ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Zaburi 17
  • Bibiliya y’isi nshasha (nwt)

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

Zaburi: ibirimwo

      • Isengesho ryo gusaba gukingirwa

        • «Warasuzumye umutima wanje» (3)

        • «Numpishe mu gitutu c’amababa yawe» (8)

Zaburi 17:1

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Zb 145:18

Zaburi 17:2

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Zb 37:5, 6

Zaburi 17:3

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Zb 11:5; 16:7; 1Kr 4:4
  • +Zb 26:2; Mal 3:3; 1Pt 1:6, 7

Zaburi 17:4

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Zb 119:9

Zaburi 17:5

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Zb 18:36; 94:18; 119:133; 121:3

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi,

    1/6/1999, rup. 23

Zaburi 17:6

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «niwuname unyumvirize.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Zb 55:16
  • +Yes 37:17

Zaburi 17:7

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «urukundo rudahemuka (rudahera).»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Zb 31:21; Int 3:22

Zaburi 17:8

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Gus 32:9, 10; Zk 2:8
  • +Rs 2:12; Zb 36:7; 57:1

Zaburi 17:9

Amarabiro yo mu nkingi

  • +1Sm 24:11; Zb 35:4

Zaburi 17:11

Amarabiro yo mu nkingi

  • +1Sm 23:26

Zaburi 17:13

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Zb 7:6

Zaburi 17:14

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Zb 73:12
  • +Mt 5:45

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi,

    15/9/2011, rup. 12

    15/5/2006, rup. 19

Zaburi 17:15

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «iyo mvyukiye imbere yawe.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Zb 65:4

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi,

    15/5/2006, rup. 19

Izindi Bibiliya

Fyonda ku murongo kanaka kugira ubone uko uvuga mu zindi Bibiliya.

Muri rusangi

Zab. 17:1Zb 145:18
Zab. 17:2Zb 37:5, 6
Zab. 17:3Zb 11:5; 16:7; 1Kr 4:4
Zab. 17:3Zb 26:2; Mal 3:3; 1Pt 1:6, 7
Zab. 17:4Zb 119:9
Zab. 17:5Zb 18:36; 94:18; 119:133; 121:3
Zab. 17:6Zb 55:16
Zab. 17:6Yes 37:17
Zab. 17:7Zb 31:21; Int 3:22
Zab. 17:8Gus 32:9, 10; Zk 2:8
Zab. 17:8Rs 2:12; Zb 36:7; 57:1
Zab. 17:91Sm 24:11; Zb 35:4
Zab. 17:111Sm 23:26
Zab. 17:13Zb 7:6
Zab. 17:14Zb 73:12
Zab. 17:14Mt 5:45
Zab. 17:15Zb 65:4
  • Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
  • Soma muri Bibiliya y’isi nshasha (bi12)
  • 1
  • 2
  • 3
  • 4
  • 5
  • 6
  • 7
  • 8
  • 9
  • 10
  • 11
  • 12
  • 13
  • 14
  • 15
Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
Zaburi 17:1-15

Zaburi

Ni isengesho rya Dawidi.

17 Ewe Yehova, niwumve ukuntu ntakamba nsaba ubutungane,

utege ugutwi ugutabaza kwanje.

Niwumvirize isengesho ndagutuye ata buryarya+.

 2 Ese woncira urubanza rugororotse,

amaso yawe akabona aho ukuri kuri+.

 3 Warasuzumye umutima wanje, uranyihweza mw’ijoro+,

urantyorora+.

Uzobona ko ata mugambi mubi nigeze ngira,

kandi sinzokwigera ncumura n’akanwa kanje.

 4 Ku bijanye n’ibikorwa vy’abantu,

naririnze inzira z’abambuzi nk’uko wabivuze+.

 5 Ese noguma ngendera mu nzira zawe

kugira ngo ibirenge vyanje ntibitsitare+.

 6 Ewe Mana, ndagutabaza kuko nzi ko uzonyishura+.

Nuntege ugutwi*, wumve amajambo yanje+.

 7 Niwerekane urukundo* rwawe mu buryo butangaje+,

ewe Mukiza w’abarondera guhungira iburyo bwawe,

bahunga abakugarariza.

 8 Nunkingire nk’imbone y’ijisho ryawe+,

umpishe mu gitutu c’amababa yawe+.

 9 Nunkingire ababisha bariko barantera,

abansi bankikuje bashaka kunyica+.

10 Barabaye ibitimbe,

kandi bavugana ubwishime.

11 Ubu rero badukikuje+,

baguma barondera akaryo ko kudukubita hasi.

12 Umubisha ameze nk’intambwe igira itabagure ico yafashe,

intambwe y’umukangara yabunze kugira icakire ikintu.

13 Haguruka Yehova, uhangane na we+, umutsinde hasi.

Nunkize umubisha ukoresheje inkota yawe.

14 Ewe Yehova, nunkize n’ukuboko kwawe,

unkize abantu bo muri iyi si ata kindi biteze atari ubu buzima+,

barya uronsa ibintu vyizavyiza ku bwinshi+,

bagasigira intoranwa abana babo benshi.

15 Ariko jewe nzobona mu maso hawe, kuko ndi umugororotsi.

Ndahimbarwa iyo mvyutse nkitegereza ubwiza bwawe*+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika