Ni isengesho rya Dawidi.
17 Ewe Yehova, niwumve ukuntu ntakamba nsaba ubutungane,
utege ugutwi ugutabaza kwanje.
Niwumvirize isengesho ndagutuye ata buryarya+.
2 Ese woncira urubanza rugororotse,
amaso yawe akabona aho ukuri kuri+.
3 Warasuzumye umutima wanje, uranyihweza mw’ijoro+,
urantyorora+.
Uzobona ko ata mugambi mubi nigeze ngira,
kandi sinzokwigera ncumura n’akanwa kanje.
4 Ku bijanye n’ibikorwa vy’abantu,
naririnze inzira z’abambuzi nk’uko wabivuze+.
5 Ese noguma ngendera mu nzira zawe
kugira ngo ibirenge vyanje ntibitsitare+.
6 Ewe Mana, ndagutabaza kuko nzi ko uzonyishura+.
Nuntege ugutwi, wumve amajambo yanje+.
7 Niwerekane urukundo rwawe mu buryo butangaje+,
ewe Mukiza w’abarondera guhungira iburyo bwawe,
bahunga abakugarariza.
8 Nunkingire nk’imbone y’ijisho ryawe+,
umpishe mu gitutu c’amababa yawe+.
9 Nunkingire ababisha bariko barantera,
abansi bankikuje bashaka kunyica+.
10 Barabaye ibitimbe,
kandi bavugana ubwishime.
11 Ubu rero badukikuje+,
baguma barondera akaryo ko kudukubita hasi.
12 Umubisha ameze nk’intambwe igira itabagure ico yafashe,
intambwe y’umukangara yabunze kugira icakire ikintu.
13 Haguruka Yehova, uhangane na we+, umutsinde hasi.
Nunkize umubisha ukoresheje inkota yawe.
14 Ewe Yehova, nunkize n’ukuboko kwawe,
unkize abantu bo muri iyi si ata kindi biteze atari ubu buzima+,
barya uronsa ibintu vyizavyiza ku bwinshi+,
bagasigira intoranwa abana babo benshi.
15 Ariko jewe nzobona mu maso hawe, kuko ndi umugororotsi.
Ndahimbarwa iyo mvyutse nkitegereza ubwiza bwawe+.