ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 2/03 rup. 5
  • Imfashanyo mu gihe kibereye

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Imfashanyo mu gihe kibereye
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2003
  • Ivyo bijanye
  • Ntukibagire abahororokewe
    Igikorwa dukorera Ubwami—2007
  • Akumba k’Ibibazo
    Igikorwa dukorera Ubwami—2000
  • “Nimungarukeko”
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2020
  • Nubafashe bagaruke mu maguru masha!
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
Ibindi
Igikorwa dukorera Ubwami—2003
km 2/03 rup. 5

Imfashanyo mu gihe kibereye

1 Igihe intumwa Petero yabona ko abo basangiye ukwizera bakeneye gukomezwa, yaciye yumva avyuriwe umutima wo kubaha ivyibutswa be n’indemesho biranga urukundo. (2 Pet. 1:12, 13; 3:1) Yahimirije ‘abari barahawe ukwizera’ kuguma batsimbataza kamere zo mu vy’impwemu kugira ngo ntibacike “abanyabute cank’ingumba ku vyo kumenya neza Umwami wacu Yesu Kristo.” (2 Pet. 1:1, 5-8) Intumbero Petero yari afise, yari iyo kubafasha gutuma badakekeranya ihamagarwa be n’ugutoranywa bari bararonse bivuye kuri Yehova, kugira ngo bashobore ‘kuzosangwa mu mahoro, batagira ikirabagu, batariko umugayo.’ (2 Pet. 1:10, 11; 3:14) Kuri benshi, iyo ndemesho yari imfashanyo ije mu gihe kibereye.

2 Muri iki gihe, abacungezi bakirisu baritwararika abasavyi b’Imana muri mwene ubwo buryo nyene. Muri ibi “bihe bigoye,” abasavyi ba Yehova batari bake bategerezwa kunyinyana n’ibintu bitoroshe. (2 Tim. 3:1) Kubera ingorane z’amahera, zo mu muryango, canke izo usanga umuntu yifitiye, bamwebamwe boshobora kwumva bamerewe nk’uku Dawidi yumvise amerewe, igihe yavuga ati: “Ivyago vy’isinzi binkikije irya n’ino, ivyo nagabitanije bi[ra]mpambije, nkaba ntabasha kubona. Birengeye umushatsi wo ku mutwe wanje; umutima wanje wamvuyemwo.” (Zab. 40:12) Iyo mikazo ishobora kuba ikomeye cane ku buryo abantu nk’abo bofata minenegwe ibintu vyo mu vy’impwemu hanyuma bakareka kugira uruhara mu busuku bwa gikirisu. Yamara, naho bari mu ngorane, ‘ntibibagiye amabwirizwa ya Yehova.’ (Zab. 119:176) Iki ni co gihe kibereye c’uko abakurambere baha abantu nk’abo imfashanyo bakeneye.—Yes. 32:1, 2.

3 Kugira batange iyo mfashanyo ikenewe, abakurambere bararemeshejwe kugira akigoro kadasanzwe ko gusahiriza abatariko baragira uruhara mu gikorwa c’ukwamamaza. Ubu hariko haragirwa akigoro gakomeye ko kurangura ico kintu kandi kazobandanya gushika mu mpera z’ukwezi kwa Ntwarante. Abacungezi b’Inyigisho y’Igitabu barasabwa kugendera abahororokewe kugira babasahirize mu buryo bw’impwemu, bafise intumbero yo kubafasha kugira ngo basubire gukora bifatanije n’ishengero. Aho bikenewe, hoshobora kuringanizwa ko umuntu agirirwa inyigisho ya Bibiliya. Abandi bamamaji boshobora gusabwa gusahiriza. Niba usabwe gusahiriza uwahororokewe, utwigoro twawe tuzoshobora kuba ngirakimazi, canecane mu gihe utanga indemesho ubigiranye umutima mwiza, kandi ukazitanga mu buryo buranga ko umutahura.

4 Bose barafise imvo yotuma banezerwa igihe umuntu asubiye gukora yifatanije n’ishengero. (Luka 15:6) Utwigoro tugira kugira ngo dufashe abahororokewe, twoshobora mu vy’ukuri kuba “ijambo rivuzwe mu buryo bubereye.”—Imig. 25:11.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika