Nutume iki kiringo c’Icibutso kiba igiteye akanyamuneza!
1. Uburyo bumwe bwo kwongereza akanyamuneza kacu mu kiringo c’Icibutso ni ubuhe?
1 Woba woshima kwongereza akanyamuneza kawe muri Ntwarante, Ndamukiza na Rusama? Uburyo bumwe bwo kubigira ni ukwagura ubusuku bwawe maze, nimba bishoboka, ugakora ubutsimvyi bwo gufasha. Ni gute ivyo bizokwongereza akanyamuneza kawe?
2. Ni gute kwagura ubusuku bwacu bizotuma turushiriza kugira akanyamuneza?
2 Niwongereze akanyamuneza kawe: Yehova yaturemanye ubushobozi bwo kwumva akanyamuneza be n’ugushira akanyota biva ku kumusenga igihe duhaza ivyipfuzo tuvukana vyo gukenera ivy’impwemu. (Mat. 5:3) Yaturemye kandi ku buryo dushobora kuronkera agahimbare mu gutanga. (Ivyak. 20:35) Ubusuku buratuma dushobora gukora ivyo bintu vyompi: Gusenga Imana no gufasha abantu. Birumvikana ko kurushiriza kugira uruhara mu busuku bituma turushiriza kugira akanyamuneza. Vyongeye, uko turushiriza kwamamaza, ni ko turushiriza kuba abahanga. Uko tugira ubuhanga, ni ko turushiriza kubona ko tubishoboye gutyo ubwoba dufise bukagabanuka. Tuzoronka uturyo twinshi two gushinga intahe be n’utwo gutanguza inyigisho za Bibiliya. Ivyo vyose bituma ubusuku burushiriza gutera akanyamuneza.
3. Ni kubera iki amezi ya Ntwarante na Ndamukiza azoba canecane ari amezi meza yo gukora ubutsimvyi bwo gufasha?
3 Amezi ya Ntwarante na Ndamukiza azoba canecane ari amezi meza yo gukora ubutsimvyi bwo gufasha, kubera ko tuzoshobora guhitamwo gukora amasaha 30 canke 50 asabwa. Vyongeye, kuva ku wa gatandatu igenekerezo rya 22 Ntwarante gushika ku Cibutso ku wa mbere igenekerezo rya 14 Ndamukiza, tuzogira uruhara mw’isekeza riteye umunezero ryo gutumira abandi ku Cibutso. Amashengero azokwuzura umunezero kubera ko benshi bazoba bariko barakora “bahuje inama” kugira ngo bakorere mu cibare kinini gishoboka mu mwanya wagenywe.—Zef. 3:9.
4. Niba twipfuza gukora ubutsimvyi bwo gufasha, ni igiki dukwiye gukora?
4 Niwitegure ubu: Niba utarabigira, nufate umwanya wihweze urutonde rwawe maze urabe ivyo wohindura kugira ngo ushobore kwagura ubusuku bwawe mu kwezi kumwe canke kurenga. Nubishire mw’isengesho. (Yak. 1:5) Nubiganire n’abo mu muryango wawe be n’abandi bo mw’ishengero. (Imig. 15:22) Woshobora kubona ko naho ufise ingorane z’amagara canke ufise vyinshi ukora, na wewe nyene ushobora kugira akanyamuneza kava ku gukora ubutsimvyi bwo gufasha.
5. Nitwagura ubusuku bwacu muri iki kiringo c’Icibutso, bizovamwo iki?
5 Yehova ashaka ko abasavyi biwe bagira umunezero. (Zab. 32:11) Twihatiye kwagura ubusuku bwacu muri iki kiringo c’Icibutso, ntibizokwongereza gusa akanyamuneza kacu ariko kandi bizotuma Dawe wa twese wo mw’ijuru anezerwa.—Imig. 23:24; 27:11.