngo ube umwamamaji w’inkuru nziza
□ Kumara igitigiri kinaka c’amasaha mu busuku
□ Kuryohora umuce kanaka w’ubusuku
□ Gukora uri umutsimvyi afasha