Urutonde rwo ku ndwi itangura ku wa 17 Ruhuhuma
INDWI ITANGURA KU WA 17 RUHUHUMA
Ururirimbo rwa 15 n’isengesho
Inyigisho ya Bibiliya y’ishengero:
cl ikig. 3 ing. 1-10 (Imin. 30)
Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi:
Igisomwa ca Bibiliya: Itanguriro 29-31 (Imin. 10)
No. 1: Itanguriro 29:21-35 (Imin. 4 canke idashika)
No. 2: Noba ngeze kurondera uwo dukundana?—yp2 rup. 14-20 (Imin. 5)
No. 3: Igihe co guhagarika ubugenzi—lv rup. 34 ing. 19–rup. 35 ing. 21 (Imin. 5)
Ikoraniro ry’umurimo:
Imin. 10: Niwamamaze ubigiranye igishika. Ikiganiro c’uguhana ijambo n’abumviriza gishingiye ku gitabu Ishure ry’Ubusuku, kuva ku rupapuro rwa 118, ingingo ya 1, gushika ku rupapuro rwa 119, ingingo ya 5.
Imin. 5: Woba uriko urakoresha umuhora wa jw.org mu busuku bwawe? Ikiganiro c’uguhana ijambo n’abumviriza. Nusabe abumviriza bavuge ibintu vyiza biboneye igihe bariko barakoresha jw.org mu busuku. Nuremeshe abumviriza kumenyesha abantu umuhora wa jw.org igihe cose habonetse akaryo keza.
Imin. 15: “Nutume iki kiringo c’Icibutso kiba igiteye akanyamuneza!” Ibibazo n’inyishu. Nusabe abariko baritegurira gukora ubutsimvyi kandi bafise ingorane z’amagara canke bafise vyinshi bakora bavuge ivyo bategekanya kuzohindura kugira ngo bagure umurimo wabo. Igihe mwihweza ingingo ya 3, nusabe umucungezi w’umurimo avuge intunganyo zagizwe aho iwanyu ku bw’amakoraniro yo gusohoka mu busuku bwo mu ndimiro muri Ntwarante, Ndamukiza na Rusama.
Ururirimbo rwa 8 n’isengesho