ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 4/00 rup. 8
  • Raba Neza Ko Usubirayo!

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Raba Neza Ko Usubirayo!
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2000
  • Ivyo bijanye
  • Gusubira kugendera abantu bishikana ku nyigisho za Bibiliya
    Igikorwa dukorera Ubwami—2003
  • Nufashe abari “mu mero nziza y’umutima”
    Igikorwa dukorera Ubwami—2003
  • Turyohore ubuhanga bwacu mu busuku—Kwandika ibijanye n’abashimishijwe
    Igikorwa dukorera Ubwami—2014
  • Ni ryari twosubira kugendera abashimishijwe?
    Igikorwa dukorera Ubwami—2009
Ibindi
Igikorwa dukorera Ubwami—2000
km 4/00 rup. 8

Raba Neza Ko Usubirayo!

1 “Mbega ikiyago ciza! Aho hantu ntegerezwa kuzokwibuka gusubira kuhagendera.” Woba urigera uvuga ayo majambo ariko rero mu nyuma ugasanga wibagiye aho nya muntu aba? Nimba ari uko biri, urazi yuko uburyo bumwe rudende ushobora kuraba neza ko usubirayo ni ukuvyandika.

2 Vyandike Vyose: Igihe ucibuka neza mu muzirikanyi ikiyago wagiraniye n’umuntu yashimishijwe, nufate akanya ko kwandika amakuru yose ari n’ico avuze yerekeye uwo muntu wagendeye. Niwandike izina ry’uwo muntu hamwe n’ukuntu uzomwibuka. Niwandike aderese yiwe, ariko ntupfe gutomboza, ahubwo nusuzume neza yuko ivyo wanditse ari ivy’ukuri. Niwandike ikibazo mwaganiriyeko, ivyanditswe mwoba mwarasomye, hamwe n’igisohokayandikiro wamusigiye.

3 Nimba usigiye uwo muntu ikibazo kizokwishurwa ugarutse, nucandike. Woba hari ikintu wamenye kuri uwo muntu, umuryango wiwe, canke idini arimwo? Nimba ubizi, na vyo nuvyandike. Maze niwagaruka hanyuma, niwabicishamwo bizogaragaza ukuntu witwararika nya muntu. Amaherezo, nushiremwo umusi hamwe n’umwanya wagiriyeko kumuraba ubwa mbere, hamwe n’umwanya wavuze ko wogarukirako. Ugize utwo uza urandika neza, uzogira ibikwibutsa bitomoye kandi bisa n’uko uzosanga wibagira buhoro umuhango watanze wo kugaruka.—1 Tim. 1:12.

4 Igihe urangije kwandika, nushire ako wanditseko hamwe n’ibindi bikoresho vyawe vy’umurimo wo mu ndimiro, ni ukuvuga agasakoshi k’ibitabu, Bibiliya, igitabu Comment raisonner, hamwe n’ibindi bisohokayandikiro, ku buryo kazokwama nantaryo kakuri hafi. Birarushiriza kuba vyiza cane igihe wanditse abatahari ku gapapuro k’utwandiko tw’inzu ku nzu dutandukanye n’utwo ukoresha igihe wanditse ivy’abo uzosubira kugendera. Birumvikana ko turetse ivyo kutibagira gusubira kuraba abo mwaganiriye, ikintu gihambaye ni ukuraba neza ko usubirayo!

5 Niwiyumvire Ivyerekeye uwo Muntu: Mu gihe witegurira kuja mu gikorwa, niwihweze ivyo wanditse ku bo uzosubira kugendera. Nuzirikane umuntu wese be n’uburyo bworushiriza kuba bwiza wokoresha bwo kumuganiriza igihe ugarutse kumugendera. Niwiyumvire ukuntu wotsimbataza ugushimishwa kw’uwo muntu kukavamwo inyigisho ya Bibiliya yo ku muhana. Mwene ukwo gutegekanya ibintu kurashobora kwongereza umwimbu wawe nk’umukozi w’inkuru nziza, kandi gutyo ukahikurira umunezero.—Imig. 21:5a.

6 Nuko rero hanyuma niwabona uwugutega ugutwi, ntiwibwire yuko ushobora kuzokwibuka kumugendera ata ngorane. Ahubwo nuvyandike, wiyibutse ivyo wanditse, ugume wiyumvira ivyerekeye uwo muntu, hanyuma maze urabe neza ko usubirayo!

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika