Tubandanye kuvuga ibikorwa bitangaje vya Yehova
1. Ni ibikorwa bimwebimwe bitangaje vya Yehova ibihe ushima canecane?
1 Nta n’umwe ashobora kugereranywa n’Imana yacu ihambaye Yehova! Dawidi yanditse ati: “Uhoraho, Mana yanje, ibikorwa bitangaje wakoze ni vyinshi, bo n’ivyo wiyumvira kutugirira; nta wogereranywa nawe” (Zab. 40:5). Ibikorwa bitangaje vya Yehova birimwo iremwa ry’isi n’ijuru, Ubwami burongowe na Mesiya, ibikorwa biranga ubuntu-mvarukundo yagiriye abasavyi biwe be n’isekeza ryo kwamamaza rikwiye kw’isi yose (Zab. 17:7, 8; 139:14; Dan. 2:44; Mat. 24:14). Urukundo dukunda Yehova be n’ugukenguruka ibintu vyose yadukoreye, biratuvyurira umutima wo kubwira abandi ibimwerekeye (Zab. 145:5-7). Mu mezi ya Ntwarante, Ndamukiza na Rusama tuzoronka akaryo ko kubigira bimwe bishitse.
2. Ubwacu twungukira gute ku gukora ubutsimvyi bwo gufasha?
2 Mu gukora ubutsimvyi bwo gufasha: Woba ushobora gutunganya urutonde rwawe ku buryo umara amasaha 50 mu busuku mu kwezi kumwe canke menshi muri ayo mezi y’ibikorwa bidasanzwe? Nta gukeka ko kugira ico uhinduye mu rutonde rwawe rw’ibikorwa bitazoba impfagusa (Ef. 5:16). Benshi basanze gukora ubutsimvyi bwo gufasha bibafasha kuryohora ubusuku bwabo. Bararushiriza kutagira ubwoba igihe bashitse ku muhana kandi bakarushiriza gukoresha Bibiliya. Kwongereza umwanya bamara mu busuku biratuma biborohera gukurikirana umuntu wese yashimishijwe, kandi bamwebamwe batari bwigere barongora inyigisho ya Bibiliya, baratanguje inyigisho igihe bakora ubutsimvyi bwo gufasha. Kubera yuko gukora ubutsimvyi bwo gufasha bisaba kwitangira abandi, usanga ari igikorwa giteye umunezero.—Ivyak. 20:35.
3. Bamwebamwe bashoboye gute gukora ubutsimvyi bwo gufasha naho nyene ivyabo bitari vyoroshe?
3 Ntushoke wiyumvira yuko uko ivyawe vyifashe gutuma udashobora gukora ubutsimvyi bwo gufasha. Umukurambere umwe yakoze ubutsimvyi bwo gufasha mu mwaka uheze yari afise abana babiri n’akazi k’igihe cose. Uyo muvukanyi afise vyinshi akora yabishoboye gute? Kubera ko yakora hagati mu ndwi, yategekanije kumara amasaha menshi mu murimo ku misi irangiza umushamvu, agatangurira ku gushinga intahe mw’ibarabara isaha imwe yo mu gitondo ku misi ya gatandatu. Abandi benshi bo mw’ishengero ivyabo vyari vyifashe nk’ukwo, na bo nyene barakoze ubutsimvyi, gutyo barashigikirana kandi bararemeshanya. Mu rindi shengero, umuvukanyikazi w’imyaka 99 yafashe ingingo yo gukora ubutsimvyi muri Rusama, inyuma y’aho umukobwa wiwe amusabiye ngo bifatanye. Abandi bo mw’ishengero barasahirije uwo muvukanyikazi ageze mu zabukuru gukora inzu ku nzu no kurongora inyigisho za Bibiliya, mu kumusunika ku gakinga kiwe k’ibimuga. Yarashinze kandi intahe akoresheje telefone, mu mabarabara no mu kwandika amakete. Aremera icese ko ivyo ata bishobojwe n’inkomezi ziwe bwite, ariko ko abikesha imfashanyo ya Yehova.—Yes. 40:29-31.
4. Ni ibiki tworimbura igihe tugira urutonde rwo gukora ubutsimvyi bwo gufasha?
4 Gerageza kugira urutonde rurushirije kuba uruhuje n’uko ivyawe vyifashe. Intonde zo kurabirako ziri muri iyi nomero zoshobora gufasha. Woba ukora akazi k’igihe cose canke uri umunyeshure? Urutonde rurimwo ahanini imisi iheza umushamvu, wosanga kuri wewe ari rwo rubereye kuruta. Asangwa ufise ingorane z’amagara kandi ukaba ufise utuguvu duke ku buryo ku musi udashobora kumara umwanya munini mu busuku, wosanga urutonde rusaba ko ku musi ku musi uza uramara umwanya muto ari rwo rubereye kuruta. Nuganire n’abandi icipfuzo ufise co gukora ubutsimvyi bwo gufasha. Kumbure na bo bokwishingira umugambi wo kubukora.
5. Ni imigambi iyihe urwaruka rushobora kwishingira muri Ntwarante, Ndamukiza na Rusama?
5 Ingene urwaruka rwogira uruhara: Yehova arahimbarwa igihe urwaruka ruvuga ibikorwa vyiwe bitangaje (Zab. 71:17; Mat. 21:16). Niba ukiri muto kandi ukaba warabatijwe, kumbure urashobora gukora ubutsimvyi bwo gufasha mu mezi arimwo ibihe vy’uburuhuko. Mu gihe woba udashobora gukora ubutsimvyi bwo gufasha, woba ushobora kwishingira imigambi itomoye yo kurushiriza kugira uruhara mu busuku be no kurushiriza kuburyohora muri ayo mezi? Nimba umaze igihe ufadikanya n’abavyeyi mu busuku, mugabo ukaba utaraba umwamamaji atarabatizwa, ubu coshobora kuba ari co gihe ciza co kugerageza gukwiza ibisabwa. Ntiwiyumvire ko utegerezwa kuba umuhanga mu kwishura ibibazo vyerekeye Bibiliya canke ko utegerezwa kumenya ibingana n’ivyo abakuze babatijwe bazi. Woba utahura inyigisho z’ishimikiro za Bibiliya? Woba wisunga ingingo mfatirwako za Bibiliya z’ivy’ukwigenza runtu? Woba wipfuza kumenyekana ko uri Icabona ca Yehova? Nubiganire rero n’abavyeyi bawe. Barashobora gutunganya ko mushikira abakurambere kugira ngo barabe nimba ukwije ibisabwa.—Raba igitabu Ubusuku Bwacu, urupapuro rwa 100-101.
6. Dushobora gute gufasha abigishwa ba Bibiliya gucika abamamaji b’inkuru nziza?
6 Dufashe abandi bamamaze: Abigishwa ba Bibiliya batera imbere boshobora gukwiza ibisabwa kugira bifatanye natwe mu gucika abamamaji muri ayo mezi agiye kuza y’ubusuku budasanzwe. Nimba hari uwo mwigana Bibiliya atera imbere neza, niwiture umucungezi w’inyigisho y’igitabu ukukira canke umucungezi w’umurimo. Umwe muri bo arashobora kwifatanya namwe muri iyo nyigisho kugira ngo asuzume iterambere ry’uwo mwigishwa. Asangwa uyo mwigishwa akwije ibisabwa kandi akaba afise icipfuzo co kuba umwamamaji, umucungezi muhagarikizi arashobora gutunganya ivy’uko abakurambere babiri babonana n’uwo mwigishwa, na wewe uhari. (Raba Umunara w’Inderetsi [mu gifaransa] wo ku wa 15 Munyonyo 1988, urupapuro rwa 17.) Uyo mwigishwa amaze kwemererwa, nuce utangura kumumenyereza mu busuku.
7. Abamamaji bararanya be n’abahororokewe bosahirizwa gute?
7 Abacungezi b’inyigisho z’igitabu bakwiye kwitwararika bimwe bidasanzwe umuntu wese yahororokewe canke araranya ari mu migwi bakukira. Nubasabe ko mwokorana mu busuku. Mu gihe boba bamaze igihe kirekire barahororokewe, vyoba vyiza abakurambere babiri babanje kuganira na bo kugira ngo barabe nimba bakwije ibisabwa. (Raba Inyishu ku bibazo vyanyu mu Gikorwa dukorera Ubwami co muri Munyonyo 2000.) Umwete w’ishengero muri ayo mezi y’ibikorwa bidasanzwe wobavyurira umutima wo gusubira kubona ko ubusuku ari ikintu bakwiye gusubira kurangura ubudahorereza mu buzima bwabo.
8, 9. Abakurambere bokora iki kugira ngo bavyure igishika ku bw’igikorwa kidasanzwe?
8 Guhera ubu twitegurire igikorwa ciyongereye: Bakurambere, guhera ubu nimutangure gutsimbataza mw’ishengero umutima wo kugirira igishika igikorwa c’ubutsimvyi bwo gufasha. Murashobora gufasha cane biciye ku majambo aremesha muvuga be no ku karorero keza mutanga (1 Pet. 5:3). Igitigiri c’agaheta c’abatsimvyi bo gufasha ishengero riherutse gushikako ni ikihe? Muri uyu mwaka mwoba mushobora kukirenza? Abacungezi b’inyigisho z’igitabu be n’abafasha babo bakwiye kurondera uburyo bwo kuremesha abagize umugwi bakukira bose kwongereza igikorwa barangura. Abacungezi b’umurimo barakwiye gutunganya amakoraniro y’umurimo wo mu ndimiro yiyongereye. Nimumenyeshe ishengero imbere y’igihe ibiriko biratunganywa. Nimurabe neza ko abamamaji babishoboye ari bo babishingwa be n’uko amakoraniro y’umurimo wo mu ndimiro atangura akongera akarangira ku gihe. (Raba Inyishu ku bibazo vyanyu mu Gikorwa dukorera Ubwami co muri Nyakanga 2001.) Umucungezi w’umurimo akwiye kandi gutunganya ivy’uko haboneka ivyibare bihagije, ibinyamakuru be n’ibitabu bihagije.
9 Mu mwaka uheze, abakurambere b’ishengero rimwe bahereye kare cane kuriremesha n’igishika cinshi gukora ubutsimvyi bwo gufasha, mbere benshi muri bo baranasaba kugikora. Baratunganije amakoraniro y’umurimo wo mu ndimiro yiyongereye, rimwe rikaba isaha 11:30 zo mu gaturuturu ku bw’ugushinga intahe mw’ibarabara, irindi rikaba isaha 9 zo ku muhingamo ku bw’abavuye kw’ishure, irya gatatu na ryo rikaba isaha 12 zo ku kagoroba ku bw’abavuye ku kazi. Vyongeye, amakoraniro atatu y’umurimo wo mu ndimiro yaratunganijwe ku misi ya gatandatu. Abagize ishengero bavyitabiriye mu kwiyandikisha ari 66 kugira ngo bakore ubutsimvyi bwo gufasha muri Ndamukiza!
10. Imiryango ishobora gute kwitegurira kwongereza igikorwa yahora irangura?
10 Mu nyigisho y’umuryango wanyu izokurikira, ubona mwofata akanya mukishingira imigambi ishoboka mworangura mu mezi aza? Musenyeye ku mugozi umwe kandi mugategekanya ibintu neza, bamwebamwe bo mu muryango canke bose wosanga bashoboye gukora ubutsimvyi bwo gufasha. Nimba ivyo bidashoboka, nimwishingire imigambi yo kwongereza igikorwa murangura mu kumara umwanya uruta uwo mwahora mumara mu murimo canke mu kuza murasohoka no mu bindi bihe. Ivyo umuryango wanyu urabishira mw’isengesho. Murashobora kwizigira yuko Yehova azohezagira utwigoro mugira.—1 Yoh. 3:22.
11. (a) Ni ibintu vy’akaroruhore ibihe Inkuka y’incungu ya Kirisitu yaranguye? (b) Aha iwacu icibutso kizobera hehe, kandi ryari?
11 Igikorwa c’Imana gitangaje kuruta ibindi: Uburyo buhambaye kuruta Yehova yaseruyemwo urukundo, ni ingabirano yatanze mu kuduha umwana wiwe akatubera incungu (1 Yoh. 4:9, 10). Inkuka y’incungu iratanga ishimikiro ryemewe ryo gucungura abantu bakava mu caha n’urupfu (Rom. 3:23, 24). Amaraso ya Yezu yasheshwe yaremeje isezerano rishasha, atuma abantu b’abanyagasembwa bashobora kwemererwa kuba abana b’Imana bafise icizigiro co kuzoganza mu Bwami bw’ijuru (Yer. 31:31-34; Mrk. 14:24). Igihambaye kuruta, ingendo y’ubuzima Yezu yagize irangwa ukugamburuka kutagira agahaze, yaraninahaje izina rya Yehova (Gus. 32:4; Imig. 27:11). Ku w’iyinga igenekerezo rya 4 Ndamukiza izuba rirenze, Icibutso c’urupfu rwa Kirisitu kizohimbazwa kw’isi yose.
12. Kwitaba ihimbazwa ry’Imfungurwa z’Umukama zo ku Mugoroba bishobora gute kwungura abashimishijwe?
12 Ihimbazwa ry’Imfungurwa z’Umukama zo ku Mugoroba rirahayagiza ibikorwa bitangaje vya Yehova. Insiguro ishikirizwa irakomeza ugukenguruka ivyo Yehova yakoze mu gutanga incungu. Abashasha bazoba bahari bazoshobora kubona ibindi bikorwa bitangaje vy’Imana. Bazoshobora kwibonera ubumwe n’urukundo rurangwa igishika Yehova yigishije abasavyi biwe kugaragaza (Ef. 4:16, 22-24; Yak. 3:17, 18). Kwitaba urwo rubanza ruhambaye birashobora kugira ico bikoze kiboneka ku vyiyumviro vy’umuntu, ari na co gituma dushaka ko abantu benshi bashoboka baba bahari.—2 Kor. 5:14, 15.
13, 14. Ni bande dukwiye gutumira ku Cibutso, kandi twobigenza gute?
13 Dutumire abandi bacitabe: Nutangure kwitegura ubu nyene mu kugira urutonde rw’abo ukwiye gutumira. Urutonde rwawe rukwiye kuba rurimwo abo mu muryango batizera, ababanyi, abo muzinanye bo ku kazi canke kw’ishure, abahoze biga Bibiliya be n’abariko barayiga, hamwe rero n’abo wama ugendera bose. Mu bo abacungezi b’inyigisho z’igitabu bakwiye gushira ku rutonde rwabo, hakwiye kuba harimwo umwamamaji uwo ari we wese yahororokewe.
14 Nukoreshe udupapuro tw’ubutumire bw’Icibutso, kandi utwandikeko n’imashini cabure n’iminwe mu ndome zisomeka neza isaha Icibutso kizoberako be n’aho kizobera. Canke wohitamwo gukoresha ubutumire buri ku rupapuro rwa nyuma rw’Umunara w’Inderetsi wo ku wa 15 Ntwarante 2004 canke Réveillez-vous! yo ku wa 22 Ntwarante 2004. Uko igenekerezo rya 4 Ndamukiza ryegereza, niwibutse abari ku rutonde rwawe, haba mu kubishikirira canke ukoresheje telefone.
15. Dushobora gute kugaragaza agatima k’ubwakiranyi ku mugoroba w’Icibutso?
15 Ku Cibutso: Ku mugoroba Icibutso kiberako, uragerageza gushika kare. Nugaragaze agatima k’ubwakiranyi mu kuramutsa abashasha ubigiranye igishika (Rom. 12:13). Urafise ibanga ridasanzwe ku vyerekeye abo watumiye. Nutume bumva bisanze kandi ubamenyekanishe ku bandi bo mw’ishengero. Kumbure urashobora kubafasha kuronka icicaro iruhande yawe. Vyongeye, nimba hari abadafise Bibiliya canke igitabu c’indirimbo, nutunganye ingene wewe canke uwundi muntu mwobafasha bagakurikira muri Bibiliya zanyu canke mu bitabu vyanyu. Icibutso kirangiye, nube hafi kugira wishure ikibazo ico ari co cose bashobora kuba bafise. Nimba hari abaje ari bwo bwa mbere, nubabaze nimba boshima kwiga vyinshi ku vyerekeye Ijambo ry’Imana be n’umugambi wayo. Nubasabe kubagirira inyigisho ya Bibiliya yo ku muhana.
16. Hokorwa iki kugira ngo abitavye Icibutso bafashwe gutera imbere mu vy’impwemu?
16 Tubandanye gusahiriza abacitavye: Mu mayinga akurikira Icibutso, abacitavye bokenera iyindi mfashanyo. Aho harimwo n’abigeze kuba bitaba amakoraniro badahorereza ariko ubu bakaba batifatanya cane n’ishengero. Abakurambere bazoba maso kugira ngo abantu nk’abo ntibirengagizwe, barondere kumenya icatumye bahagarika gutera imbere mu vy’impwemu. Nimubafashe kubona ko ibintu vyihutirwa (1 Pet. 4:7). Nimufashe bose kubona akamaro ko kugamburuka inkeburo yo mu Vyanditswe yo gukoranira hamwe n’abasavyi b’Imana ubudahorereza.—Heb. 10:24, 25.
17. Ni kubera iki dukwiye kubandanya kuvuga ibikorwa bitangaje vya Yehova?
17 Ibikorwa vya Yehova biratangaje cane ku buryo tudashobora kubitahura mu buryo bushitse, naho twobaho ibihe bidahera (Yobu 42:2, 3; Umus. 3:11). Ni co gituma tutazokwigera tubura ibintu bituma tumushemeza. Muri iki kiringo c’Icibutso turashobora kugaragaza ko dukura ubwatsi ku bw’ibikorwa bitangaje vya Yehova mu kugira akigoro kadasanzwe ko kwagura ubusuku bwacu.
[Box on page 4]
Woba ushobora gukora ubutsimvyi bwo gufasha ukoresheje urutonde rumwe muri izi?
Ntwarante K7 K1* K2* K3* K4 K5 K6 yose mu kwezi
Imisi yose 2 1 1 1 1 1 5 51
Imisi ibiri 0 5 0 5 0 0 0 50
Amawikendi gusa 5 0 0 0 0 0 8 52
Amawikendi n’imisi ibiribiri
hagati mu ndwi 2 0 0 2 0 2 6 50
Ndamukiza K7 K1 K2 K3 K4* K5* K6 yose mu kwezi
Imisi yose 2 1 1 1 1 1 5 50
Imisi ibiri 0 0 0 0 5 5 0 50
Amawikendi gusa 5 0 0 0 0 0 8 52
Amawikendi n’imisi ibiribiri
hagati mu ndwi 2 0 0 2 0 2 6 50
Rusama K7* K1* K2 K3 K4 K5 K6* yose mu kwezi
Imisi yose 2 1 1 1 1 1 4 51
Imisi ibiri 0 5 0 0 0 0 5 50
Amawikendi gusa 3 0 0 0 0 0 7 50
Amawikendi n’imisi ibiribiri
hagati mu ndwi 2 0 0 2 0 2 5 51
* Itanu mu kwezi