ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 2/02 rup. 3-6
  • ‘Niwamamaze Ijambo ry’lmana mu Buryo Bushitse’

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • ‘Niwamamaze Ijambo ry’lmana mu Buryo Bushitse’
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2002
  • Ivyo bijanye
  • ‘Nushingire intahe inogangije inkuru nziza’
    Igikorwa dukorera Ubwami—2008
  • Tubandanye kuvuga ibikorwa bitangaje vya Yehova
    Igikorwa dukorera Ubwami—2004
  • Niwamamaze wongere ushinge intahe inogangije
    Igikorwa dukorera Ubwami—2003
  • Woba uzokora ubutsimvyi bwo gufasha?
    Igikorwa dukorera Ubwami—2013
Ibindi
Igikorwa dukorera Ubwami—2002
km 2/02 rup. 3-6

‘Niwamamaze Ijambo ry’lmana mu Buryo Bushitse’

1 Igihe ukengurutse bivuye ku mutima ikintu ciza uronse, mbega ntuvyerekana mu nyifato yawe no mu bikorwa ukora? Nta nkeka uravyerekana! Ku bijanye n’ubugwaneza hamwe n’ubuntu-mvarukundo Yehova agaragariza abantu, turabona ingene intumwa Paulo yavyakiriye. Yatangaje ati: “Imana ishimirwe ingabire yayo nziza itovugwa”! Iyo “ngabire” irimwo ibiki? Irimwo “ubuntu bg’Imana” bwose yatweretse. Uburyo buhambaye kuruta yabigaragaje kwabaye ugutanga Umwana wayo bwite ngo abe incungu y’ibicumuro vyacu.—2 Kor. 9:14, 15; Yoh. 3:16.

2 Paulo yoba yariko araserura amajambo asanzwe gusa y’ugukenguruka? Haba n’intete! Yarerekanye ugukenguruka kugera kure mu buryo bwinshi. Yaritwararika cane ukumererwa neza mu vy’impwemu kw’Abakirisu bagenziwe kandi yashaka gukora uko ashoboye kwose kugira ngo abafashe kwungukira bimwe bishitse ku buntu-mvarukundo bw’Imana. Ku vyerekeye mwene abo bantu, Paulo yavuze ati: “Twabagirira igishika, ni co catumye duhimbarwa no kubaha, s’ubutumwa bgiza bg’Imana gusa, ariko n’ubgacu bugingo na bgo, kuko mwabaye abo dukunda rwose.” (1 Tes. 2:8) Uretse ugufasha abari bamaze kuba abagize ishengero kugira ngo bazigame agakiza kabo, Paulo yaramamaje ashirutse ubute inkuru nziza, agira ingendo z’ibirometero ibihumbi n’ibihumbi agenda n’amaguru aca no mu biyaga kugira ngo arondere ‘abantu bose bari mu mero nziza y’umutima ituma baronka ubuzima budahera.’ (Ivyak. 13:48, NW) Ugukenguruka kugera ibwina Paulo yagize ku vyo Yehova yari yaramukoreye vyose kwaramuvyuriye umutima wo ‘kwamamaza ijambo ry’Imana mu buryo bushitse.’—Kol. 1:25.

3 Mbega ugukenguruka ibintu vyose Yehova yatugiriye kwoba kutuvyurira umutima wo gusahiriza mu vy’impwemu abakeneye gufashwa mw’ishengero ryacu? (Gal. 6:10) Ntibituvyurira none umutima wo kugira uruhara bimwe bishitse uko bishoboka kwose mu gikorwa co kwamamaza inkuru nziza y’Ubwami mu cibare cacu cose?—Mat. 24:14.

4 Akaryo ko Kugaragaza Ugukenguruka: Uko umwaka utashe, Icibutso c’urupfu rwa Kirisitu kiraduha akaryo kadasanzwe ko kugaragaza ko dukenguruka ivyo Yehova na Yezu batugiriye. Iryo si irindi koraniro gusa canke ukwibuka gusa ivyabaye. Yezu yavuze ati: “[“Muragume mugira ivyo,” NW] kugira ngo kibe icibutso canje.” (Luka 22:19, ni twe tubihiritse.) Icibutso c’urupfu rwa Kirisitu ni akaryo ko kuzirikana ku kuntu Yezu yari ameze. Ni igihe co kwemera icese ko ariho kandi ko akora n’umwete muri iki gihe, afise ubuninahazwa n’ubwami yahawe kubera ingendo y’ubuzima yagize iranga ubwizerwe n’ukwitanga. Iryo himbaza kandi ni akaryo ko kwerekana ko tugamburuka ububemutwe bwa Kirisitu, ko ari we ayobora ibintu n’ibikorwa vy’ishengero rya gikirisu. (Kol. 1:17-20) Mu buryo buranga kwubaha, abasavyi b’Imana bose bakwiye kuba ari ho bari ku Cibutso c’urupfu rwa Kirisitu. Muri uyu mwaka, kizohimbazwa ku musi wa Kane igenekerezo rya 28 Ntwarante 2002, izuba rimaze kurenga.

5 Kubera akigoro twagize dushirutse umwete tugashira imbere ihimbazwa ry’lcibutso mu mwaka uheze, abacitavye mu bihugu bikukira ishami rya Kenya bashitse ku gitigiri c’agaheta gishika 75.597. Abazocitaba muri uyu mwaka hoho bazoba bangana gute? Ahanini bizova ku kuntu ‘tuzokora tugatama,’ mu gufasha abantu benshi bashoboka kugira ngo bazocitabe.—1 Tim. 4:10.

6 Turetse ukwitaba Imfungurwa z’Umukama zo ku Mugoroba, twoshobora kwongerereza igikorwa dukora mu murimo wo mu ndimiro. Nta nkeka abavukanyi n’abavukanyikazi ibihumbi n’ibihumbi bazokora ubutsimvyi bw’ugufasha ukwezi kumwe canke arenga. Uko umwaka utashe, turagira igitigiri c’agaheta c’abatsimvyi b’ugufasha mu kiringo c’Icibutso, muri Ntwarante gushika muri Rusama. Woba ushobora gutunganya ivyawe kugira ngo winovore ako gateka ko gukora ubutsimvyi bw’ugufasha muri uyu mwaka? Bwoba ari uburyo bwiza bwo kugaragaza ugukenguruka kuvuye ku mutima intunganyo iranga urukundo y’Imana y’inkuka ya Kirisitu. Urashobora kudakekeranya ko uzoronka umuhezagiro wa Yehova, nk’uko ivyabonywe bikurikira bivyerekana.

7 Umuvukanyikazi umwe yari afise akazi k’ivy’umubiri k’igihe cose yaranditse ivyo yabonye mu gihe c’ubutsimvyi bw’ugufasha mu kwezi kwa Ntwarante kw’umwaka uheze. Yavuze ati: “Igikorwa Dukorera Ubwami co muri Ruhuhuma 2001 cararemesheje umuntu wese ivyiwe bikundiye gukora ubutsimvyi bwo gufasha mu kiringo c’Icibutso. Kubera ko Ntwarante kwari gufise iya Gatandatu itanu, ivyo vyari bihuje neza n’urutonde rwanje. Ni co gituma naciye mfata ingingo yo gusaba ubutsimvyi.” Mu ntango z’uko kwezi, yaciye yishingira intumbero yo kugerageza gutanguza inyigisho ya Bibiliya yo ku muhana. Yoba yarerewe? Emwe neza cane, yamaze amasaha 52 ashinga intahe muri ukwo kwezi! Yaheraheje avuga ngw’iki? Yavuze ati: “Haraba imihezagiro ntangere iyo tugize akigoro karushirije.”

8 Ni ivyiza ibihe umuryango ukorera hamwe ubutsimvyi ugira? Hari umuryango ugizwe n’abantu bane wakoze ubutsimvyi mu kwezi kwa Ndamukiza kw’umwaka uheze wabonye yuko ari ukwezi uzokwama nantaryo wibuka. Inabibondo yavuze ati: “Ese ingene twabona ibintu neza ku musi ku musi, kubera twari twunze ubumwe mu busuku! Ukuganira ku bikorwa vya misi yose twakoze mu murimo vyatuma igihe c’ugufungura ku kagoroba kiba ikinezereye cane.” Umwana w’umuhungu yavuze ati: “Naranezerejwe no gukorana na Dawe mu murimo wo mu ndimiro mu mushamvu, kuko mu bisanzwe ahandi yaba ariko akora akazi k’ivy’umubiri.” Sebibondo na we yongeyeko ati: “Bwa serugo, narumvise ko nshize akanyota mu kumenya yuko twariko turakorana mu gikorwa gihambaye kuruta ibindi co muri iki gihe cacu.” Umuryango wawe woba ushobora gukorera hamwe ubutsimvyi? Ni kuki none mutobiyaga mu muryango maze murabe nimba bishoboka ko abagize umuryango wanyu bose bokora ubutsimvyi bw’ugufasha mu kiringo c’Icibutso?

9 Ntwarante Twoba Dushobora Kukugira Ukwezi Kwacu Ntangere? Mu ntango y’umwaka w’2000, Igikorwa Dukorera Ubwami cabajije ikibazo kivuga kiti: “Ndamukiza 2000 Twoshobora Kukugira Ukwezi Kwacu Ntangere?” Inyishu yabaye iyihe? Twarashikiriye ibitigiri vyinshi bishasha vy’abatsimvyi bafasha, ry’amasaha, vy’ibinyamakuru twashikirije, n’ivy’amasubirayo twagize. Woba wibuka igishika cari mw’ishengero iwanyu biturutse ku kuntu abantu basidukanye n’iyonka mu gikorwa c’ivy’impwemu muri ukwo kwezi kudasanzwe? Twoba twoshobora kugira nk’uko canke mbere tukarenza mu vyo tuzoshikako muri uyu mwaka? Twese tugize akigoro, Ntwarante 2002 kurashobora kutubera “Ukwezi Ntangere.” Kubera iki tuvuze ukwezi kwa Ntwarante?

10 Hari imvo zibiri zituma Ntwarante gukwiye kuba ukwezi kudasanzwe kw’igikorwa. Iya mbere, Icibutso kizogirwa ku mpera y’ukwezi kwa Ntwarante, bikazoduha akaryo kagutse ko gutangura hakiri kare muri ukwo kwezi gutumira abantu benshi bashoboka ngo bacitabe. Iya kabiri, muri uyu mwaka Ntwarante gufise amawikendi atanu yuzuye, bikazotuma abakozi canke abanyeshure boroherwa no gukora ubutsimvyi bw’ugufasha. Ni kuki none utofata umwanya wo kuzirikana ubu no gutegekanya urutonde wokurikiza, ukoresheje ikirangamisi catanzwe muri iyi nyongera? Ugukora ubutsimvyi bw’ugufasha birashobora kukworohera kurusha uko uvyiyumvira. Nk’akarorero, wishingiye gukora amasaha 8 mu mpera yose y’umushamvu muri iyo mishamvu itanu, wokenera kwongerako amasaha 10 mu yindi misi isigaye yo mu kwezi kugira ngo ukwize amasaha 50 asabwa.

11 Ni igiki abakurambere bashobora gukora kugira ngo bafashe abagize ishengero bose ‘kwamamaza ijambo ry’Imana mu buryo bushitse’? Gukomeza ubushwashwanutsi biciye ku bigabu vyo mu makoraniro atandukanye no mu biganiro bagirana n’umwumwe ukwiwe. Abahagarikiye Inyigisho y’Igitabu mw’ishengero n’abafasha babo barashobora kwibwiriza kuganira n’umwe wese wo mu mugwi wabo hanyuma bagasahiriza umwe wese ku giti ciwe. Amajambo makeyi y’indemesho canke inama ngirakimazi zimwezimwe bishobora kuba ari ivyo nyene bikenewe. (Imig. 25:11) Benshi bazobona yuko bagize utuntu dutoyi gusa bahindura, bashobora kunezererwa ako gateka ko gukora ari abatsimvyi bafasha. Mu mashengero atari make, benshi, naho atari bose mu bakurambere n’abakozi b’ishengero hamwe n’abakenyezi babo, barerekana akarorero keza mu gukorera hamwe ubutsimvyi bw’ugufasha mu kiringo c’Icibutso. Ivyo vyararemesheje abamamaji batari bake kwifatanya na bo. Bitumwe n’amagara make, canke ibindi bintu bitandukanye, abamamaji bamwebamwe bashobora kuba badashoboye gukora ubutsimvyi, mugabo barashobora kuremeshwa kugaragaza ugukenguruka bafise mu gukora uko bashoboye kwose mu busuku bifatanije n’abasigaye bo mw’ishengero.

12 Kwererwa biva ku kuntu abakurambere bategekanya ibintu bavyitondeye. Amakoraniro y’umurimo wo mu ndimiro akwiye kuringanizwa ku bihe bibereye mu ndwi. Nimba bishoboka, umucungezi w’umurimo azogena imbere y’igihe abavukanyi bakwije ibisabwa kugira ngo barongore amakoraniro yose y’umurimo. Birasaba ukwitegura neza kugira ngo ayo makoraniro ntarenze iminuta iri hagati ya 10 na 15, harimwo no gutunganya imigwi, gutanga icibare no gutura isengesho. (Raba Inyishu ku Bibazo Vyanyu mu Gikorwa Dukorera Ubwami co muri Nyakanga 2001.) Urutonde rw’igikorwa c’ukwo kwezi rukwiye gusigurirwa ishengero mu buryo butomoye kandi rukamanikwa ku kibaho c’amatangazo.

13 Hakwiye kuboneka icibare gikwiye. Umucungezi w’umurimo akwiye kubonana n’abavukanyi bajejwe ivyibare kugira ngo batunganye ivy’ugukorera mu vyibare bitahetuwe kenshi. Igikwiye gushimikirwako ni ugukora turondera abadakunda kuboneka i muhira, gushinga intahe ku mabarabara, gushinga intahe uva ku mangazini uja ku yindi no gushinga intahe ku mugoroba. Aho bibereye, abamamaji bamwebamwe boshobora gufashwa kugira ngo bashinge intahe bakoresheje telefone.

14 Bafashe Basubire Gukora: Mu cibare c’ishengero ukukira, hoba hari n’umwe amaze igihe kirekire atamamaza inkuru nziza? Mwene abo bantu baracari mu bagize ishengero kandi barakeneye gufashwa. (Zab. 119:176) Kubera ko iherezo ry’iyi si ishaje riri hafi kandi isi nshasha ikaba yegereje, turi n’imvo nziza yo kugira akigoro kose kugira ngo dusahirize abo bahororokewe. (Rom. 13:11, 12) Mu myaka itanu iheze, abantu barenga 1.700 ku mwaka ku mwaka baritabiriye akamo ko gufashwa maze barasubira kugira umwete wo gukora. Dushobora gukora iki kugira ngo dufashe benshi gusubira kugira rwa rukundo n’ubwizerwe bari bafise mu ntango?—Heb. 3:12-14.

15 Inama y’abakurambere izoshima kuganira ku kuntu bashobora gufasha abahororokewe mu myaka mikeyi iheze. (Mat. 18:12-14) Umunyamabanga akwiye gusuzuma Amafishi y’Abamamaji b’Ishengero no kwandika abo bose bahororokewe. Akigoro kadasanzwe gakwiye kugirwa biciye ku ntunganyo y’ukubagendera cungere kugira ngo babafashe. Umukurambere yoshobora gusaba umwamamaji kanaka kubera ko yahoze ari umugenzi kandi akaba yari afitaniye ubucuti n’uwo yahororokewe, canke agasaba abandi bamamaji kugira ngo bafashe. Abo bamamaji bashobora kuba bariganye n’umuntu ubu yahororokewe kandi bakaba bokwemera ako karyo ko gusahiriza bimwe bidasanzwe muri ico gihe bikenewe. Turizigiye yuko benshi mu bahororokewe bazovyurirwa umutima wo gusubira gutangura kwamamaza ijambo ry’Imana. Nimba babishoboye, nta kindi gihe ciza kuri bo kihari co gutangura atari mu kiringo c’lcibutso!—Raba Inyishu ku Bibazo Vyanyu mu Gikorwa Dukorera Ubwami co muri Munyonyo 2000 kugira ngo uronke ayandi makuru menshi.

16 Abandi Boba Bakwije Ibisabwa ngo Bamamaze? Yehova abandanya guhezagira abasavyi biwe mu gutuma bacika “ivy’igiciro vyo mu mahanga yose.” (Hag. 2:7) Uko umwaka utashe, abantu ibihumbi n’ibihumbi barakwiza ibisabwa vyo kuba abamamaji batarabatizwa. Abo bantu ni bande? Ni abana b’Ivyabona vya Yehova n’abigishwa ba Bibiliya bafise iterambere. Tumenya gute none ko bakwije ibisabwa vyo kuba abamamaji b’inkuru nziza?

17 Abana b’Ivyabona vya Yehova: Haraheze imyaka itari mike abana benshi baherekeza abavyeyi babo kwamamaza inzu ku nzu, naho baba batariko barakora bwa bamamaji batarabatizwa. Ntwarante gushobora kuba igihe ciza c’uko batangura. Womenya gute ko umwana wawe akwije ibisabwa? Ku rupapuro rw’101 mu gitabu Twagizwe Ishirahamwe ngo Dushitse Ubusuku Bwacu, havuga yuko ari “igihe umwana ari intangakarorero mu migenzo yiwe kandi akaba ashobora kwiserurira ukwizera kwiwe mu kubwira abandi ivy’inkuru nziza kandi akaba yumva abitumwe n’umutima wiwe.” Nimba wiyumvira yuko umwana wawe akwije ibisabwa, niwegere umwe mu bakurambere bo muri Komite y’Umurimo y’Ishengero muganire.

18 Abatohoji ba Bibiliya Bakwije Ibisabwa: Umutohoji wa Bibiliya amaze kuronka ubumenyi kandi akaba amaze kwitaba amakoraniro igihe gitoyi, arashobora kwipfuza kuba umwamamaji w’Ubwami. Nimba urongorera inyigisho umutohoji nk’uyo, rimbura ibi bibazo: Yoba atera imbere, uravye imyaka afise n’ivyo ashoboye? Yoba yaratanguye kubwira abandi ivyo yizera akaryo kizanye? Yoba ariko arambara “umuntu musha”? (Kol. 3:10) Yoba ashitsa ibisabwa ku bamamaji batarabatizwa, dusanga ku rupapuro rwa 99-101 mu gitabu Ubusuku Bwacu? Nimba abikwije, urakwiye kubonana na Komite y’Umurimo y’Ishengero kugira ngo hashobore gutunganywa ivy’uko wobonana n’abakurambere babiri muri kumwe n’uwo mutohoji. Nimba akwije ibisabwa, abo bakurambere babiri bazobimumenyesha kugira ngo ashobore gutangura kugira uruhara mu busuku turangura icese.

19 Tuvuge Iki Kuri Ndamukiza na Rusama Hoho? Ayo mezi nayo nyene azoba ayadasanzwe mu kwongereza igikorwa co mu busuku bwo mu ndimiro. Benshi mu bazoba bakoze ubutsimvyi bw’ugufasha mu kwezi kwa Ntwarante vyoshoboka ko basubira gukora nk’uko nyene muri Ndamukiza no muri Rusama canke kumwe muri ayo. Muri Ndamukiza na Rusama tuzoshira imbere umuce w’ugushikiriza ibinyamakuru Umunara w’Inderetsi na Réveillez-vous! mu busuku. Ese ukuntu vyagize ingaruka nziza ku buzima bw’ababisomye! Ivyo binyamakuru vyaragize uruhara runini mu gushikira iyongerekana ry’igitangaza ryabaye kw’isi yose. Hazogirwa akigoro kadasanzwe mu gushikiriza ibinyamakuru abantu benshi bashoboka muri Ndamukiza na Rusama. Nutegekanye ubu kugira uruhara bimwe bishitse.

20 Kubera utegekanya kwongereza igikorwa c’ukwamamaza, woba ukeneye kwongereza igitigiri c’ibinyamakuru uronka biciye kw’ishengero? Mu mwaka wose w’umurimo, turatanga Umunara w’Inderetsi na Réveillez-vous! imisi yose ku wa Gatandatu, Umusi wacu wahariwe Ibinyamakuru. Ariko rero, kubera benshi bazogira uruhara mu murimo w’ubutsimvyi bw’ugufasha kandi twese tukazoshira imbere gutanga ibinyamakuru muri ayo mezi abiri yose, bishobora gukenerwa ko ishengero ryongereza ibinyamakuru risaba. Nimba ari uko, turakwingize ubimenyeshe uwujejwe ibinyamakuru mw’ishengero ryanyu udatevye. Muri ico gihe nyene, uwujejwe ibisohokayandikiro akwiye kuraba neza yuko bose baronse ka gapapuro gafise umutwe uvuga ngo: Woba Ushaka Kumenya Vyinshi ku Vyerekeye Bibiliya?

21 Benshi baraseruye ugukenguruka kubera wa muce wo mu Gikorwa Dukorera Ubwami ufise umutwe uvuga ngo: “Ico Twovuga ku Vyerekeye Ibinyamakuru.” Woba warungukiye kuri iyo ntunganyo mu kwiga uburyo bwo gushikiriza ibinyamakuru bw’akarorero? Ni kuki none utokoresha ico gice mu nyigisho ya Bibiliya y’umuryango mugira ku ndwi ku ndwi kugira ngo mukoreshe ubwo buryo?

22 Niwungukire Kuri Ico Kiringo c’Icibutso: Nk’intumwa Paulo, nimuze tugaragarize Yehova ukuntu dukenguruka cane “ingabire yaduhaye itagira uko yovugwa” mu kugira uruhara bimwe bishitse mu bikorwa vy’impwemu vyategekanijwe muri ico kiringo c’Icibutso. Muri ivyo harimwo (1) kwitaba urubanza ruhambaye kuruta izindi mu mwaka, akaba ari ihimbazwa ry’Imfungurwa z’Umukama zo ku Mugoroba ku musi wa Kane igenekerezo rya 28 Ntwarante 2002; (2) gufasha abahororokewe ngo basubire kuvyura “urukundo rwa[bo] rwa mbere” (Ivyah. 2:4; Rom. 12:11); (3) gusahiriza abana bacu n’abatohoji ba Bibiliya abo ari bo bose bakwije ibisabwa kugira ngo babe abamamaji batarabatizwa; no (4) kujamwo mu gikorwa c’ukwamamaza mu buryo bushitse uko dushoboye kwose, mbere tugakora ubutsimvyi bw’ugufasha muri Ntwarante no mu mezi akurikira.—2 Tim. 4:5.

23 Turasengana ubwira dusaba ngo twese tuzogire uruhara bimwe bishitse mu kwamamaza inkuru nziza y’Ubwami muri ico kiringo c’Icibutso, gutyo tukagaragaza ko dukenguruka rwose ibintu vyose Yehova yatugiriye.

[Box on page 6]

(For fully formatted text, see publication)

Urutonde Wigirira rw’Umurimo wo mu Ndimiro ku bw’Ukwezi kwa Ntwarante 2002

Ku w’Iyinga

Ku wa Mbere

Ku wa Kabiri

Ku wa Gatatu

Ku wa Kane

Ku wa Gatanu

Ku wa Gatandatu

Umusi w’Ibinyamakuru

Umusi w’Ibinyamakuru

Umusi w’Ibinyamakuru

Umusi w’Ibinyamakuru

Umusi w’Ibinyamakuru

Icibutso Izuba Rirenze

Woba ushobora kugira urutonde rw’amasaha 50 yose hamwe kugira ngo ukore ubutsimvyi bw’ugufasha muri Ntwarante?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika