Turyohore ubuhanga bwacu mu busuku—Kwandika ibijanye n’abashimishijwe
“Wame wiyubara ubwawe no ku nyigisho yawe.” (1 Tim. 4:16) Iyo mpanuro yahumetswe intumwa Paulo yahaye Timoteyo irerekana ko, twaba turi bashasha canke tumaze igihe, dukwiye kwihatira kuguma dutera imbere. Mu kudufasha kubigira, hari ibiganiro bifise umutwe uvuga ngo “Turyohore ubuhanga bwacu mu busuku” bizoza birasohoka mu Gikorwa dukorera Ubwami. Buri kiganiro kizoza kiraca irya n’ino ikintu gihambaye twotsimbatazamwo ubuhanga, congere gitange ivyiyumviro vy’ukuntu twobigira. Mu kiringo c’ukwezi, twese turemeshwa kwitwararika bimwe bidasanzwe ico kintu. Ukwezi kurangiye, hari ikiganiro co mw’Ikoraniro ry’umurimo kizoduha akaryo ko kuvuga ukuntu twungukiye ku kwihatira gushira mu ngiro ico kintu. Muri uku kwezi turemeshwa kwitwararika ivyerekeye kwandika ibijanye n’abashimishijwe.
Igituma bihambaye: Kugira ngo dushitse igikorwa twashinzwe, dutegerezwa gukora n’ibindi uretse kwamamaza. Dutegerezwa gusubira kuraba abagaragaje ugushimishwa kugira tubigishe, tukavomera imbuto z’ukuri twateye. (Mat. 28:19, 20; 1 Kor. 3:6-9) Ivyo bisaba ko dusubira kuronka uwo muntu, tukaganira ibimuraje ishinga tukongera tukubakira ku kiyago tuba duheruka kugiranira. Ku bw’ivyo, igihe turonse umuntu ashimishwa, birahambaye ko twandika ibimwerekeye.
Muri uku kwezi nugerageze iki kintu:
Igihe uriko urandika, nubwire abo muriko murakorana ivyo uriko urandika.