ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 11/09 rup. 1
  • Ni ryari twosubira kugendera abashimishijwe?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ni ryari twosubira kugendera abashimishijwe?
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2009
  • Ivyo bijanye
  • Gusubira kugendera abantu bishikana ku nyigisho za Bibiliya
    Igikorwa dukorera Ubwami—2003
  • Turyohore ubuhanga bwacu mu busuku—Gucira inzira isubirayo
    Igikorwa dukorera Ubwami—2014
  • Ukwitegura ni ntahara kugira umuntu agire amasubirayo ari n’ico avamwo
    Igikorwa dukorera Ubwami—2008
  • Nufashe abari “mu mero nziza y’umutima”
    Igikorwa dukorera Ubwami—2003
Ibindi
Igikorwa dukorera Ubwami—2009
km 11/09 rup. 1

Ni ryari twosubira kugendera abashimishijwe?

1. Kugira ngo duhindure abantu abigishwa, bisaba iki?

1 Kugira ngo duhindure abantu abigishwa, bisaba ko dusubira kugendera umuntu wese yerekanye ko yipfuza kumenya ibijanye n’intunganyo Yehova yashizeho yerekeye Ubwami. (Mat. 28:19, 20) Umwanya mwiza kuruta iyindi myanya yose wo kugira isubirayo, akenshi uvana n’urutonde dufise hamwe n’urwo uwo yashimishijwe afise. None ni kubera iki dukwiye gusubira kumugendera ata gihe kinini kirahaca tumugendeye ari bwo bwa mbere?

2, 3. Ni kubera iki dukwiye kugerageza gusubirayo vuba bishoboka?

2 Ni kubera iki twosubirayo tudatevye? Igikorwa co kwamamaza “iyi nkuru nziza y’ubwami” kiri hafi cane kurangira, kandi umuhero w’ivy’iyi si uregereje. (Mat. 24:14; 1 Pet. 4:7) Ku bw’ivyo, kubera yuko abashimishwa bagishobora kwibonera “umusi w’ubukiriro,” dutegerezwa kwitaba akamo duterwa ko ‘kwamamaza rya jambo tuvyihatira,’ ivyo na vyo bikaba birimwo ugusubira kubagendera vuba bishoboka kugira ngo dutsimbataze ugushimishwa baba bagaragaje.—2 Kor. 6:1, 2; 2 Tim. 4:2.

3 Shetani aripfuza cane kurandura imbuto z’Ubwami izo ari zo zose twoshobora kubiba mu mutima w’umuntu ashimishwa. (Mrk. 4:14, 15) Akenshi usanga ababa bagaragaje ko bashimishwa batyekezwa n’abo mu muryango, abo bakorana be n’abandi. Gusubirayo ningoga biradushoboza kwubakira ku kiyago tuba twagiraniye ubuheruka imbere y’uko abandi batuma ako gasase k’ugushimishwa kadegera. Kubera yuko uwo muntu aba acibuka ikiyago tuba duherutse kugirana, bica vyoroha cane ko twubakira ku kiganiro twatanguriyeko.

4. Igihe tugendeye umuntu ari bwo bwa mbere, twoshobora gute gucira inzira ivyo gusubira kumugendera?

4 Nutange isango: Imbere y’uko mutandukana n’uwo ugendeye ari bwo bwa mbere, biraba vyiza cane utunganije ivyo kuzogaruka. Nuvyure ikibazo uzokwishura ugarutse. Birakenewe ko ivyo bintu ubishira muri ntibate. Nimba urutonde rwawe rubigukundira, woshobora kumusaba ukagaruka bukeye canke vuba cane inyuma y’aho. Nimba uwashimishijwe umugendeye ubwa mbere ku mpera y’umushamvu kandi akaba mu ndwi hagati aba ariko arakora, kumbure arashobora kwemera ko usubira kumugendera ku mpera y’umushamvu ukurikira. Igihe utanze isango, uraraba neza ntubeshe.—Mat. 5:37.

5. Ugusubirayo tudatevye bizodufasha gute gushitsa igikorwa Yezu yadushinze co guhindura abantu abigishwa?

5 Turi n’imvo zumvikana zo gusubira kugendera vuba bishoboka ababa bashimishijwe. Ku bw’ivyo, nidutange isango maze tugaruke vuba, kubera ko “igihe gisigaye [ari] kigufi.” (1 Kor. 7:29) Uko turushiriza kugendera vuba abashimishwa n’ubutumwa bw’Ubwami, ni na ko biba bishoboka yuko utwigoro twacu turushiriza kuvamwo ivyiza.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika