Woba uzokora ubutsimvyi bwo gufasha?
1. Ni kubera iki mu kiringo c’Icibutso ari igihe ciza co kwagura ubusuku bwacu?
1 Mu kiringo c’Icibutso usanga ari igihe ciza co kwagura ubusuku bwacu. Kiba ari igihe co kuzirikana ku rukundo rukomeye Yehova yagaragaje mu gutanga Umwana wiwe ngo abe incungu. (Yoh. 3:16) Ivyo biratuma umutima wacu wuzura ugukenguruka kandi biratuma icipfuzo dufise co kubwira abandi ivyerekeye Yehova be n’ivyo ariko arakorera abantu kirushiriza gukomera. (Yes. 12:4, 5; Luka 6:45) Kiba kandi ari igihe c’isekeza ridasanzwe ryo gutumira abo tuzinanyi be n’abandi bantu bo mu cibare ngo bazoze kwifatanya natwe ku Cibutso. Mu nyuma, duca twihatira gutsimbataza ugushimishwa kw’abitavye Icibutso. Woba uzokwagura ubusuku bwawe mu gukora ubutsimvyi bwo gufasha muri Ntwarante, Ndamukiza canke muri Rusama?
2. Ni igiki gituma ukwezi kwa Ntwarante kuba ukworoshe cane gukoramwo ubutsimvyi?
2 Nutume ukwezi kwa Ntwarante kuba ukudasanzwe: Ukwezi kwa Ntwarante kuzoba kworoshe cane gukoramwo ubutsimvyi bwo gufasha. Abazosaba ubutsimvyi bazohitamwo gushitsa amasaha 30 canke amasaha 50. Urugendo rw’umucungezi w’umuzunguruko rubaye muri Ntwarante, abatsimvyi bafasha bazoshobora kwitaba inama yose umucungezi agirana n’abatsimvyi basanzwe be n’abadasanzwe. Ikiringo c’isekeza ryo gutanga ubutumire bw’Icibutso, ico Cibutso kikaba kizoba ku wa kabiri igenekerezo rya 26 Ntwarante 2013, carongerejwe ugereranije no mu myaka iheze; iryo sekeza rizotangura ku wa 1 Ntwarante. Vyongeye, ukwezi kwa Ntwarante gufise impera z’imishamvu zitanu zuzuye. Ubona gute urimbuye ata gufyina nimba uzogira uruhara mu gutuma ukwo kwezi kuba ukudasanzwe muri uwo mwaka?
3. Twotunganya ibintu gute kugira ngo twongerereze umwanya tumara mu busuku?
3 Niwitegure guhera ubu: Iki ni co gihe co kwihweza urutonde rwawe ukaraba ibintu bikenewe guhindurwa kugira ngo uzoshobore gukora ubutsimvyi. Ugusenyera ku mugozi umwe kw’abagize umuryango kurahambaye; rero, nimufate akanya kuri wa mugoroba uhariwe Ugusenga kwo mu muryango muganire imigambi umuryango wanyu ufise, mwongere mwishingire urutonde. (Imig. 15:22) Niba udashoboye gukora ubutsimvyi bwo gufasha, ntucike intege. Woba woshobora kugira ivyo uhinduye ku rutonde rwawe kugira ngo wongerereze umwanya wari usanzwe umara mu busuku mu misi uba wagiye mu ndimiro? Ku misi ufise yo kuja mu busuku buri ndwi, woba woshobora kwongerako uwundi umwe?
4. Ni ivyiza ibihe bizova ku kurushiriza gukora cane muri Ntwarante, Ndamukiza na Rusama?
4 Uko tuzorushiriza gukora cane muri Ntwarante, Ndamukiza na Rusama, ni ko tuzorushiriza kugira umunezero uva ku gusukurira Yehova no ku kugira ivyo duhaye abandi. (Yoh. 4:34; Ivyak. 20:35) Igihambaye kuruta, utwigoro tugira turanga ukwitanga tuzotuma Yehova anezererwa.—Imig. 27:11.