ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 2/03 rup. 3-4
  • Niwamamaze wongere ushinge intahe inogangije

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Niwamamaze wongere ushinge intahe inogangije
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2003
  • Ivyo bijanye
  • Dukwize hose kamere nziza za Yehova
    Igikorwa dukorera Ubwami—2007
  • Umugambi mwiza twokwishingira muri uyu mwaka mushasha w’umurimo
    Igikorwa dukorera Ubwami—2007
  • Woba uzokora ubutsimvyi bwo gufasha?
    Igikorwa dukorera Ubwami—2013
  • ‘Niwamamaze Ijambo ry’lmana mu Buryo Bushitse’
    Igikorwa dukorera Ubwami—2002
Ibindi
Igikorwa dukorera Ubwami—2003
km 2/03 rup. 3-4

Niwamamaze wongere ushinge intahe inogangije

1 Kubera ko Yezu ari “[“indongozi,” NW] na segaba w’amahanga,” yarateguye abigishwa biwe ku bw’igikorwa kinini c’ukwamamaza cari kibarindiriye. (Yes. 55:4; Luka 10:1-12; Ivyak. 1:8) Intumwa Petero yadondoye ico gikorwa Yezu yabashinze muri aya majambo: “Atugera kumenyesha abantu no gushinga intahe [inogangije] kw ari we Imana yashinze kuba Umucamateka w’abariho n’abapfuye.” (Ivyak. 10:42) Gushinga intahe inogangije bisaba iki?

2 Turimbuye akarorero k’intumwa Paulo, turashobora kuhigira vyinshi. Igihe yahura n’abagabo b’inararibonye bo mw’ishengero ry’i Efeso, yabibukije ati: “Murazi yukw ata jambo ribereye nacishije i ruhande kubabgira canke kubigishiriza imbere y’abantu mu nzu no mu yindi. Nashinze intahe [mu buryo bunogangije] mu Bayuda no mu Bagiriki y’ukwi[gay]a mu nyonga z’Imana, n’ukwizera Umwami wacu Yesu Kristo.” Naho Paulo ubwiwe yahuye n’ibigeragezo, yarakoze uko ashoboye kwose kugira abwire inkuru nziza abantu benshi bashoboka. Ntiyamarwa akanyota no kubwira abamwumviriza ukuri kw’ishimikiro gusa, ariko yararondera no kubabwira “ivy’Imana yagabiye vyose.” Ivyo kugira abishikeko, yari yiteguriye kugira akigoro no kwibabaza. Yongeyeko ati: “Simbabaye ubugingo bganje nk’ah’ar’ubg’igiciro, kugira ngo ndangize urugendo rwanje, n’igikorwa nahawe n’Umwami Yesu, co gushingira intahe [inogangije] ubutumwa bgiza bg’ubuntu bg’Imana.”—Ivyak. 20:20, 21, 24, 27, ni twe tubihiritse.

3 Dushobora gute kwigana akarorero ka Paulo muri iki gihe? (1 Kor. 11:1) Mu kurondera abanyamihana babereye naho ubwacu twoba turi mu bigeragezo, mu kwihatira gushikira imigwi y’abantu b’ubwoko bwose n’indimi zose tubashiriye inkuru nziza be no mu gufasha tubigiranye ubwira abantu bashimishwa turonka. (Mat. 10:12, 13) Ivyo bisaba umwanya, akigoro be n’urukundo dufitiye abantu.

4 Woba ushobora gukora uri umutsimvyi mufasha? Ntwarante na Ndamukiza ni amezi ashobora kuzokubera akaryo keza ko gushinga intahe inogangije mu gukora ubutsimvyi bwo gufasha. Ese ukuntu vyari ibiremesha kubona mu mwaka uheze abamamaji benshi baragize akigoro kadasanzwe ko gukora ubutsimvyi bwo gufasha!

5 Hari umuvukanyikazi w’imyaka 80 y’amavuka yari afise ingorane nyinshi z’amagara yakozwe ku mutima n’indemesho ishirahamwe rya Yehova ryatanze. Yanditse ati: “Ivyo vyarakabuye icipfuzo nari maranye igihe kirekire mu mutima wanje, bituma numva ko ntegerezwa gukora ubutsimvyi bwo gufasha n’imiburiburi rindi rimwe.” Yaciye afata ingingo yo kubukora muri Ntwarante. Yavuze ati: “Ica mbere nakoze, naricaye hanyuma ndarimbura ico ivyo vyonsavye. Narabiganiriye n’umukobwa wanje kubera yuko nokeneye ko amfasha. Yarantangaje kubona na we nyene yaciye yuzuza ifomu yo gusaba ubutsimvyi.” Muri ukwo kwezi, uwo muvukanyikazi ageze mu zabukuru yamaze amasaha 52 mu busuku. Avuga ati: “Narasenze Yehova incuro nyinshi ndamusaba ngo angarurire agatege igihe naba numva ko utuguvu twaheze. Ukwo kwezi kurangiye, narumvise mpimbawe cane kandi nshize akanyota, vyongeye narashimiye Yehova incuro zitari nke kubona yaramfashije. Noshima kuzokwongera kugerageza kubukora.” Ivyo bintu biteye agahimbare yiboneye vyoshobora gufasha abandi bipfuza vy’ukuri gukora ubutsimvyi bwo gufasha, naho boba bafise ingorane z’amagara zikomeye.

6 Hari umuvukanyi yahagaritswe mu kazi atari avyiteze yaciye aboneraho akaryo ko gukora ubutsimvyi bwo gufasha. Uko imisi yo muri ukwo kwezi yagenda irengana, ni ko yarushiriza kwumva afitiye umwete igikorwa c’ukwamamaza, maze mu mpera zakwo, yari amaze gutanguza inyigisho nshasha ya Bibiliya. Igihe yazirikana kuri ivyo bintu yiboneye, yavuze ati: “Mbega ukwezi!” Ese akanyamuneza yagize kubona Yehova yaramuhaye ubuyobozi yongera aramufasha! Vyemere, Yehova yaracuncuburiye umuhezagiro uwo muvukanyi kubera akigoro karushirije yagize mu busuku, kandi ni kwo nyene azokugirira nawe.—Mal. 3:10.

7 Ku bamamaji benshi, gukora ubutsimvyi bwo gufasha ntivyoroshe. Yamara, abavukanyi n’abavukanyikazi benshi barashoboye kubukora naho bari bafise ivyo bategerezwa kurangura ku kazi no mu miryango ushizemwo n’ingorane ubwabo bifitiye. Gushinga intahe inogangije akenshi bisaba guheba umwanya wacu w’agaciro n’inguvu zacu, ariko bivamwo imihezagiro ntangere.—Imig. 10:22.

8 Ntwarante na Ndamukiza ni amezi meza cane yo gukora ubutsimvyi bwo gufasha. Muri Ntwarante hari impera z’imishamvu zitanu. Kwamamaza muri izo mpera z’imishamvu hamwe no gukoresha neza amasaha yo ku migoroba vyoshobora gutuma abamara iyindi misi bari ku kazi bakora ubutsimvyi bwo gufasha. Vyongeye, woshobora kuboneraho akaryo ko kwamamaza ku misi mikuru yo mu kwezi kwa Ndamukiza. Bamwe boshobora kuba bari mu buruhuko abandi bari mw’ikonje, ivyo bigashobora gutuma bashitsa ya masaha 50 asabwa. Woba ushobora gukoresha kamwe mu burorero bw’intonde zo gukora ubutsimvyi bwo gufasha zatanzwe muri iki kiganiro kugira wigirire urutonde rw’amasaha 50 uzomara mu busuku muri Ntwarante canke Ndamukiza? Nuganire urutonde rwawe n’abandi; kumbure bamwebamwe bazoremeshwa no kwifatanya nawe mu busuku. Niba udashobora gukora ubutsimvyi bwo gufasha, nugire umugambi urashe wishingira muri ayo mezi, wongere ushigikire abashoboye gukora ubutsimvyi. Niwishingire imigambi ubu yo kwongerereza umwanya uzomara mu murimo mu kwezi kwa Ntwarante na Ndamukiza.

9 Nugaragaze ko uha agaciro Icibutso: Uko umwaka utashe, mu kiringo c’Icibutso, gukenguruka incungu biratuma abenshi ‘bacungura umwanya’ kugira babe abatsimvyi bafasha. (Ef. 5:15, 16, NW) Mu mwaka uheze, mu cibare c’ishami ryacu, abatsimvyi bafasha bari 2.878 muri Ntwarante, muri Ndamukiza na ho bari 2.180. Ni ukuvuga ko incahagati y’abakoze ubutsimvyi bwo gufasha ari 2.529 mu kwezi kumwekumwe kwose muri ayo mezi abiri. Nugereranye iyo ncahagati n’iy’abantu 1.340 bakoze ubutsimvyi bwo gufasha mu mezi y’imbere y’ayo mu mwaka w’umurimo uheze. Ikiringo c’Icibutso cimirije ni akandi karyo keza ko kwerekana ko dukenguruka bimwe bivuye ku mutima incungu Kirisitu yatanze mu kurushiriza gukora cane mu busuku bwo mu ndimiro.

10 Uko igenekerezo rya 16 Ndamukiza ryegereza, nuzirikane ku co Icibutso gisigura kuri wewe. Nuzirikane ku bintu vyashikanye Kirisitu ku gupfa be n’ivyiyumviro vyari biremereye umuzirikanyi wiwe n’umutima wiwe. Nuzirikane kandi ku munezero Yezu yari yarashizwe imbere be n’icamufashije kwihanganira ugufatwa nabi nk’ukwo. Nuzirikane ku kibanza afise ubu co kuba Umutwe w’ishengero, akaba ari na we acungera igikorwa c’ukwamamaza no guhindura abantu abigishwa. (1 Kor. 11:3; Heb. 12:2; Ivyah. 14:14-16) Nuce ugaragaza ko ukenguruka ivyo Kirisitu yakoze vyose, mu kugira uruhara rwose rushoboka mu gikorwa c’ukwamamaza niba ukuntu ivyawe vyifashe bibigushoboza.

11 Nuremeshe abandi gushinga intahe inogangije: Abakurambere n’abakozi b’ishengero bagize uruhara mu murimo w’ubutsimvyi bwo gufasha, bararonka akaryo keza ko kuremesha abandi. Igihe bakorana n’abamamaji mu busuku bwo mu ndimiro be n’igihe bagendera intama cungere, ubwabo baragira uturyo twiza two gufasha abandi kugira uruhara rushitse muri ico gikorwa kidasanzwe. Ese twese twokwama dushira ico gikorwa mu masengesho yacu, gutyo tukaba dutumye utwigoro dushira hamwe two gushinga intahe inogangije dukomera!

12 Naho abakurambere bose n’abakozi b’ishengero bose bazokora bisunga indinganizo ishengero ryagize zo gukora cane mu kwezi kwa Ntwarante n’ukwa Ndamukiza, umucungezi w’umurimo ni we canecane akwiye kwitwararika ibijanye n’ukuringaniza igikorwa c’ukwamamaza. Akwiye gutegekanya ibibanza, imisi be n’umwanya amakoraniro y’umurimo wo mu ndimiro azoberako vyokworohereza abamamaji benshi kandi ivyo bikaza biratangazwa. Arashobora kuringaniza ivy’uko haba ibihe bitandukanye vy’uguhurirako ku musi, ivyo bigatuma abo mw’ishengero bose baronka akaryo ko kugira uruhara mu buryo butandukanye bwo gushinga intahe. Ubwo buryo butandukanye bwo gushinga intahe bushobora kuba burimwo, kwamamaza mu bibanza vy’ubucuruzi, gushinga intahe kw’ibarabara, kwamamaza inzu ku nzu, gusubira kugendera abo twayaze hamwe no gushinga intahe biciye kuri terefone aho bishoboka. Vyongeye, akwiye gutegekanya yuko haba ibisohokayandikiro vyinshi, ibinyamakuru vyinshi be n’icibare co kwamamazamwo muri ayo mezi.

13 Muri Ntwarante tuzoshikiriza igitabu Ubumenyi dufise umugambi wo gutanguza inyigisho za Bibiliya. Amagirenama meza y’uburyo bwo gushikiriza igitabu Ubumenyi ari mu nyongera y’Igikorwa Dukorera Ubwami co muri Nzero 2002. Muri Ndamukiza tuzoshikiriza ibinyamakuru Umunara w’Inderetsi na Réveillez-vous! Nugerageze gukoresha uburyo bwo gutanguza ikiganiro bwatanzwe, buboneka mu Gikorwa Dukorera Ubwami ahavuga ngo “Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru.” Bose bakwiye gufata umwanya wo kwitegura neza kugira bashinge intahe inogangije.

14 Ese ukuntu ari umuhezagiro kuri twebwe kubona dukora tuyobowe n’Umutwe w’ishengero ari we Kirisitu Yezu, no kubona dufise agateka ko kubwira abandi inkuru nziza! Uko ukwezi kwa Ntwarante n’ukwa Ndamukiza kwegereza, nimuze twongere twihatire gutuma ayo mezi atubera amezi meza ntangere mu gihe tugamburuka itegeko rya Kirisitu ryo kwamamaza no gushinga intahe inogangije.

[Box on page 4]

Uburyo butandukanye bwo kugira urutonde rwo gukora ubutsimvyi bwo gufasha muri Ntwarante na Ndamukiza 2003

Umusi Amasaha

Ku wa Mbere 1 2 — — 2 —

Ku wa Kabiri 1 — 3 — — —

Ku wa Gatatu 1 2 — 5 — —

Ku wa Kane 1 — 3 — — —

Ku wa Gatanu 1 2 — — — —

Ku wa Gatandatu 5 4 3 5 6 7

Ku w’Iyinga 2 2 3 2 2 3

Ntwarante 56 56 54 55 50 50

Ndamukiza 50 50 51 53 — —

Hoba hari rumwe muri izo ntonde ruzogushobokera?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika